Jimbere

ikirundi French English
Itororokanirizo ry'ivyatohojwe

Amakuru yaranze EAC kuva ku wa 7 gushika ku wa 14 Nzero 2024

Rwanda: Igihugu c’Urwanda carasohoye itangazo rivuga ku ngingo yafashwe n’igihugu c’Uburundi kw’igenekerezo rya 11/01/2024 yo kwugara imbibe ivyo bihugu bisangiye.

Reta y’Urwanda ivuga ko yabonye mu binyamakuru ingingo ya Reta y’Uburundi yo gusubira kwugara imbibe batanabimenyeshejwe. Ni mugihe hari haheze amezi 15 gusa izo mbibe zuguruwe.

Urwanda rubandanya ruvuga ko iyo ngingo ibabaje izobangamira uburenganzira bw’abenegihugu b’ivyo bihugu vyompi bwo gukora ingendo no guhanahana ibidandazawa. Urwanda rukabandanya ruvuga ko iyo ngingo ihonyanga amategeko ajanye n’imigenderanire n’ugukorana hagati y’ibihugu bigize akarere ka Afrika y’ubuseruko. Tubikensha Urubuga rwa Reta y’Urwanda.

RDC: Urudandaza njabukambibe rwarahungabanye ku rubibe rw’uburundi na Republika iharanira Demokarasi ya Kongo. Vyabaye kuwa 8/01/2024 biturutse ku mugwi uhurikiyemwo urwaruka utegamiye Reta ya Congo wabujije Abarundi kwinjiza ibidandazwa vyabo ku butaka bwa Congo, mbere bagasubizwa inyuma. Uwo mugwi wamenyesheje ko babikoze mu ntumbero yo kwerekana ukuntu abadandaza ba RDC bafatwa nabi iyo baje mu Burundi.  Ariko Reta ya RDC yoyo ikaba yamenyesheje ko igikorwa urwo rwaruka rwakoze kinyuranye n’amategeko kandi atawabatumye kubikora nk’uko bimenyeshwa na VOA

Kenya: Umukuru w’igihugu William Ruto avuga ko yiteguye kuyobora ibiganiro hagati y’inyabutatu (Pouvoir exécutif, judiciaires et législatif) kugira ngo barabire hamwe ivyoba bihanze ubutungane bwa Kenya n’uko bogwanya abashaka kudindiza imigambi y’iterambere bifashishije urwego rw’ubutungane. Ni mu gihe yumvikanye igenekerezo rya 4 Nzero avuga ko atazokwubahiriza ingingo zafashwe n’abo mu butungane abagiriza ko bari mu kwaha kw’abansi b’iterambere rya Kenya. Ayo majambo ya Ruto akaba ariyo yateye ishavu abacamanza ba Kenya, aho umukuru w’urwego rw’abacamanza yiyamirije ayo majambo y’Umukuru w’igihugu.

Martha Koome arongoye urwo rwego yavuze ko gusuzugura no kutubahiriza ingingo z’abajejwe ubutungane ari ugutesha agaciro, icizere n’ububasha abenegihugu baha ama sentare. Mw’itangazo, Koome yagize ati: “Iyo umukozi wa Reta akangishije ko atazubahiriza ingingo ya sentare ubutegetsi bugendera ku mategeko buba bugeramiwe, bigashira imbere ingimba mu gihugu”.

Ni kuri ayo majambo William Ruto yahavuye avuga ko hakwiye kuba ibiganiro kugira barabe ukuntu abacamanza batoba ibikoresho vy’abanyeporitike batavuga rumwe n’ubutegetsi bashaka kudindiza imigambi y’iterambere. Tubikensha ikinyamakuru The citizen Digital.

Tanzaniya: Kuwa 15/01/2024, ubuyobozi bw’uruja n’uruza mu kirere bwa Tanzanie (TCAA) bwarafashe ingingo yo guhagarika uruja n’uruza rw’indege z’ishirahamwe Kenya Airways hagati y’ivyo bihugu bibiri. Iyo ngingo ikaba yategekanya kuja mu ngiro guhera itariki 22/01/2024.

Ubwo buyobozi bwavuga ko bwafashe iyo ngingo inyuma y’aho Kenya yankiye uruja n’uruza rw’indege za Air Tanzania Company Limited hahonyanzwe uburenganzira bahabwa n’amategeko y’uruja n’uruza mu kirere. Tanzaniya yagiriza Kenya kuba yarahonyanze ingingo ya 4 y’amasezerano bagiranye mu 2016 ivuga ko ivyo bihugu bibiri bitegerezwa kworohezaniriza mu bijanye n’uruja n’uruza mu kirere nk’uko vyandikwa na ikinyamakuru The Citizen  

 Ouganda:  Abakenyezi babiri bari mu minwe y’inyamiramabi bagirizwa kwiba uruyoya rukivuka, mu bitaro vy’akarere ka Masaka muri Ouganda. Nk’uko vyiganwa na Charity Mbabazi nyina w’ico kibondo cavutse itariki 13/1/2024, ngo vyatanguye igenekerezo rya 12/1/2024 aho yaza muri ivyo bitaro kugira ngo yibaruke. Niho abakenyezi 2 atazi baje baramwimenyereza bamugira umugenzi. Bukeye amaze kwibaruka umwe muribo araza amubwira ko nawe ariho yibarukiye ariko we umwana wiwe afiswe n’abaganga kubw’ingorane yo guhema yavukanye.

Umugabo wa Charity aho yaza gukeza umuvyeyi wa mukenyezi araheza abahanura ko bojana gucagura uduhuzu twiza tw’umwana nayo we akabasigaranira umwana.

Niho bagarutse basanga wa mwana atawuhari, umugore utanka abasigurira ko abaganga bamutwaye  bamujanye aho babundikirira; bagire baraja kuraba basanga ntawuriyo. Niko gutabaza inzego z’umutekono. Nyene gusahura uyo mwana yaciye afatirwa kw’irembo ry’ibitaro agira amwibe. Abo bagore babiri bakaba baciye bafatwa n’igiporisi kugira bakorweko amatohoza. Tubikensha ikinyamakuru Monitor

Kino gisomwa canditswe na Elysée Niyontoranwayize kuri Kaminuza y’Uburundi, mu gisata cigisha ibijanye no kumenyesha amakuruumwe mu banyeshure ikinyamakuru Jimbere Magazine cakiriye mu ntumbero yo kwimenyereza umwuga wo kumenyesha amakuru

Sabikanya kuri
Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

To Top