Jimbere

ikirundi French English
Inkuru zo mu Karere

Amakuru yaranze akarere ka EAC mw’iyinga ryo kuva ku wa 18 gushika ku wa 24 Kigarama 2023

Abanyarwanda bivuza ingwara zo mu mutwe birwije na kabiri, mu myaka 5 iheze

Abitura amavuriro bashaka kwivuza ingwara zo mu mutwe bagenda barushaho kuba benshi, ahanini biturutse ku ngorane zitandukanye z’ubuzima zirimo ingaruka z’ikiza ca Covid-19 n’ibindi bibazo bifatiye ku buzima bw’abantu.

Ibiharuro vy’ikigo c’igihugu kiraba ivy’amagara, RBC, bigaragaza ko mu 1994 aho ihonya bwoko ryakorerwa abatutsi, abantu bagera kuri 74,9% bashikiwe n’imiburiburi n’igikorwa kimwe cateye ihungabana, harimwo no kuba umuntu wo mu muryango wawe apfa. Gusa muri abo 80% barabikize, mu gihe 20% bagihura n’ibibazo vy’ihungabana.

Ubu mu bigo vy’amavuriro 510 biri mu Rwanda, ibigera ku 400 bifise n’imiburiburi umukozi umwe ujejwe kwitaho amagara yo mu mutwe y’abanyagihugu bahivuriza, nkuko vyandikwa n’ikinyamakuru Igihe .

Ikigo c’igihugu RBC cerekana ko mu myaka itanu iheze, abagwayi bituye amavuriro bashaka ubuvuzi bwo mu mutwe birwije hafi na kabiri kuva mu mwaka wa 2018/2019 kugeza mu 2022/2023. Mu 2018/2019, abantu bari basanzwe bakenera ubuvuzi bwo mu mutwe bari 192.104, mu gihe bashasha bivuje bari 34.027. Mu 2022/2023, abantu bashasha bagiye kwivuza kubera ibibazo vyo mu mutwe bari 42.213, na ho abari abagwayi basanzwe bahawe ubuvuzi imbere bari 350.907.

Mu gihugu hose, abantu 3.305 buri kwezi bisuzumisha ingwara ziva ku bibazo vyo mu mutwe mu 2022/2023.

Umuganga mu buvuzi bwo mu mutwe mu bitaro vya CARAES Ndera, akaba n’umwigisha muri kaminuza y’u Rwanda, Dr. Bizoza Rutakayile, aherutse kumenyesha ko muri ivyo bitaro bakiriye abagwayi benshi mu 2022 ugereranije n’iyindi myaka: “Ingwara zo mu mutwe ziri mu zikomeye cane, kandi mu bitaro vyacu ikintu kiduhangayikishije ni uko twakiriye abantu benshi mu mwaka umwe gusa, mu kwisuzumisha twakiriye abantu barenze ibihumbi 90. Mu bitaro twakiriye abantu barenga ibihumbi bitanu.’’

Yongera ati : ‘‘Ikintu ca mbere cateye kwiyongera kw’ivyo biharuro ni ukutumvikana mu rugo. Gutandukana vyariyongereye cane mu gihugu,  kutumvikana mu rugo no guhohoterwa kw’abagore n’abagabo babo, cane cane ababa banyoye inzoga. Ikindi ni ibiyovyabwenge ku rwaruka.’’

Umuyobozi w’ishami ryokwitaho abafise ibibazo vy’ubuzima bwo mu mutwe mu kigo RBC, Dr. Darius Gishoma, we avuga ko n’ingaruka za Covid-19 ziri mu bihungabanya ubuzima bwo mu mutwe mu bantu ariko na cane cane ku rwaruka.

Agira ati : “Mu bakuze bisa n’aho bigabanuka gato ariko mu rwaruka ukabona ko hari ibitangura kwongerekana bitewe n’impamvu nyinshi, tudashobora no kwibagira ingaruka za Covid-19 n’ibindi bibazo bahura na vyo mu muryango, bisigura ko ari igice c’abantu dukwiye gufata ingingo zidasanzwe zo kubitaho.”

Uganda : umutama w’imyaka 110 yagirizwa kwica umugore wiwe w’imyaka 109 kuko yanse kwurira uburiri

Abatwara igiporisi mu karere ka Rwizi, aho iryo bara ryaguye, bavuga ko nyakwigendera yicishijwe urukero arucumiswe n’uwo bari basanzwe bubakanye, aho babaye ku musozi wa Kahunga. Igiporisi cemeza ko uwo yishwe yari yasabwe n’umucance wiwe ko yokwurira uburiri, ariko uyu nawe akaba atavyemeye kuko yumva acitse intege kandi akorora cane. Ivyatumye baca barara mu vyumba bitandukanye.

Inyuma y’iryo bara, umwe mu buzukuru abonye ibibaye, yaciye yirukanga, atabaza ababanyi, maze bano basanga akaba kabaye, nayo wa mutama basanga yiyugaranye mu cumba, ariko yihereza ikinyobwa gikaze. Amatohoza ya mbere y’igiporisi yerekana ko uwo mutama n’umutamakazi bari basanzwe barara mu vyumba bitandukanye, kandi ko ubwo bubisha bwoba bwavuye ko uyo mutamakazi yanse kurira ku buriri, naho igiporisi kivuga ko amatohoza akibandanya. Tubikesha Daily Monitor

Kenya : ishirahamwe ry’ubudandaji Carrefour ryahanijwe ihadabu kubera ukuzimba bidasiguritse

Amafaranga agera ku miriyoni 7,21 z’amadorari y’Amerika niyo yaciwe nk’ihadabu kw’ishirahamwe ry’abafaransa Carrefour rikora ubudandaji biciye mu mangazini zitandukanye muri Kenya, aho vyagaragaye ko ryazimvye cane abakiriya baryo mu kudandaza ku giciro kiri hejuru cane y’ukurangura (mu mashirahamwe ahingura : Pwani Oil Products Limited na Woodlands Company Limited) ibijanye n’ubuki, amavuta yo kurya no kwisiga ndetse n’amasabuni yo ku mesa.

Ikigo c’igihugu kijejwe ivy’amahiganwa kw’isoko categetse ko iryo shirahamwe Carrefour ryosubiza kandi amafaranga arenga gato imiriyoni 139 z’amadorari y’uburusho ku bidandazwa ryaronkejwe n’amashirahamwe abiri ryaranguyeko, kuko vyagaragaye ko Carrefour itubahiriza amategeko mu kudandaza, mu gihe yaronkejwe uburusho. Kuva mu 2016, iryo shirahamwe  rikaba ryari rimaze guhanwa bivanye no kutubahiriza amategeko ndetse no kudakorana neza n’ayandi mashirahamwe, nkuko vyandikwa na The EastAfrican.

RDC : Mu gihe ibiharuro vya mbere vyerekana k’Umukuru w’igihugu Félix Tshisekedi ari mbere mu matora, abo batavuga rumwe barayiyamiriza

Amatora y’abashingamateka, abarongoye intara n’uturere ndetse n’Umukuru w’igihugu yarategekanijwe ku wa 20/12/2023 muri Reta iharanira Demokarasi ya Kongo, yahavuye abandanya gushika kuri uyu wa 24/12/2023, mu bice bimwe bimwe, aho atagiye arakorwa ku gihe. Abatavuga rumwe n’ubutegetsi bwa Félix Tshisekedi, babona ko yaranzwe n’utunenge twinshi, ndetse akwiye no gusubirwamwo.

Abari mu ruhande rw’abitoza mu kibanza c’Umukuru w’igihugu aribo Moïse Katumbi, Martin Fayulu hamwe na Denis Mukwenge baratera ivyatsi intunganyo n’ingene amatora yagenze, bakavuga ko hari ibibanza vyinshi abanyagihugu batashoboye kuronswa uburenganzira bwo gutora. Abo batatu bakavuga ko batangura kuri uyu wa 27/12/2023, imyiyerekano yo kwiyamiriza ayo matora.

Ku ruhande rwa Reta ya Felix Tshisekedi baremeza ko hari utunenge twigaragaje, ariko ko amatora mu rusangi yagenze neza, kandi igikorwa kihari ari ico guharura amajwi. Aganira n’iradiyo y’Abafaransa RFI, Patrick Muyaya, umuvugizi wa Reta ya RDC, yibukije ko « ibijanye no kwiyamiriza amatora biba inyuma y’isohoka ry’ibiharuro vy’ayavuyemwo, kandi ko ata bikorwa na bimwe vyo kuyiyamiriza bizokwihanganirwa n’abajejwe umutekano ».

Ivyo biri uko mu gihe ibiharuro vya mbere vyerekana ingene amatora yagenze vyerekana ko uwuramutswa RDC muri kino gihe, Félix Tshisekedi ari mbere ku bice 82,16%, agakurikirwa na Moïse Katumbi ku bice 14,3%.

Tanzania : Abarimyi b’imboga n’ibiterwa vyo gushariza, bagiye gushorera kw’isoko mpuzamakungu

Imigwi ine yo mu turere twa Arusha na Kilimandjaro, igizwe n’abarimyi bagera hafi ku 1.000 bararonkejwe impanyabushobozi za « Global GAP » zerekana ko bubahiriza amategeko mu bijanye n’uburimyi bwabo, aho bazoshobora gushorera umwimbu wabo ku mugabane wa Buraya.

Mu vyo bazoshobora gushora hakaba harimwo amavoka, ipiripiri, gingembre, imboga bita « poivrons » na « courges », n’ibindi. Abarimyi bakaba bakiranye urweze izo mpanyabushobozi, bakamenyesha ko bagiye kuronka akunguko kadasanzwe, kuko bazoshorerwa amafaranga atari make.

Bikaba vyitezwe ko n’imiburiburi ku mwaka hazoza harashoka ku mugabane wa Buraya amatoni yababa 10.800 y’amavoka avuye muri Tanzania, n’amatoni 663 y’imboga, azokwinjiza amafaranga arenga imiriyoni 30 z’amadorari y’Amerika. Tubikesha Daily News

Sabikanya kuri
Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur comment les données de vos commentaires sont utilisées.

To Top