Ku ncuro igira 4, Uburundi bugiye kugira ibarura ry’abenegihugu, uburaro, uburimyi n’ubworozi. Kuri uyu wa 16 Myandagaro 2024, abashikiranganji barafashe iyambere mu guhimiriza abenegihugu kuzokwitabira ico gikorwa.
« Uburundi burimwo abantu bangahe, ubutunzi bw’igihugu buhagaze kuki, muri rusangi imibereho yabo ishingiye kuki ? » Ivyo n’ibindi, ni ibibazo abantu benshi bakunze kwibaza ku igihugu c’Uburundi, aho mbere bagereranya ko Uburundi burimwo abantu barenga imiriyoni 12.
Naho biri ukwo, ibiharuro vyose umuntu yotanga k’uburundi nti biba vyizewe neza, kuko biva mu ngereranyo. Kugira ngo igihugu kironke inyishu zizewe kuri ivyo bibazo, n’uko gitunganya ico bita « Ibarura ry’abenegihugu, uburaro, uburimyi n’ubworozi ».
Mu gihe ikigo c’igihugu kijejwe iryo barura kimaze igihe kitari gito kiriko kirategura ico gikorwa, ubutigu burageze, aho umurundi yokwitegurira kuzomenya, biciye mu biharuro, ibiranga igihugu c’iwe atagushikuza.
Ibarura ryatanguye
Kuri uyu wa 16 Myandagaro 2024, umugwi w’abashikirangaji ujejwe guhagararira ibarura, barakwiragiye intara nshasha z’Uburundi uko ari 5 kugira ngo bahimirize abaserukira abandi mu ntwaro, indero, amagara y’abantu n’amashengero. Hari mu ntumbero yo kubatuma gukwira mu bo bajejwe, maze babahimirize kuzokwitabira ico gikorwa gihambaye.

Mu gisagara ca Bujumbura, aho Baradahana Lyduine umushikiranganji mu vyo ajejwe harimwo amagara y’abantu, aho yari kumwe na mugenziwe Ndacayisaba Leocadie ajejwe gutumatumanako, ubuhinga bwa none n’ibimenyeshamakuru,yagize ati : « Nta nakimwe mu matungo ufise utazobazwa muri Rusasuma ». Izo ndongozi zahamagariye abenegihugu kuzokwitabira ibarura atan’umwe avuyemwo, maze bakishura inyishu zitomoye kandi z’ukuri. Barahejeje batumirira abenegihugu kwandika kugapapuro abaraye kumuhana, n’amatungo yose bari bafise muri iri joro ryakeye ry’uwa 15 ushira uwa 16 Myandagaro 2024 maze agapapuro bakabike ahadata.
Nayo Ndayishimiye Nicolas umuyobozi mukuru w’ikigo c’igihugu kijejwe ibarura (BCR) yamenyesheje ikirangamisi nyezina c’ibarura, aho amenyesha ko rusasuma twamaze kuyinjiramwo. « Ibarura ryatanguye guhera kuwa16 Myandagaro, ni ukuvuga ko ariyo tariki mfatirwako mukugira ibarura, ari naco gituma bahamagariye abantu kwandika ivyo bari bafise, n’abaraye ku muhana mw’ijoro ry’uwa 15 rishira uwa 16 Myandagaro ».
Ariko uwo muyobozi amenyesha ko ikiringo ca rusasuma nyezina kizotangura igenekerezo rya 24 Myandagaro kikazohera igenekerezo rya 15 Nyakanga 2024. Amenyesha ko indwi yo kuva kuwa 16 ari iyo guhimiriza abenegihugu no kubasigurira ku madidane bogira kuri iryo barura maze bazoryitabe bagononokewe.

Ibarura ni kirumara ku buzima bw’igihugu
Ibarura buca ritangura ni igikorwa gihambaye cane ku buzima bw’igihugu. Mu Burundi rizoba ribaye irya 4 inyuma y’iryabaye mu 1979, 1990 hamwe na 2008.
Ndacayisaba Leocadie yavuze ati: « Hariho benshi bavyitiranya, ngo ibarura ribaye kubera amatora ! »
Iyo ndongozi imenyesha nyabuna ko hakenewe ibiharuro vy’isunga ya mbonakazoza y’Uburundi, igihugu cifashe mu 2040, n’igihugu giteye imbere mu 2060, eka mbere na wa mugambi w’igihugu w’iterambere 2018-2027.
Nk’uko tubikesha ivyegeranyo vy’amabarura yagiye arakurikirana, mu mwaka wa 1979 uburundi bwabamwo abantu 4.137.437, nayo mu 1990 bakaba bangana 5.356.267, harimwo abagabo 2.600.275 (ibice 48,8 %) n’abagore 2.755.992 (ibice 51,2 %), ni mu gihe muri 2008 abarundi bangana 8 053 574 harimwo abagabo 3 964 906 (ibice 49,2 %) n’abagore 4 088 668 (Ibice 50.8%); bikumvikana ko bagiye barongerekana uko imyaka yagiye irahaca.
Mu gihe igihugu kiba gisanzwe gifise imigambi y’iterambere kiriko kirarangura, canke imbonakazoza y’ikiringo runaka, birahambaye cane ko kigira ibiharuro biri ku gihe bijanye n’imibereho y’abenegihugu, kugira ngo bifashe abafata ingingo kuvyisunga mu gutunganya imigambi izana inyishu kuvyo abenegihugu bakeneye mu buryo burama. Birafasha kandi kwisuzuma neza no kuraba ko hari ico iyo migambi iriko iramarira abenegihugu yagenewe, gutyo bikoroha gusuzuma urugero rw’iterambere igihugu kigezeko. Mwomenya kandi ko kugira ibiharuro biri ku gihe mu bijanye n’imibereho y’abenegihugu bifise ico bifasha mu bushakashatsi bufatiye kuvy’ubutunzi. Gutyo ukugirirwa ibarura bikaba ari igikorwa c’iteka ku buzima bw’igihugu.




