Jimbere

ikirundi French English
Itororokanirizo ry'ivyatohojwe

Amakuru makuru yaranze akarere ka EAC: akajagari muri Miss Rwanda, ibiganiro vy’imigwi igwana muri RDC, Google yuguruye ishami muri Kenya…

Yapfunzwe yagirizwa gusambanya abakobwa biyamamariza kuba MissRwanda

Uwo ni Ishimwe Dieudonné batazira Prince Kid yari asanzwe arongoye Rwanda Inspiration Back-up itegura ihiganwa ry’ubwiza Miss Rwanda. Uyu mugabo rero nk’ukwo tubikesha inkuru yanditswe n’ikinyamakuru IGIHE ngo yoba yagiye araryamana n’abakobwa batari bake bitabiriye iryo higanwa mu bihe bitandukanye mu myaka yagiye irakurikirana aho ngo yabemerera kubaronsa agashimwe k’urugori ruronswa uwa mbere muri Miss Rwanda.

Umutekano mu buseruko bwa RDC wahagurukiwe n’umuryango wa EAC

Mu gihe haheze ikiringo c’ukwezi igihugu ca Republika Iharanira Demokarasi ya Kongo cinjiye mu muryango wa EAC, kuri uyu wa 27 Ndamukiza 2022 niho harangira intambwe ya mbere y’ibiganiro vyo kurondera amahoro bihuza abakuru b’imigwi 30 igwana hamwe na Reta ya Kongo. Ivyo biganiro bikaba biriko biba bihagarikiwe na Prezida wa Kenya Uhuru Kenyatta. Mw’ijambo ryiwe yashikirije abitabiriye ivyo biganiro biciye ku buhinga ngurukanabumenyi Umukuru w’Igihugu ca Kongo, Félix Antoine Tshisekedi ashikiriza ko yishimira ivyo biganiro akanezerezwa gusumba no kubona ko ikibazo c’umutekano muri Kongo gisigaye gifatwa mu minwe n’ibihugu vyo mu karere vyose aho kuba icerekeye Congo gusa. Iyi nkuru ikaba yanditswe n’ikinyamakuru Jeune Afrique

Igihugu ca Ouganda kigiye guhamvya Urwanda mu kurungika ingabo muri Mozambique

Inkuru dusoma mu kinyamakuru Media Congo itubwirako mu rugendo rw’iminsi 3 Prezida wa Mozambique Presidente Filipe Nyusi yahoramwo i Kampala kuva ku munsi wa gatatu itariki 27 Ndamukiza 2022 wa rino yinga, kimwe mu vyo baganiriye na Prezida Yoweri Kaguta Museveni ni uburyo ico gihugu ca Uganda corungika ingabo zija kugarura umutekano mu karere ka Mozambique kitwa CaboDelgado kiziziwe n’abagwanyi b’iterabwoba. Ni mu gihe, igihugu c’Urwanda coco gisanzwe kirungikayo ingabo kuva mu mwaka uheze wa 2021.

Umuriyaridi w’amafaranga y’amadorare niwo Google igiye gushora muri Kenya

Nk’ukwo twabibabwiye mu nkuru zacu ziheruka ishirahamwe Google rigiye kwugurura ikigo caryo ca mbere gikomeye muri Afrika kizoba kibarizwa muri Kenya. Mu nkuru yandikwa n’ikinyamakuru Media Congo, ngo amafaranga umuriyaridi w’amadorare y’amanyamerika akaba ari wo mutahe uzoshorwa muri ico kigo kugira ngo bikunde kibe gishobore kuzana ubuhinga bushasha buza bushigikira iterambere rya Afrika ku murindi wihuse. Suzanne Frey icegera c’umuyobozi ajejwe ibidandazwa muri Google akaba atumirira abanyafrika bazobereye mu vy’ubuhinga bwa Internet kutagira ubwoba bwo kwimenyekanisha maze baronke akazi muri ico kigo. Iyo nkuru yanditswe na Afrique Monde

Urugendo rwa Samia Suluhu muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika mu ndwi yaheruka ngo rwatumye ashobora kwegeranya umuriyaridi w’amadorare ya Amerika y’imitahe

Inyuma y’umubonano Samia Duluhu yagiranye n’icegera c’umukuru w’Igihugu wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika Kamala Harris, mu kiganiro caremeshejwe ku bamenyeshamakuru, Kamala Harris yamenyesheje ko amafaranga angana umuriyaridi w’amadorare ya Amerika ariyo yashoboye kwemererwa Samia Suluhu bivuye mu biganiro yagiranye n’inzego z’igihugu ca USA hamwe n’abagwizatunga. Ayo mafaranga ngo akazotuma hagwizwa ubuzi muri Tanzaniya eka mbere n’ubutunzi bwisununure. Kuva Samia Suluhu agiye ku butegetsi muri Ndamukiza 2021 ribaye irya 2 agira urugendo mu gihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika. N’inkuru dukesha ikinyamakuru Club Mozambique

Amakuru yatororokanijwe na Guillaume Muhoza

Sabikanya kuri
Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

To Top