Ivyo vyashikirijwe kuri uyu wa 08/08/2025 na Alida Niyongabo arongoye igisata c’inyigisho muri PAEEJ, aho yari yaserukiye umuhuzabikorwa wa PAEEJ ku rwego rw’igihugu, mu kugurura inyigisho zitangwa na Bujumbura Business Park ku murwi ugira kabiri w’abarwizamwimbu basavye ibibanza vyo kudandarizamwo mu mugambi Kigega wa PAEEJ

« Bamwe batubwira ngo ipiripiri zacu ziraboreye mu bubiko, ngo ibiraya birumye, ibigori biriko bigurishwa 700Fbu… Ubu inyishu yabonetse! Kigega mwumve ko ari iyanyu, atari iy’abahakora. Mwaratubwiye ko ibidandazwa bihari, imyaka itanu iraheze mukora… Ni birya twipfuza ko mushira muri Kigega. »
Uko guhimiriza Alida Niyongabo yashikirije, kwajanye no guhamagarira abagwizamwimbu bari bitavye ivyo bikorwa kwitaho cane inyigisho zijanye n’ingene boshobora gukorana neza n’amabanki: « Niyo mwataha, murasangiza ubumenyi muza gukura ngaha abo mukorana, kugira mu mashirahamwe yanyu mukurire rimwe. Muritonda kandi, ntimuzohave muheba ibibanza mwahora mukoreramwo kubera muronse aho kudandariza muri Kigega. »
Kuri izo nyigisho, yasavye urwo rwaruka kubaza ibibazo vyose bafise kuko babitahanye bizobatera ubwoba bibabuze gutera imbere. Ku zindi nyigisho, Alida Niyongabo yagize ati: « Muri PAEEJ, dutegura ivyo tubona mukeneye. Ariko namwe bivanye n’ugukura kwanyu nk’abanyamigambi, ntimutinye gusaba ikarishwa ry’ubwenge PAEEJ ribakwiriye, kuko ico tujejwe ni guherekeza urwaruka ».
Amategeko no kwikingira

Zino nyigisho zagenewe amashirahamwe azokorana na Kigega, ziba zirimwo agace gahariwe ivyo kuyaga ku masezerano azoba hagati n’abazozana ibidandazwa na Kigega. Ni kubw’ivyo umushingwamanza Clovis Ahishakiye aserukira ikigo MAMARB & Associés gihagarariye muvy’amategeko Kigega, yasiguriye abari bitavye inyigisho ibitandukanye, na cane cane ko buri shirahamwe canke koperative rizanye ibidandazwa, ariryo rizobazwa ubwa mbere ibijanye n’akanovera kavyo.
Ikindi naco, Kigega ntizokwakira ibidandazwa bitemewe n’amategeko y’Uburundi, kandi ishirahamwe canke koperatie itazoshobora gushikana ibidandazwa vyasabwe na Kigega, rizokurwa ku rutonde rw’abagurishiriza mu bibanza vya Kigega.
Me Ahishakiye agasaba rero nya barwizamwimbu kuzobanza bagasoma neza bitonze ayo mategeko mu ntumbero yo kuzokwirinda amatati.
Kigega iti « Mwitegurire impinduka zozanana no gushorerwa cane »
Muvyo ubuyobozi bwa Kigega bwagarutseko, hari akigoro kokorwa ko gukingira ibikorwa mvabwenge mu Bushikiranganji bujejwe Ubudandaji, kugira abafise amashirahamwe, ivyumva bihingura canke ivyapa bisangije, ntihagire uwubibiba ngo aje kubigana yicire inoti nk’uko vyama vyashitse.
Bamwe mu baronkejwe inyigisho, barashima cane ako karyo kuko ngo hari n’abamaze imyaka bakora imigambi ariko batazi gukoresha ibibasha kubona ivyinjiye n’ivyasohotse (journal de banque et journal de caisse).
Umwe asanzwe akora ibiva mu giti yagize ati: « Nk’ubu nabonye ko mu ruganda rwanje hakenewe uwundi mukozi, kuko kare amahera nije nayakoresha kandi ntavyo kwandika. Rero haraho mu gatondo mba mfise amahera ariko ku mugoroba hakagera ntovuga ico nayakoresheje. Ubu rero ngiye kugura ivyo bitabu kugira ntangure kuza ndandika nk’uko babitwigishije. »




