Kuri Donatus Conference Center kuri uyu wa 30 Mukakaro 2025 hari ikiganiro cahuje umugambi PNSR uraba irondoka rijanye n’amagara meza hamwe n’abayobozi b’imitima (leaders religieux) mu ntumbero yo kurabira hamwe icokorwa ngo umurindi w’irondoka Uburundi buriko ugabanuke
« Ibihimba vy’irondoka bikora ku bubakanye gusa, naho nyene mu ntumbero yo kurondoka. » Uko niko Padiri Sadith Kenemana ajejwe ubutumwa bw’ingo n’imiryango mu nama y’abepiscopi gatorika y’i Burundi asigura ingene babona ibijanye n’amagara ndoragitsina.
Mu gihe Dr Ananie Ndacayisaba arongoye umugambi PNSR abona ko hakwiye gukomezwa uburyo bwo gutandukanya imvyaro bw’ubuhingurano (méthodes modernes), abakozi b’Imana bari muri ico kiyago bashigikira ko hokomezwa nyabuna uburyo kama (méthodes naturelles) hamwe no kwihangana, « kuko ibindi vyose binyuranye n’ijambo ry’Imana. »
Padiri Sadith Kenemana ati: « Indero yaragabanutse, aho abantu b’ubu bashaka kuba mu vyoroshe gusa. Kera tukiri abana, umuvyeyi nti yatwemerera kwicara ku kirago, wagenda kwizanira amahuba hama ukacijishira. Ariko ubu hari n’abana bakura batazi no kwimesurira. »
Kenemana abona ko hokomezwa indero, nayo abubakanye hagati yabo bagashira imbere kiyago, bagakomeza urukundo kama, atari rwa rukundo rwo kwinezereza.

Arabandanya ati: « Ekleziya ntawe ibohera amaboko i mugongo, kuko ntawe ifata ku gakanu. Ibisigaye umuntu arafise agatima mpanuzi Ekleziya igerageza guforoma ku wubishaka, agaheza agahitamwo ikimubereye. Hatabaye itunganywa ryiza ry’ubutunzi na poritike, abantu bakaguma batera akajagari, batiyumvira ibizobeshaho abo bana, ibara riracagwa. »
Ati « igitoro nticabuze kubera abantu bagwiriye, canke ngo irengwe ribure kubera abarinywa bagwiriye. N’isima ntiribura kubera abanyagihugu bose basigaye bubakisha isima… »
Ivyo bishikirizwa mu gihe Uburundi ari igihugu gifise umurindi uhagurutse w’igwirirana ry’abantu (2,7%) mugabo kigashora bike hanze bituma hinjira amafaranga mvamakungu akoreshwa kugira hagurwe igitoro, ibikoreshwa mu kwenga inzoga n’ibindi.
Mu yandi majambo, abakoresha imiduga barongerekana, n’abanywa inzoga canke abakeneye isima, mugabo uburyo bwo gukura hanze ibikenewe mur’ivyo bisata bukaguma buri hasi.
💰 Prezida Ndayishimiye ati: « Amahera mvamakungu ameze nka mana, ubu dutegerezwa kuyaronka tuyirondereye »
« Indongozi zitanga akarorero akahe? »
N’aho biri uko, mu Nama y’abepiscopi gatorika y’i Burundi, bo baguma bagaruka ku kuntu « ikibazo c’igwirirana ry’abantu kitabona kumwe. Fatira ku bari hejuru mu nzego z’igihugu, y’aba abafise ama décrets présidentiels canke bagenywe n’abashikiranganji. Benshi muri bo barenza abana batanu. Umuntu afise abana 5 canke 6 azoza kubwira wa munyagihugu ngo vyara 2 canke 3, vyumvirwe gute, mu gihe azi ko abeshwaho na rya kori ry’umunyagihugu yavyaye babiri? Azoca afata ko umenga muriko mumubwira abagabanye kugira ab’iwanyu barye. »
Ivy’igwirirana ry’abantu, bijanye kandi n’ingene ivy’ubutunzi butunganijwe mu gihugu: mu gihe uburimyi ari ryo soko ryonyene ry’ubutunzi kuri benshi, ingorane zijanye n’amatongo ziba nyinshi, ugasanga ubuzi mu bindi bisaba buribagiwe.
Amagara ndoragitsina: twa tunini dufasha abakenyezi kudasama, ubu twabonetse no ku bagabo
Padiri Pierre Nsengiyumva ajejwe ubutumwa bw’ingo n’imiryango muri diyoseze ya Bujumbura, ati : « Jewe nagumanye amakenga ku bijanye no gufatanya igwirirana ry’abantu n’iterambere. I Buraya bagiye kubigira gurtyo, uno munsi bariko barondera main d’oeuvre iyo abandi bavyaye. Tugiye kubiraba, umuntu aguma ariwe ari au centre ya vyose. »
Kubona rero hari rwaruka rwinshi mu Burundi rwahejeje amashure yorutuma ruronka akazi, mugabo benshi ugasanga nta kazi bafise, ngo bisaba mu Burundi ko haba umugambi wo kugwiza akazi ku rwaruka, aho kubona ko abantu benshi ari ikibazo ku gihugu. Ivyo navyo niryo hangiro rya PAEEJ.




