Jimbere

ikirundi French English
AKAHISE

Mwari muzi ko Abadagi n’Abakongomani ari bo batanguye kuba mu gisagara ca Bujumbura ?

Kuri uyu wa 16 Ntwarante 2024, niho haba urugendo rwo kugendera ibibanza vy’iratiro vyo mu gisagara ca Bujumbura, mu ntumbero yo kumenya kahise kagize ico gisagara no kumenya ibibanza bikuru bikuru bihagize, urwo rugendo rukaba rwateguwe n’amashirahamwe 3 ariyo : Mountain Ventures, Royal Arts na APEBH.

Isengero Cathédrale Régina Mundi

Kw’isengero Cathédrale Regina Mundi hasengera abazungu gusa, abirabure nabo bakaba basengera kuri Saint Michel, nk’uko vyasiguwe na Georges Nikiza, ajejwe kwakira no guherekeza ingenzi akaba n’umuhanuzi w’ubuyobozi bw’ikigo kahise k’Uburundi, ngo igisagara cahereye mw’irohero (Rohero haba ibikoko harimwo n’intare, ijambo Rohero ryavuye mu kuroha kw’intare, karitiye Jabe yasigura « Jardin des Belges » ariko Abarundi kubera ari birebire vyabagora kuvuga baca bagira Ja-be.

Bwiza na Buyenzi naho haba abakozi b’abazungu gusa, Monument du Soldat Inconnu niho harasiwe uwacungera Micombero, n’ahandi henshi…

Urugendo rwiza kandi rwabandanya

Bonaventure Nick na Roberto Muheto bajejwe gutunganya ibikorwa muri Royal Arts, na Jean Berchmans Niyoyunguruza arongoye APEBH batunganije urwo rugendo, bose barashima uko urugendo rwagenze kuko rwitabwe n’Abarundi hamwe n’abanyamahanga baba mu Burundi.

Eka n’abashoboye kwitabira urwo rugendo barashimira ayo mashirahamwe yarutunganije kuko ngo bishika gake, ariko bagatera akamo abarundi cane cane ababa mu gisagara ca Bujumbura ko bokwijukira gutemberera no kumenya ibibanza vy’iratiro biri muri ico gisagara kugira ngo bamenye kahise k’igihugu kandi bifashe n’urwaruka kumenya iyo igihugu cavuye.

Ibibanza bidafashwe neza

Ariko nubwo bimeze uko, haracariho agahaze mw’itunganywa ry’ibibanza vy’iratiro. Kubwa Georges Nikiza, ibibanza vy’iratiro vyo mu Burundi ntibitunganijwe neza nk’uko vyategerezwa, agasaba abajejwe igisagara ca Bujumbura ko bogerageza bagatunganya neza ivyo bibanza kugira ngo bihurumbirwe neza,  canke bigashirwa mu gisata c’abigenga kugira bo bashobore kubitunganya. Nayo Abarundi bagasabwa kwijukira kugendera ivyo bibanza kuko abenshi batahazi.

Sabikanya kuri
Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

To Top