Kenya : Hayagwa abatavuga rumwe n’Umukuru w’igihugu William Ruto bamwagiriza ko yonona ubutunzi bw’igihugu mu kuja arafata ingendo mu mahanga yitaba amanama mpuzamakungu , kandi babona ataco zinjiriza igihugu . Mu kwishura, William Ruto yagize ati : « Simfata ingendo nka ba mukerarugendo, mba ngiye kuronderera ubuzi abanya Kenya, no kurondera abagwizatunga bazana imitahe mu gihugu cacu ». Uyo mukuru w’igihugu ca Kenya yagiriyeko amenyesha ko mu minsi iri imbere abakozi bagera ku bihumbi 10 bo mu gihugu arongoye bazogenda gukora mu bihugu bitandukanye kubera basa n’abamaze kugiriranira amasezerano n’ibindi bihugu vyo mu makungu yo gutanga abakozi. Aho avuga nka Canada, Ubudagi, Arabia Saoudite n’ibindi. «Mu myaka iri imbere twipfuza ko abanyakenya bazoba baronse ubuzi hanze y’igihugu baba bashika umuriyoni, abo nabo turiteze ko bazoza bararungika amafaranga y’agaciro mu gihugu cacu. » Inkuru dukesha The Citizen
RDC : Muri Reta iharanira intwaro rusangi ya Kongo bari mu matora, bari bamaze igihe bari mu myiyamamazo kuri uno wa 20 Kigarama 2023 niho abanyagihugu bagera ku miriyoni 44 bazindukira mu matora yo gushiraho Umukuru w’igihugu, abashingamateka ku rwego rw’igihugu no ku rwego rw’intara, hamwe n’abajenama.

Mu bahiganirwa ikibanza c’umukuru w’igihugu harimwo Felix Tshisekedi ari we mukuru w’igihugu wa RDC kuva atowe muri 2018. Mu bandi bakomeye bariko barahiganwa na Felix Tshisekedi harimwo Moise Katumbi, Martin Fayulu na Denis Mukwege. Ariko hariho n’umukenyezi Marie Jose Ikofu yitoje mu kibanza c’Umukuru w’igihugu. Uyo mukenyezi w’imyaka 58 ariko ariyamamaza yavuga ko agiye gukubura umucafu wose uri muri Poritike ya RDC, mbere yagenda yitwaje imikubuzo isize amarangi y’ibendera ry’igihugu ca Kongo. Inkuru dukesha BBC
Uganda: Havugwa umwicanyi karuhariwe yaciriwe gufungwa imyaka 105 inyuma yo kwagirwa n’icaha co kwica abigeme 4 n’umwana 1.
Uyo mwicanyi yitwa Musa Musaasizi afise imyaka itarenga 23 y’amavuko, yarazwi kw’izina rya Uncle yaba mu gace ka Rubaga ku mugwamukuru wa Kampala , yari yahagaritswe muri 2021 inyuma yo kugaragara ko abigeme bose bakundanye bamaze kuryamana yaca abaka ubuzima. Nkuko vyemezwa n’ikinyamakuru NilePost, abo bigeme bose bishwe na Musa Musaasizi bari bahurijeko ikintu kimwe :Bose barakundanye kandi bakanagira n’imibonano mpuzabitsina. Uyo mwana nawe umwe w’uruyoya yishe yari umwana w’umwe muri abo bigeme bakundanye. Iyo myaka 105 yaciriwe yo gufungwa igabuwe uku : imyaka 35 kubera yishe umwana w’uruhinja na nyina wiwe, imyaka 30 kubera yishe uwundi mwigeme , hamwe n’iyindi 40 yo kuba yaciye yiyongera uwundi. Kandi abo bose ahejeje kubica yaca abaturira kugira ntihagire uwumenya ko ariwe yakoze iryo bara
Tanzania: bari mu mubabaro n’agahinda inyuma yaho hagaragaye amasanamu ya Joshua Mallel (umunyagihugu wo muri Tanzania yari yagiye kwiga muri Israel ) ariko arakubitwa n’abagwanyi b’abihevyi ba Hamas bikarangira apfuye. Ivyo vyagiye kumenyekana inyuma yaho umushikiranganji ajejwe imigenderanire n’ayandi makungu wo muri Tanzaniya January Makamba avyemeje biciye ku rubuga X. Joshua Mallel abaye umu Tanzania agira 2 bimenyekanye ko agandaguwe mu gihe bari bagiye mu gihugu ca Israel kwungura ubumenyi mu gisata c’uburimyi baronse bourse, uwundi yari yahitanywe n’iyo mishamirano iriko ihuza Hamas na Reta ya Israel ni Clemence Mtengo w’imyaka 22, inkuru yatanzwe na Mwananchi
Rwanda: ingo zironka amazi ashika mu mihana zigera ku bice bingana na 18%. Abanyagihugu bo mu zindi ngo kugira baronke amazi barinda kuja ku mavomo rusangi. Mu ngo zo mu bisagara biteye imbere niho bashikirwa n’amazi cane kuko gushika ku bice 95% barayaronka mu ngo. Naho biri uko, ngo ikigo kijejwe gukwiragiza amazi kikaraba n’ivy’isuku WASAC Group gishaka kwongereza igitigiri c’ingo zishikirwa n’amazi kive kuri 18 kije n’imiburiburi hagati ya 30 % na 35% mu mwaka wa 2030. Nkuko vyandikwa n‘IGIHE, kugira ivyo bikunde, banki ijejwe imigambi y’iterambre rya Afrika BAD yaratanze uburyo bungana n’imiriyaridi 342 z’amafaranga y’amanyarwanda kugira amazi ashobore gushika neza mu burere bushika 10 bwo mu Rwanda. Nkuko bishikirizwa n’ikinyamakuru igihe, mu bisagara hari amavomo rusangi agera kuri 4.500, mu gihe mu ntara no mu burere bwo hagati hari izishika ibihumbi 16
Somalia: Muri ico gihugu bari mu mu munezero kubera igihugu cabo casubiye kwizerwa n’ibanki y’isi hamwe n’ikigega mpuzamakungu mu kubafasha kugabanya ideni bafise mu makungu, ivyaheruka kuba haraciye imyaka 30. Ivyo vyatumye ideni ico gihugu gifise hanze (Dette extérieure) rigabanuka ,ryahora ku bice 64% vya PIB y’ico gihugu muri 2018, rimanuka ku bice 6 % vya PIB muri 2023. Ikinyamakuru Shabellemedia.com canditse iyo nkuru cabandanije kimenyesha kandi ko Somalia yaciye ihabwa ingurane n’ikigega mpuzamakungu FMI ingana n’imiriyoni 100 z’amadorare y’amanyamerika izoriha mu kiringo c’amezi 36. Muri Mukakaro nyene uno mwaka, Somalia yari yahawe ideni n’uburusiya ringana n’imiriyoni 684 z’amadorare y’abanyamerika.
Sudani Y’Epfo: Kubera inzoga zo mu macupa mato mato zo mu bwoko bwa Gin zibangamiye urwaruka na bamwe mu bazihereza bikarangiya zibasinzikarije ubuzima canke bagapfa, hari Umushingamateka wo muri Sudan Y’epfo asaba ko zokurwa kw’isoko. Uyo mushingamateka Arkangelo Kanawe Minawe avuga ko izo inzoga ziherezwa cane n’urwaruka ruri mu bigero, kandi ibiharuro bikerekana ko vyiyongera iyo himirije iminsi mikuru yo kurangiza umwaka, aho yasavye ko izo nzoga zo mu bwoko bwa Gin ryorwanywa kugira igihugu ntikibandanye kihatakariza urwaruka.
Nkuko vyasiguwe n’ikinyamakuru Eye Radio, uburongozi bw’igisagara ca Juba (umurwamukuru wa Sudani y’epfo) bwari bwahagaritse amahinguriro 4 akora inzoga zo mu macupa mato yo mu karere ka Gumba Sherikat ).




