Abakozi bakorera amashirahamwe ajejwe gusukura igisagara ca Bujumbura baritabariza mu gusaba ababakoresha ibikoresho vyo kwikingira ku mazuru eka mbere bagahabwa n’ibibakingira mu biganza no mu birengenge. Ni inyuma yaho hibonekeje ko ukurwaragurika kwabaye ndase mu bakozi basukura igisagara biturutse ku micafu birirwamwo batikingiye.
Uciye ha mbavu y’ibiduga vyegeranya imicafu biyikura mu makaratiye agize igisagara ca Bujumbura biyijana kuyita mw’iyarara, mu vyukuri usanzwe utagwaye ka giripe ngo kagufashe kuzibira amazuru, uhaca usitanisha wiruka kubw’umunuko w’imicafu iba iriko irahapakirirwa; urabiye kure ubona bamwe mu bariko barapakira iyo micafu mu miduga basa n’abapfunze isura mu gihe abandi usanga bariko barifungurira ivyamwa nk’imicungwa n’ibindi, biboneka koko ko umenga ako kanuko ntaco kabatwaye.
Melchior akora ako kazi ko kuyora imicafu agira ati: «Ba muganga bo barikingira ku mazuru iyo bariko barakuvura igikomere kugira ntibanukirwe canke ngo bandure ingwara ariko tweho turavyemera ntakundi. Si ukuvuga ko natwe tutanukirwa, oya! Ahubwo nuko ataburyo bwo kwikingira duhabwa n’abadukoresha. Umve kandi ntituribuhebe akazi ngo nuko tutaronkejwe ibikoresho bidukingira kuko imiryqngo yacu itunzwe n’ibi nyene».
Sinzinkayo nawe ngo kuva atanguye ako kazi aragwaragurika cane agereranije n’incuro yagwara ataratangura kugakora. Avuga ko yiyamira kwa muganga utwo yakoreye twose tukamuca mu ntoke aturaba. Agasaba ababatwara ko bobagurira ibikoresho bashira ku mazuru; ndetse bakabagurira n’ibibakingira mu biganza no mu birenge kuko ngo hari n’aho wosanga agwaragurika kubw’iyo micafu yirigwamwo.
Ingaruka mbi ku magara
Eric Yamuremye, umuganga yanonosoye ivy’isuku n’amagara y’abantu akorera ku bitaro vy’abasirikare vyo mu Kamenge, avuga ko kuba abakozi bakora ako kazi batikingiye ari bibi cane kuko ngo bishobora kubatera ingwara nyinshi nk’izo mu bihimba vy’ihemero, ingwara zituruka kw’isuku rike… Akanavuga ko abo bakozi boshobora gukomeretswa n’utwuma twatawe mw’iyarara nk’inshinge, uducupacupa, imisumari, gutyo ugasanga baranduye za kanseri, Epatite B, n’iyindi migera itandukanye.
Uwo muhinga nyene agasaba abaserukira ayo mashirahamwe ko bokabaganya bakarondera ivyo bikoresho bakanarondera imiduga idatobaguritse kuko ngo hari aho bagira ngo bakuye imyanda mu gisagara ariko imiduga iyitwaye ikagenda irayijojoterereza aho iciye hose.
Abaserukira ayo mashirahamwe bo babivugako iki?
Magnus Nyandwi ni umuyobozi w’abakozi n’akazi akongera akaba umuvugizi w’ishirahamwe rijejwe gusukura igisagara ca Bujumbura (Bujumbura Cleaning Company). Aremera ko abo bakozi batarira gusema kuko ngo akazi bakora atari benshi bogashobora bivanye n’agahumuro kabi usanga aho bakorera. Akamenyesha ko « agiye kuzobikurikiranira hafi babaronse ivyo bikoresho basaba nakare ngo vyabaye buhere ubundi bwo ngo hari ivyo bari barigeze kuzana ». Akagirako anabihanganisha abamenyesha ko « hari vyinshi biriko birabategurirwa nk’ukubavuza, ivya INSS n’ibindi… »
Nayo kubwa muganga Naason ngo abakozi bakorera ahantu benaho ngo barakwiye kwitwararikwa cane, ikibazo c’ugukingira amagara yabo nticigwe inyuma y’ibindi, nyabuna ngo kikigwa hakiri kare kuko ngo hejuru y’uko abakozi bagwaragurika, ngo n’akazi ntigaheza ngo kagende neza nk’uko bene ishirahamwe bavyipfuza.




