Jimbere

ikirundi French English
Inkuru zo mu Karere

Amakuru makuru makuru yaranze akarere ka EAC kuva ku wa 05 Ruhuhuma gushika ku wa 12 Ruhuhuma 2024

Uganda : Yoweri Museveni, asanzwe aramutswa ico gihugu ngo ashobora kwiyamamaza mu kibanza c’Umukuru w’igihugu mu matora yo mu 2026. Ivyo vyashikirijwe na Richard Todwong, umunyamabanga mukuru w’umugambwe uri ku butegetsi  The National Resistance Movement (NRM) igihe bariko barahimbaza umunsi mukuru wahariwe uyo mugambwe. Nk’uko vyanditswe na Nilepost, Richard Todwong amenyesha ko Yoweli Museveni ariwe azoshirwa imbere y’abandi mu mugambwe wabo kugira abayobore mu matora ya 2026 kandi ariteguye gukorera igihugu. Yabandanije avuga ko ariwe yazanye amahoro n’umutekano muri ico gihugu kandi gushika ubu atawundi araboneka haba mu mugambwe akomokamwo canke mu gihugu ashobora kubandanya atwara igihugu ngo agiteze imbere.

Tanzania : uwuyobora intara ya Kilimandjaro Nurdin Babu ahamagarira abarongoye uturere two muri iyo ntara ko botegeka abadandaza bose bagurisha isukari kumanika ku ma butike yabo  ibiciro vy’ukuntu basanzwe bayidandaza kugira abanyagihugu boroherwe iyo baje kuyirondera. Ivyo yabimenyesheje mu nama nkuru yariko aragirisha abarongoye uturere tw’iyo ntara ya Kilimandjaro kuri uno wa 09 Ruhuhuma 2024. Uyo murongozi avuga ko atazokwihanganira na gato abadandaza bazoba bariko barazimba abanyagihugu mu kuduza ibiciro vy’isukari uko bishakiye. Ivyo abivuze mu gihe Reta ya Tanzaniya yari yashinze igiciro ntarengwa ku kiro c’isukari muri iyo ntara ya Kilimandjaro. Ikiro cari 2800 gushika kuri 3000 y’ama shilingi ariko abandandaza bagatanga iyo sukari ku 3500 Tsh abandi nabo bagashikana ku 5000 Tsh. Ido n’ido tubisanga kuri Mwananchi

Sudani y’epfo : bakuyeho burundu ibipimo vya Covid 19 vyahora bisabwa abantu bose kugira baronke impusha zo kwinjira canke gusohoka igihugu. Nkuko vyandikwa n’ikinyamakuru Eye Radio co muri Sudani y’epfo, iryo tegeko rifashwe inyuma y’amezi 9 ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho amagara y’abantu OMS ritangaje ko umugera wa Covid 19 utakiri ikiza mu bihugu. Nkuko vyashikirijwe n’umushikiranganji w’amagara y’abantu muri ico gihugu Awel Yolanda Deng, abantu 138 nibo bahitanywe n’ico kiza ca Covid 19 muri 18.313 bari baranduye. Abashika ku 18.000 nabo bose barakize ku biharuro vyari vyegeranijwe gushika muri Ntwarante 2020.

Somalia: abanyagihugu bashika kuri 20 (bagwiriyemwo abana) baramaze gupfa bishwe n’ingwara yo gucibwamo (Diarrhée) mu buce bwa Hawadley n’ubundi buhana imbibe. Nkuko vyandikwa  na Shabelle Media Network, abandi bashika 50 bariko baravuzwa mu bitaro. Abarongozi bavuga ko ahavuye iyo ngwara ari mu turere dutoduto tudafise ibitaro vyo kuvura iyo ngwara. Ikindi catumye igwirirana nuko uturere hadutsemwo iyo ngwara hari umwonga ukunda gutera ibiza vya Malaria no gucibwamwo.

RDC: haradutse imyiyerekano ku murwa mukuru Kinshasa kuri uno wa 10 Ruhuhuma 2024 aho abanyagihugu bo muri RDC bariko bagaragaza akababaro ko kubona ibihugu vyo ku mugabane wa buraya n’amashirahamwe mpuzamakungu atitaho uko bikwiye imishamirano iriko ibera mu buseruko bwa RDC hagati y’ingabo zo muri ico gihugu FARDC na M23. Imyiyerekano yabereye mu bice hari ubuserukizi bw’ibihugu vya Buraya n’amashirahamwe mpuzamakungu. Muri iyo myiyerekano, haraturiwe imiduga y’ubuserukizi bw’ivyo bihugu n’amashirahamwe nka Monusco. Uwuserukira Monusco muri RDC, Bintou Keita aratera ivyatsi iyo nyifato yo guturira imwe mu miduga yegukira iryo shirahamwe, mbere akavunira akagohe ababikoze ko ivyo bishobora gufatwa nk’ivyaha vyo mu ntambara kandi bica intege bikongera bikagabanya inguvu Monusco isanzwe ikora mu gufasha gucungera umutekano ingabo za FARDC. Abashikiranganji bo muri ico gihugu bo bari bashimye kwifotoza ifoto berekana ikimenyetso co gufuka umunwa n’urutoke rumwe rutumbereje mu mutwe mu kwiyamiriza ubwicanyi n’ingwano ziriko zibera muri Goma. Inkuru dukesha Actualites.CD

Rwanda: Ico gihugu caragiranye amasezerano n’igihugu ca Pologne yo gufashanya mu  bisata vyinshi bigize ubuzima bw’ivyo bihugu harimwo ubudandaji, uburimyi bwa kijambere, indero, ivy’ubuhinga bwa none, amagara n’ibindi. Ivyo vyabaye kuva kuwa 06 Ruhuhuma 2024 aho Umukuru w’igihugu ca Pologne Andrej Duda yari yagize urugendo rw’akazi muri ico gihugu c’Urwanda. Andrej Duda yagize ati: “Turiko turarondera abafatanyabikorwa b’abizigirwa cane cane abo dusangiye ibintu bimwe bimwe nko gukora cane. Turi hamwe n’Urwanda, turizera ko hari vyinshi twokwumvikanako atawusuzugura uwundi. Aho rero mwomenya ko imigenderanire hagati y’ivyo bihugu igeze ku ntambwe ishimishije narirya Urwanda rusanzwe rwaruguruye ubuserukizi bwarwo muri Pologne kuva muri 2021, na Pologne ikaba ifise ubuserukizi bwayo mu gihugu c’Urwanda kuva muri 2022. Inkuru yanditswe na The New Times

Muri Kenya naho havugwa igandagurwa ry’umuyobozi w’ishure ryo mu karere ka Ngaratuko yitwa Thomas Kibet yishwe arashwe. Nkuko vyandikwa n’ikinyamakuru The Citizen Digital, uyo mwigisha asanzwe afise ubuhumyi ku jisho rimwe  yari agiye mu nama ihuza amashuri iba buri mwaka mu gace ka Kicherere ari kumwe n’umuryango wiwe bari kw’ipikipiki. Abajejwe umutekano muri ako karere baremeza ivyo vyabaye mbere bakavuga ko uwo yitavye umuremyi yaguye mu mutego wakozwe n’abasuma, bamurashe mu mutwe agiseruka aca apfira aho nyene. Umugore n’umwana wiwe barikumwe  bakaba baciye bajanwa kuvurizwa hafi y’ahabereye ubwo bubisha.

Ayo mu Burundi tuyabashikiriza ku mwanya ku mwanya ku mbuga zacu zitandukanye

Sabikanya kuri
Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

To Top