Uganda : ibiturire bivugwa mw’iyubakwa ry’ibarabara, ryatumye ishirahamwe ry’Abashinwa rihagarikwa
Iryo barabara rikaba rihuza uturere twa Rukungiri-Kihihi-Ishasha/Kanungu (mu buseruko bushira uburaruko bwa Uganda), ryasanuwe mu mugambi wo gukomeza uruja n’uruza hagati y’igihugu c’Ubuganda n’ibihugu bigize akarere k’Afurika y’Ubuseruko, kubw’ubufasha bw’ibanki y’Afurika (BAD).
Iryo shirahamwe ry’Abashinwa ryitwa « Chico » rikaba ryagirizwa kuba ritigeze ritomora neza abo rizokorana mu bikorwa vyo gusanura iryo barabara, ivyagaragaye nk’ibishobora kubamwo ubusuma n’ibiturire, bishobora gutuma kandi ibikorwa bigenda nabi. Ibanki BAD ikaba yaciye ifata ingingo yo guhagarika ivyo bikorwa, ndetse ihanisha iryo shirahamwe ugutakaza uburenganzira bwo kuja mu mahiganwa y’amasoko yo kwubaka mu kiringo c’amezi 12, guhera igenerekerezo rya 28/03/2024.
Si irya mbere, iryo shirahamwe ry’Abashinwa « Chico » ryagirijwe gukora nabi, canke kutubahiriza amasezerano rigiriranira n’ibihugu canke amashirahamwe mpuzamakungu. Nkuko vyandikwa na The Monitor, mu 2019, ryitwariwe muri sentare ya Kisii, mu gihugu ca Kenya, inyuma yaho ryagirijwe amanyanga mu gukota amatongo yo gukoreramwo, no gukora ubuguzi bidaciye mu mategeko itongo ry’umurimyi. Mu 2022, iryo shirahamwe ryarahagaritse ibikorwa vyo kwubaka ibarabara rihuza uturere twa Isebania na Kisii, muri Kenya, aho ryasaba ko ryobanza guhabwa amafaranga y’ibirarane rifitiwe, imbere yuko ribandanya ibikorwa.
RDC : « Umugwi M23 uriko wigarurira uburere, ku rugero bw’akataraboneka »
Umukuru w’ubutumwa bw’Umuryango mpuzamakungu bwo kubungabunga amahoro muri Repuburika ya Demokarasi ya Congo (MONUSCO) avuga ko umugwi M23 ukomeje « gutera intambwe cane no kwagura ubutaka ugenzura ku rugero rutari bwarigeze bubaho imbere ».
Bintou Keita yavuze ko kuva muri kigarama umwaka w’i 2023, « imirwano yakajije urugero » mu buseruko bw’igihugu hagati y’ingabo za Reta ya RDC (zitwa FARDC) n’abazifasha, n’umugwi wa M23 urwanya ubutegetsi. ONU n’ibihugu bikomeye vya rutura, nk’Amerika n’Ubufaransa, vyakomeje gusaba ko indwano ihagarara, ikibazo kigakemurwa mu nzira ya poritike.
Uyu mukuru wa MONUSCO yavuze ko uko ibintu bimeze mu rwego rw’umutekano « bishobora guhindagurika akanya ku kanya kandi biteye impungenge ». Yongeye gusaba imigwi yose yitwaje ibirwanisho, irimwo na M23 gushira ibirwanisho hasi. Yavuze ko ku ruhande rwa Reta ya Congo, abategetsi bakwiye gukomeza kuba mu mugambi ugamije amahoro wo ku rwego rw’akarere no mu gihugu.
Muri ico kiganiro yagiraniye n’abamenyeshamakuru bari i New York ku cicaro gikuru ca ONU, Bintou Keita yavuze ko ikibazo c’umutekano muke cateje akaga gakomeye ku mibereho, abanyagihugu bata ingo zabo bahungira imbere mu gihugu ku rugero rutari rwarigeze kubaho.
Imbere yaho, uyu mukuru wa MONUSCO yamenyesheje mu kanama k’Umutekano ka ONU uko ikibazo c’umutekano gihagaze ubu mu buseruko bwa RDC, amezi atatu inyuma y’ikindi kiganiro nk’ico n’ako kanama.
Keita yabwiye abamenyeshamakuru ko igikorwa ca gisirikare ca MONUSCO na FARDC, ciswe ‘Operation Springbok’, catanguye muri munyonyo 2023, mu kubuza M23 kuba yofata igisagara ca Goma na Sake kibandanya, kandi impande zompi « zikorana ibikorwa vya gisirikare vyinshi » mu kurinda abanyagihugu mu ntara ya Kivu ya Ruguru na Ituri zo mu buseruko, nkuko vyandikwa na BBC
Kenya : igisata c’abarukerarugendo cinjije uburyo bwinshi mu 2023 ugereranije no mu myaka iheze
Amafaranga agera ku miriyaridi 352 n’igice y’ama shiringi (yababa imiriyaridi 2,7 z’amadorari y’amerika) niyo ico gisata cinjije mu mwaka w’i 2023. Ibiharuro vyerekana ko ubwo buryo bwiyongereye ku rugero rw’ibice 31,5%, ugereranije nayinjiye mu mwaka w’i 2022.
Ayo mafaranga yinjiye mu 2023 akaba aharurwa nka menshi ico gihugu cinjije biciye mu gisata c’Abarukerarugendo, kuva aho ikiza ca COVID-19 gitanguye kuvugwa. Imbere yuko ico kiza gitera, ico gisata cari cinjije uburyo bugera ku miriyaridi 2,24 z’amadorari, aho haharurwa ko ingenzi zigera ku miriyoni 2 zari zagendeye ico gihugu.
Kenya gifatwa nk’igihugu co mu karere k’Afurika y’Ubuseruko cakira ingenzi nyinshi ku mwaka, aho mu 2023, abarenga ibihumbi 260 baje bava muri Amerika, abarenga ibihumbi 200 bava muri Uganda, abarenga 150 baza bava muri Tanzania. Tubikesha Citizen Digital
Rwanda : Reta yatanguye isekeza ryo guharura inyubako zayo zidakorerwamo, kugira ngo zivyazwe umusaruro
Umuyobozi w’Ikigo kijejwe kugenzura inyubako mu Rwanda, RHA, Rukaburandekwe Alphonse, yavuze ko Reta yatanguye guharura inzu zayo zidakoreshwa, mu kuraba uko zishobora kuvyazwa umusaruro. Mu bihe bitandukanye, abanyagihugu bakunze gutunga urutoke inzu za Reta zononekaye kuko zidakorerwamo, ndetse bakagera aho basaba kuzihabwa kugira ngo bazikoreshe.
Mu turere twa Rusizi na Nyamasheke co kimwe n’ahandi mu gihugu, hagaragara inyubako za Reta zigenda zononekara kuko zitagikorerwamo. Abanyagihugu baganiriye n’ikinyamakuru ca Reta RBA bavuga ko iki ari igihombo kuri Reta no kuri bo ubwabo, kuko izi nyubako zidakoreshwa mu nyungu rusangi canke ngo zihabwe abashobora kuzivyaza umusaruro.
Umuyobozi wa Rwanda Housing Authority, Rukaburandekwe Alphonse, yavuze ko hariko hakorwa isekeza ryo guharura inzu za Leta zishaje zidakorerwamwo. Agira ati “Hari inzu zidakoreshwa bitewe n’impamvu nyinshi. Ni ikibazo tuzi, reka tubanze tuziharure, tumenye ngo ni zingahe, muri buri karere. Zimeze gute ? Umugambi w’ikizokurikira uzoza ku co iharurwa rizotanga.
Uretse inzu za Reta zishaje zitagikoreshwa, mu Turere twa Rusizi na Nyamasheke hanagaragara izindi nyubako zubakishijwe mu mafaranga ya Reta ngo zizokoreshwe mu nyungu rusangi, ariko ubu zikaba zidakoreshwa no ku rugero rwa 10%. Zimwe muri zo ni inyubako ya Kaminuza y’u Rwanda, ishami rya Rusizi n’izindi.
Tanzania yagiraniye amasezerano na Kenya yo kworosha ihanahana ry’ibidandazwa
Muri ayo masezerano, ku ruhande rumwe, Kenya yemeye kwakira ibinyobwa nk’umuvinyu witwa Konyagi, n’ibiti biva muri Tanzania.
Ku rundi ruhande, Tanzania yemeye kwakira icayi kiva muri Kenya, urudandazwa rwari rwarahagaritswe. Izo ngingo zose zikaba zafashwe inyuma y’inama yahuje abaserukizi baraba ivy’ubudandaji muri ivyo bihugu vyompi, mu ndwi twaraye turangije, nkuko vyandikwa na The EastAfrican
Naho biri uko, hari ibidandazwa bigera kuri 11 bitaremerwa guhanahanwa hagati y’ivyo bihugu vyompi. Aho twovuga nk’inkoko n’amagi, inyama, amata,… Ivyo rero bikaba bizoganirwa mu nama yimirije muri mukakaro 2024.




