Jimbere

ikirundi French English
Inkuru zo mu Karere

Amakuru yaranze akarere ka EAC kuva ku wa 19 Ruhuhuma gushika ku wa 26 Ruhuhuma 2024

Kenya havugwa intwazangabo mu giporisi yo mu ntara ya Kirinyaga  yahagaritswe izira kudandaza inzoga zifise umwambiro mwinshi cane zo mu bwoko bwa Liqueur kandi bitemewe n’amategeko. Nkuko vyashikirijwe n’uwurongoye igiporisi mu ntara ya Kirinyaga Hussein Allasow, iyo ntwazangabo yabaye irashirwa mw’ibohero mu kurindira ko urubanza rucika kuri uno wa kane itariki 29 Ruhuhuma 2024. Iyo ntwazangabo rero mu guca inyuma ayo mategko yo kugurisha inzoga zitemewe n’amategeko yabikorera mu nzu y’ubunywero n’inzu z’uburaro (Guest House) iri iruhande y’isoko ya Ithare Trading Center. Ivyo bibaye inyuma yaho uburongozi bwo muri iyo ntara ya Kirinyaga bufatiye ingingo kuwa 19 Ruhuhuma 2024  yo kwugara inzu z’ubunywero zose zitanga inzoga zo mu bwoko bwa liqueur kugira habanze gusuzumwa ko aho bakorera hasa neza kandi n’izo nzoga zitosinzikaza amagara y’abanyagihugu. Izindi nzu 4 z’ubunywero z’intwazangabo zitanga ivyo binyobwa vyo mu bwoko bwa Liqueur mu karere ka Ngurubani  nabwo nyene buramaze kwugarwa kuva iyo ngingo ishizwe mu ngiro. Umwe mu bashingamateka batowe muri ubwo burere Rigathi Gachagua yabwiye intwazangabo zaho ko zohitamwo kimwe mu gucungera umutekano canke gukora urudandaza rw’inzoga. Inkuru tuyikesha the-star.co.ke

Uganda havuzwe uburaro bw’abanyeshure bo kw’ishure rito rya Creamland Primary School bwahiye buratokombera, ariko ntawahasize ubuzima.

Ivyo vyabaye kuwa 23 Ruhuhuma 2024 aho abanyeshure bari kuri iryo shure bariko barafungura ivyo mw’ijoro aho babona urubeya runini rwaduka ahasanzwe hari uburaro bwabo. Amakuru yatanzwe n’ikinyamakuru NilePost avuga ko atanumwe yahasize ubuzima canke ahakomerekere ariko ko vyinshi vyari muri ubwo buraro vyahononekariye. Diana Nduwala, umuvugizi w’igiporisi muri ako gace, avuga ko bataramenya icatumye uwo muriro waduka kandi bataramenya agaciro k’ukuri k’ivyononekaye uko kangana. Havugwa ko ama miriyoni y’amashilingi y’amafanga akoreshwa muri Uganda ariyo ashobora kuba yarononekariye muri uwo mucanwa. Muri ubwo buraro bwa Creamland Primary School hari hariyo abanyeshure 18.

Tanzania abanyagihugu babandanya bidogera uburongozi bwabo ko bamaze iminsi bataronka isukari, amazi n’umuyagankuba nkuko vyari bikwiye. Jakaya Kikwete yahoze arongoye ico gihugu  (kuva 2005-2015) asaba aba Tanzania kubandanya bizera umukuru w’igihugu cabo kuko ari ku kivi.

Ivyo Jakaya Mrisho Kikwete yabishikirishe ku wa 21 Ruhuhuma 2024, igihe hariko haraterwa umukono wo kwubaka ibindi bigo 21 vya Kaminuza ya Dar es Salaam, asanzwe arongoye. Kikwete yashimiye Samia Suluhu ku kungene ariko aritwara muri ivyo bihe bitoroshe mu kuronderera inyishu kuri ivyo bibazo bihanze abatanzaniya. Yagize ati:  »Duhiriwe duhishije kuko dufise umurongozi ahagarara bwuma mu gihe haje ibibazo akabanguka kubitorera inyishu, ivyo biraheza bigahumuriza abanyagihugu. Hamwe yoca agira ubwoba, twebwe abanyagihugu naho twoca tugira ubwoba burenze ». Ivyo vyose Jakaya Kikwete abivuze inyuma yaho bamwe mu banyatanzaniya batanguye kugaragaza akababaro kubona hariko haribonekeza ibura ry’ibintu vya nkenerwa muri iki gihe aho cane cane twovuga amazi, umuyagankuba hamwe n’isukari. Iyo nkuru uyisanga kuri Mwanaanchi News Paper

RDC Muri ico gihugu bariyamiriza amasezerano hagati y’Urwanda n’ibihugu vy’ubumwe bwa buraya yerekeye ivy’amabuye y’agaciro azova mu Rwanda, RDC ivuga ko ubwo butare atabuhari mu Rwanda ahubwo ari ubuzokwibwa mu gihugu cabo hama bugurishwe n’Urwanda.

Ivyo vyashikirijwe na Christophe Lutundula, umushikiranganji w’Ububanyi n’imigenderanire ya RDC aho yagize ati:  »Urwanda nta mabuye y’agaciro ahurumbirwa cane nka Cobalt, Coltan, Lithium na Nobium rufise kuko biri mu cigwa n’amatohoza yakozwe n’inzego za RDC n’ababunyoye mu bijanye  no kurondera ahari amabuye y’agaciro. Ahubwo ayo mabuye y’agaciro ari muri RDC. Kubona hagiyeho amasezerano hagati y’ibihugu vy’Ubumwe bwa buraya n’Urwanda ntakindi bigamije atari kubandanya bibangamira umutekano mu karere k’ubuseruko bwa RDC narirya ariho hasanzwe haca ubutare bw’ubwibano ». Mu Rwanda naho barahakana ivyo bagirizwa, bakavuga ko igihugu cabo  naco gisanzwe gifise isi iriko amabuye y’agaciro ku bwinshi nka Casiterite, coltan, Wolfram, Zahabu.

Jutta Urpilainen, umurongozi w’ubwo bumwe bwa buraya araba ibijanye n’imigenderanire mu makungu amenyesha ko ayo masezerano azotuma agaciro k’ubwo butare buduga. Nk’uko vyanditswe na BBC, UE yasohoye urwandiko ivuga ko muri ayo masezerano harimwo ukurwanya urudandazwa rw’amabuye y’agaciro atemewe n’amategeko.

Rwanda harashizwe ahabona kazinduzi izofasha mu bikorwa vyo mu gisata c’ubutunzi.

Iyo kazinduzi yerekanywe ku wa 21 Ruhuhuma 2024 mu ntumbero yo gufasha abakunze kwitiza amajambo avuye mu zindi ndimi bariko baravuga ibijanye n’ubutunzi, urudandazwa n’ibindi.  Iyo kazinduzi yashizwe ku mugaragaro n’uwurongoye ikigo kiraba akaranga na kahise ko muri ico gihugu (Rwanda Cultural Heritage Academy, RCHA). Muri iyo kazinduzi harimwo amajambo agera ku 2745 ari mu mpapuro 259. Mu gutora amajambo aja muri iyo kazinduzi barabiye ku yakunzwe gukoreshwa ahakoranira abantu benshi nko mu masoko, mu mabarabara, mu bibuga vy’imipira, inyubako n’ibindi. Umwe mu barongozi b’ico kigo ca RCHA, Diogène Musabayezu, yavuze ko ururimi rw’ikinyarwanda rutazozimangana mu gihe Abanyarwanda bazoba bagihari. Ahubwo urwo rurimi ruzobandanya gushimangirwa kandi yizeye ko ruzovugwa henshi hashoboka. Ahamagarira Abanyarwanda kwama barubungabunga no kurukoresha cane atibagiye Abanyarwanda baba hanze y’igihugu. Inkuru yanditswe na The New Times Rwanda

Sabikanya kuri
Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

To Top