Jimbere

ikirundi French English
Ubuhinga

Lionel Iteriteka, umusore ashize ahabona  ‘logiciel’ ibangutsa igikorwa co gutoza ikori ry’agataka

Lionel Iteriteka, umuyabaga ashize ahabona 'logiciel' ibangutsa kwegeranya ikori ry'Agataka mu Burundi

Iyo Logiciel yayitunganije yisunze itegeko ryo ku wa 03 Ntwarante 2016 rigenga itozwa ry’ikori ry’Agataka ryinjira mu kigega c’amakomine mu Burundi. Ipfunyapfunya ivyapfundikiwe muri iryo tegeko, ikarasa ku ntumbero y’ivyipfujwe gushikirizwa, igafasha ndetse kwerekana  ata zinguzingu, indishi ku warengeje igihe co kuriha, yisunze ibice vyashinzwe kw’ijana…

Uwumusore w’imyaka 24 y’amavuka, ahejeje  amashure mu gisata c’intwaro n’ugutunganya amatongo muri uyu mwaka wa 2024 (Institut d’administration et Cartographie foncière), mu kigo  ca kaminuza y’Uburundi,  i Buhumuza). Yavukiye ku mutumba Nyakarambo wa komine Ryansoro, mu ntara ya Gitega.

Muri iyo logiciel Lionel yatunganije, ibiharuro bikorwa buravyo. Kwaba uguharura amakori abwirizwa gutangwa hinsunzwe uburinganire bw’itongo canke parasera kanaka,  guharura indishi canke igihano ku warengeje  ikiringo kinaka co kurihirako nk’uko bitegekanijwe muri iryo tegeko, vyose bipoperanirijemwo.

Ntibihagije, ino logiciel ishobora no kwifashishwa  mu kurungikira abenegihugu ubutumwa bugufi bubibutsa  ko igice co kuja kuriha ikori ry’umwaka ku gataka cegereje canke ko ishirwa mu ngiro ry’ibihano ritanguye, ubutumwa bumwe kuri bose, mu ngunga imwe.

Iyo iciyumviro cavuye

Iteriteka amenyesha ko ahanini yatewe impungenge n’Uburyo ico gikorwa co gutoza ikori ku gataka kimaze igihe  kirangurwamwo, aho bigoye kumenya ko icegeranyo c’amafaranga atozwa mu benegihugu coba gihuye mu vy’ukuri  n’ayashikanwa mu kigega. Ngo yabakiwe kandi n’uko kitisunga bihagije ubuhinga bwa none nk’uko vyategerezwa.

Vyongeye, mu bubiko bw’amakomine, nta bitigiri nyezina vy’amatongo yose na beneyo bihari (base de données). Nico gituma vyoroshe ko umuntu arihira ikori amatongo make ugereranije n’ayo yarafise.

Uwo musore amenyesha  ko icohimbara umutima wiwe aruko iyo logiciel yofatirwako  kuko ari yo ntererano yabonye nawe yotanga muri ico gisata  mu ntumbero  yo gushigikira ya mbonakazoza y’Uburundi bwifashe mu 2040.

Uko Reta ihahombera…

Yisunze umwihwezo yagize, Lionel avuga ko Reta ihahombera cane kuko nk’uwiguriye amatongo mu ntara kanaka we n’umuryango wiwe batabamwo, ngo ni gake ayarihira ikori ry’agataka. «Mu makomine atari make, umwenegihugu bamutegera ku rupapuro aza gusaba muri komine gutyo bakabona kumwishuza iryo kori igihe basanze atitunganije. Bisigura ko uwutarukeneye we aca ashira agati mu ryinyo… »
 Yamara hamwe n’iyo Logiciel, ngo ivyo ntivyoba bigishoboka kuko igihe cose umuntu yomara atariha impera n’imperuka yogihanirwa kuko baba bamubona mu mashini.

Naho biri uko rero,  mu makomine Lionel yasiguyemwo  ivy’iyi logiciel nka Cankuzo, i Gitega n’ahandi, ngo barabonye koko ko yofasha cane ariko bati : « Ni ngombwa ko mu bushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu iterambere rusangi n’umutekano, babanza kuyemeza gutyo tubone kuyikoresha… » Nikwo kuja muri ubwo bushikiranganji muri Nzero 2024, baramukeza kubw’ico gikorwa ciwe, bamubwira ivyo yotosora ubu akaba yabirangije, bamwemerera ko bagiye gutanga icegeranyo ubu akaba akirindiriye icovamwo.

Iteriteka avunira akagohe  Reta ko yoshiramwo agatege hakaboneka icegeranyo kidonda amatongo na beneyo muri buri komine, ku buryo no mu nteguro y’amafaranga  izokoresha mu mwaka imenya neza ikori rizotozwa ku gataka uko ringana, hanyuma  hagakoreshwa n’iyo Logiciel gutyo ngo nta manyanga yoba agikorwa na bamwe n’abandi.

Sabikanya kuri
Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

To Top