Jimbere

ikirundi French English
Itororokanirizo ry'ivyatohojwe

RD Congo : umugera w’ingwara y’urukushi (Mpox) imaze guhitana abantu barenga 400…

Muri Kenya, buri ndwi urwaruka rushika 1000 ruraja mu bihugu vyo hanze kurondera akazi, mu Buganda kirazira kugira imyiyerekano yo kwiyamiriza igiturire. Na yo muri Tanzaniya harangwa itereni ikoreshwa n’umuyagankuba. Ni mu makuru yaranze akarere ka EAC mu ndwi yo ku wa 22-28 Mukakaro 2024.

Muri RDCongo abantu barenga 11000 baratowe umugera w’ingwara y’urukushi (Mpox), abagera ku 450 iramaze kubahita. Ku ntara 26 zigize igihugu ca RDC, intara 25 ziramaze kwibonekezamwo iyo ngwara mbere ikaba yaranageze no mu gihugu c’Uburundi, iyo ngwara yatanguye ifata ibikoko, ariko umugera mushasha wa Mpox ukaba uhererekanwa hagati y’abantu nk’uko tubisoma ku kinyamakuru RFI

Nk’uko tubandanya tubisoma kuri ico kinyamakuru, ngo abayobozi batandukanye n’abo mu gisata c’amagara y’abantu barimwo, ngo baratewe impungenge n’iyo ngwara, aho mbere muganga Cris Kasita mu vyo ajejwe harimwo kugwanya Mpox, agira ati : « Buri ndwi, turonka abantu barenga 800 banduye iyo ngwara », akaba rero asaba abantu bose kugendera amabwirizwa atangwa n’abaganga mu ntumbero kwikingira iyo ngwara.

Muri Kenya, buri ndwi urwaruka rushika 1000 ruraja mu bihugu vyo hanze kurondera akazi

Ivyo vyavuzwe na Willam Ruto, umukuru w’igihugu ca Kenya ku wa 28 Mukakaro 2024 aho yashikiriza ko urwaruka ruzipfuza kuja gukore akazi mu bihugu bibanyi canke mu bindi bihugu vya kure ko batokwitinya, mbere ko n’igitabu c’inzira (passeport) uwugisavye ashaka kuja gukora hanze akironswa mu kiringo c’indwi imwe gusa.

Ikirenzeko, ku rwaruka ruzoba rurose akazi hanze rugiye gukora, n’itike y’indege ntiruzisopa nk’uko vyanditswe n’ikinyamakuru Kenyans.co.ke. Ruto akamenyesha ko we yakoze ivyo ajejwe mu kugirana amasezerano n’ibindi bihugu bitandukanye muri yo hakaba harimwo nuko abanyakenya bashobora kuronka muri ivyo bihugu bagiranye amasezerano ubuzi bushika 400.000. Agira ati : « Ni ahanyu rero bo kuja gukora ubwo buzi namaze kurondera ».

Uganda : biturutse ku myiyerekano yo kwiyamiriza igiturire, hari abanyagihugu bamaze gufatwa

Abajejwe umutekano mu gihugu ca Uganda mu makaritiye y’umugwa mukuru wa Kampala barahagaritse ku wa kabiri w’indwi iheze abantu baharurirwa mu macumi bariko bagerageza kuja mu mabarabara ngo biyamirize igiturire gikabije cakwa muri ico gihugu.

Bamwe mu bariko baragira imyiyerekano barafashwe nabi n’abajejwe umutekano mu gihe bariko baburiza ku nguvu imiduga. Igiporisi kikaba carikoze ku gisirikare kugira gishwiragize abanyagihugu bari mu myiyerekano. Abagize iyo myiyerekano bakaba bashaka kwigana ivyabaye mu gihugu ca Kenya aho ngo imyiyerekano yakozwe mu kwiyamiriza iduzwa ry’amakori n’amatagisi yatumye Perezida waho afata ingingo yo kubogoza abatari bake mu nzego ziwe.

Nk’uko tubisoma ku kinyamakuru africanews, ngo iyo myiyerekano yakabuwe n’uko umukuru w’inama nshingamateka wa Uganda yagirijwe cane ibijanye n’igiturire agahamagarirwa gutanga imihoho ariko ntabikore, kuko we yahakana ivyo yagirizwa.

Ku bijanye n’imyiyerekano, nk’uko tubandanya tubisoma kuri ico kinyamakuru, Yoweri Museveni Perezida wa Uganda akaba yamenyesheje mu mpera z’iyo ndwi irangiye ko atazihanganira imyiyerekano yoba mu gihugu. Akaba yagabishije abariko bategura imyiyerekano ko bakina n’umuriro.

 Tanzaniya : itereni zo ku buhinga bwa none zikoreshwa n’umuyagankuba…

isanamu yerekana itereni

Ibikorwa vy’itereni zikoreshwa n’umuyagankuba vyarageragejwe ku munsi wa kane w’indwi iheze. Ni umuhora w’inadarayi ihuza Dar es Salaam na Dodoma. Abiyunguruza bakaba barishimiye umuzo w’itereni ikoreswa n’umuyagankuba. Abayobozi bakukuru bajejwe ivy’amabarabara y’indarayi muri Tanzaniya bakaba bamenyesha ko ari intambwe ikomeye kuba bagiye kuza barakoresha itereni zigezweho kandi zinyaruka cane nk’uko tubisanga ku kinyamakuri The Citizen. Izo tereni zikaba zaje ari zibiri zivuye muri Koreya y’epfo.

Nk’uko tubisanga kuri ico kinyamakuru ibirori vyo gutanguza icese ibikorwa nyezina vy’izo tereni zigezweho zikoreshwa n’umuyagankuba bizoba ku wa kane igenekerezo 1 Myandagaro 2024 aho bitegekanijwe ko bizugururwa n’umukuru w’igihugu Samia Suluhu Hassan.

Ikinyamakuru NouvelleAube candika ko uyo mugambi w’itereni zikoresha umuyagankubu uje hagaze kuko ukingira ibidukikije. Ngo iyo tereni izotuma amabisi yahora akora ingendo za Dar es Salaam Dodoma agabanuka gutyo ivyotsi ayo mabisi yagenda ararekurira mu kirere bigabanuke nk’uko vyagiye biravugwa na bamwe na bandi mu bishimiye umuzo w’itereni zikoreshwa n’umuyagankuba.

Ico kinyamakuru candika ko iryo barabara ry’indarayi ryubatswe n’ishirahamwe ry’aba Turukiya, ariko itereni zo ku buhinga bwa none zirimwo wifi na bwa buhinga butanga akayaga (air conditionné) zavuye muri Koreya y’epfo.

Ikinyamakuru NouvelleAube kinandika kandi ko muri Kigarama 2022, igihugu ca Tanzaniya cateye umukono ku masezerano y’imiriyari 2,2 z’amadorare y’amanyamerika n’ishirahamwe ry’Abashinwa kugira riheze kwubaka ibarabara ry’indarayi rihuza Tanzaniya n’ibihugu bibanyi ari vyo Uburundi, RD Congo, Urwanda na Uganda.

Sabikanya kuri
Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

To Top