Intuntu n’amarira vyari vyinshi mu begereye hafi y’amaduka « Ndayizamba na « Le Parisien », mu gihe yadutsemwo umuriro mu gatondo ko kuri uyu wa 21/08/2026, ivyarimwo nk’ibidandazwa bigasha bigatokombera.
Imiduga izimya umuriro « kizimyamoto » yaragerageje gukinga ngo ayandi mazu yegereye ivyo bibanza ntashikirwe, mu gihe umuriro wari mwinshi cane. Benshi mu bahadandariza bakaba ataco bashoboye kurokora muri ayo maduka uko ari abiri.
Aho rero ni mu gihe iduka « Ndayizamba » yigeze kwadukamwo umuriro kw’igenekerezo rya 10/06/2017, amazu y’idandarizo (échoppes) arenga 40 n’ivyarimwo nk’imashini zo gushona n’impuzu birasha biratokombera. Nayo iduka « Le Parisien » ikaba yaheruka kwadukamwo umuriro itariki 25/07/2022, mu gice co musi y’inyubakwa (cave), ibidandazwa nk’impuzu bikaba vyarahiye.
Kwibangikanya ubwishingizi
Mu gihe yagendera ahabereye iryo sanganya, Icegera c’Umukuru w’igihugu Prosper Bazombanza yahojeje ababuze ivyabo, agirako yibutsa abadandaza bose ko bogirisha ubwishingizi « Assurance » ku bidandazwa vyabo kugira bazoshobore gushumbushwa igihe bigize ikibazo.
Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru, yagize ati : «Twizere ko uwu muriro utatewe n’ubugizi bwa nabi ahubwo ari isanganya ryabaye.»
Yongeye kandi asaba ababuze ivyabo ko batocika ivutu kuko ivyashitse vyamaze gushika ahubwo intwaro igiye kwihweza ingene ibintu bishobora gusubira ku murongo mu maguru masha: «Tugiye kwigira hamwe ibidandarizwa muri ivyo bibanza kuko ushobora gusanga abantu bakoresha amapasi yo kugorora, ibisigara bigateza ingorane.»
Umwe mu bakenyezi bahaburiye ibidandazwa, yikoreye amaboko ku mutwe, amarira menshi atemba ku matama, aguma adida amaguru hasi kubw’agahinda, yagize ati: «Iyo abaporisi bandeka mba nashoboye gukiza ibintu na bike. None ndabira bifashwe ndabiraba. Ese amahera ya banki nari naratse… Iyo bapfuma bandeka basi nkapfuma mpfira mu bintu vyanje.»
Umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye abicishije ku rubuga rwa X, yahojeje arihanganisha ababuriye ivyabo mu bibanza vy’idandarizo vya « Gelerie Ndayizamba » hamwe na « Le Parisien », yongerako ko «Amatohoza yimbitse, yatanguye kugira hamenyekane icateye umuriro».




