Bamwe mu bagendana ubumuga bavuga ko binubwa haba mu kibano canke mu vyo bakora. Bavuga ko bimwa uburengazira bwo kungana n’abandi haba kw’ishure canke mu buzi. Bagasaba ko uwugendana ubumuga nawe yofatwa nk’abandi bose kuko na bo bafise ivyo bashoboye.
Nizigiyimana Jeanne d’Arc ni umukenyezi agendana ubumuga yavanye n’umugabo. Ntatambuka, agira mu gakinga. Ava muri komine Ngozi intara ya Butanyerera, ubu abana n’abana biwe 3 mu Kamenge mu gisagara ca Bujumbura. Kuva agishika i Bujumbura, Nizigiyimana avuga ko ku mpamyabushobozi yiwe y’amashure yisumbuye (humanités) hariho ubuzi abona yokora.
Nizigiyimana afise nk’imyaka 40, avuga ko aho yaja gusaba akazi hose bamwihweza kuva hasi gushika hejuru, hanyuma bakamubwira ko bitokunda ko bakamuha kubera agendana ubumuga. Amwe mu majambo avuga yibuka bamubwira agiye gusaba akazi ni ayavuga atya : « Mu kibano honyene uwugendana ubumuga ntibanamushira muri salon ngo abantu ntibamubone, uca wumva ko ata mu mukoresha yoguha akazi kiwe. Ushaka uzohave uhaguruka abantu babone ko uri ikimuga hanyuma bamutwenge ? Biteye isoni ».
Nizigiyimana abandanya avuga ko hariho umukoresha yagiye gusaba akazi, aho kukamuha aca amwikuza inoti ya 10.000 Fbu. N’akababaro kaboneka mu maso k’ivyo ariko aribuka yakorewe, uyo mukenyezi agendana ubumuga avuga ko uyo mukoresha yaciye amubwira ati : « Wewe gomba wigire nta kazi noguha, nabobona ko ukora iwanje bontwenga. »
Nizigiyimana avuga ko bibabaje kubona umuntu agendena ubumuga n’aho yoba afise ubumenyi batamuha agaciro, haba mu kibano canke mu kazi. Ati : « Nimba umuntu yaragiye kw’ishure akiga, bisigura ko hariho ivyo ashoboye. Reta na yo turayisaba ubufasha, ko itodukumira, yoguma ihimiriza mu nzego zo hejuru gushika mu kibano kugira ngo uwugendana ubumuga areke gukumirwa, areke gufatwa nabi. »
Jeanne d’Arc amaze kubona ko bamwinuba aho yaja kuraba ko yoronka akazi, avuga ko yaciye yifatira ingingo yo kwitunganiriza umugambi w’iterambera yikorera ku giti ciwe. Ati : « Ubu ndashona impuzu nkoresheje icarahani. »
Ntawukwiye gupimira ubumenyi ku kuntu umuntu agaragara ku mubiri …

Nyigina Adelaïde, umuhuzabikorwa mw’ishirahamwe riharanira agateka k’abakenyezi n’abigeme bagendana ubumuga mu Burundi ABPDFH Urumuri, akaba kandi arongoye ihwaniro ry’amashirahamwe y’abakenyezi bagendana ubumuga muri Afurika Disabled Women in Africa (DIWA), na we nyene abona ko iryo kumirwa ricibonekeza cane.
Agira ati : « Abagendana ubumuga usanga bahura n’inzitizi nyinshi zituma bakumirwa cane. Abashoboye kugwana bagaheza amashuri nta buzi baronka kuko uwugendana ubumuga usanga afatwa nk’uko ata co ashoboye. Aho kuraba ivyo ashoboye usanga bahagarara ku bumuga afise. Icibagiwe co ni ukuba yogenwa mu mabanga y’uburongozi mu nzego zitandukanye. Hari rero n’abayobozi usanga babakumira mu kubima ibikorwa nk’abandi bakozi, ivyo na vyo bikabongerereza umubabaro mu mutima kuko ni ihohoterwa rikomeye cane. »
Ahubwo Reta ihamagarira abagendana ubumuga kutikumira…
Niyonkuru Obède, umuvugizi w’ubushikiranganji bw’akazi, abakozi ba Reta no gutegekaniriza kazoza abakozi, amenyesha ko mu bushikiranganji arongoye babandanya guhimiriza abagendana ubumuga, babahamagarira kutikumira mu gihe babona ko bakwije ibisabwa mu guhiganirwa ibibanza biba biriho mu gihugu, kandi bikeneye abakozi.
Agira ati : « Icerekeye ubuzi bahabwa, biravana n’akazi ako ari ko kuko hari aho wosanga bitomworohera, nko kwigisha no kuvura bivanye n’ubumuga umuntu afise hariho amategeko yisungwa kuri abo bafise ivyo bibazo, ariko kandi mu nzego nyinshi bariho kuko ni abantu nk’abandi. Mu buzi hariho amategeko akingira uwu n’uriya bivanye n’ibihe arimwo. »
Nayo ku bijanye n’inyubako ku buzi canke ku mashure usanga zitorohereza abagenda ubumuga, Niyonkuru amenyesha ko muri rusangi inyubakwa zimwe zimwe ubu zubakwa zitegekanya ibibanza vyagenewe abagendana ubumuga, kugira borohereze ukwiyunguruza kwabo.
Mwomenya ko Uburundi bwateye umukono, ku wa 26 Ntwarante 2014, ku masezerano mpuzamakungu yubahiriza agateka k’abagendana ubumuga. Muri yo, harimwo ko uwugendana ubumuga afise uburenganzira bungana n’uyundi muntu uwo ari we wese, haba mu mashure, mu kibano, mu kazi n’ahandi.




