Jimbere

ikirundi French English
Agateka k'abakenyezi

Amabi akorerwa abakenyezi: « Hari abagabo bakibona gukubita umugore nk’agateka »

Mu Burundi abakenyezi n’abigeme barahohoterwa mu buryo butandukanye bagasinzikarizwa umubiri, bagaturubikwa canke bagasuzugurwa haba mu ngo, mu kibano eka mbere no mu nzego zifata ingingo. Ibiharuro vyashizwe ahabona mu rukurikirane rw’iminsi 16 yahariwe kugwanya amabi akorerwa abakenyezi vyerekana ko abakenyezi n’abigeme barenga 281 ari bo bamaze gukorerwa amabi afatiye ku gitsina mu Burundi kuva mu ntango z’umwaka wa 2023 gushika mu ntango z’ukwezi kwa Kigarama 2023.

Mu Burundi nk’uko bivugwa na Emile Mworoha, umuhinga mu vya kahise akaba n’umwigisha muri za kaminuza, avuga ko hari imvugo n’imigirwa imwe imwe ikorwa n’abagabo kugira bacinyize umukenyezi. Imigani nka « nta nkokokazi ibika isake ihari, nta karamu y’umugore » n’iyindi nk’iyo yarigije abakenyezi kure y’ubutwari bafise, bituma bafata umugabo nk’umutware, maze bo bakibona nk’abadashoboye. Nayo umugenzo wo « gushinga amashiga: aho umugabo akubita umugore wiwe ngo urugo rurame uza usinzikariza abakenyezi umubiri.

Ku bwa Mworoha, abagabo babona gukubita umugore nk’agateka. Umugenzo wo « Gushinga amashiga » (umugabo amaze gukubita umugore niho yagira ijambo mu bandi bagabo) wakubagura abakenyezi. » Emile Mworoha ati: “Ku ntwaro ya cami, umukenyezi ntiyahabwa ijambo ahari abagabo ngo abe umutware. Kudashira abakenyezi mu Bashingantahe, kudatorana amatongo mu muryango vyarimye ijambo umukenyezi. Abakenyezi ntibaja mu butware kiretse umwamikazi yashobora gutwara igihe apfakaye uwusubirira umwami akiri ifyufyu. Atarakura. »

Yemeza ko naho biri ukwo, iterambere ririko rirazana impinduka, kuko aho hambere amashure yari ay’abahungu gusa: Umwana w’umwigeme ntiyashirwa mw’ishure. Bavuga ngo « nta karamu y’umwigeme ». Uyo muhinga mu vya kahise akishimira ko ubu abigeme basigaye biga, abakenyezi bakaja mu nzego zifata ingingo mu gihugu.

Amategeko akingira abakenyezi ashingwe kandi ashirwe mu ngiro

Emile Mworoha  amenyesha ko n’ubwo abavugira agateka k’abakenyezi baguma bitanga uko bashoboye, ariko intambamyi z’abakibona umukenyezi nk’uwudashoboye zikiriho kandi zikwiriye gutorerwa umuti. Agira ati: « Amategeko akingira abakenyezi ashingwe kandi ashirwe mu ngiro. Haveho ubusumbasumbane bw’umuhungu n’umwigeme. Dushire abakenyezi bo ku mitumba mw’iterambere rirama naho bigoye bivanye n’uko hari ivyo bamaze kwikuramwo ko atari ivyabo. Twijukire guhuza imico n’imigenzo vya kera n’ibigezweho. »

Donavine Uwimana, umunyamabanga mpuzabikorwa w’ishirahamwe ryishinze guteza imbere ineza y’ingo n’imiryango ABUBEF nawe ati: « Kutavugira mu ngo ibijanye n’imibonano mpuzabitsina, bituma abigeme batamenya ingene bigenza iyo batewe. Gutwikurura (vyerekana ko gukora imibano mpuzabitsina bibujijwe ku bigeme gusa imbere y’ubugeni, bikirengagizwa ku muhungu), kwipfuza kuvyara abahungu gusa n’iyindi mico n’imigenzo irabangamira abakenyezi n’abigeme. »

Kubwiwe, harakenewe ibiganiro bisuzuma imico iduteza imbere kugira ngo ikomezwe, nayo iyidusubiza inyuma ihinyanyurwe.

« Abagabo barakwiye kwemera ukungana kw’ibitsina »

Marie Kinyabuku, umuhuzabikorwa w’urunani rw’abakenyezi baharanira gutsimabataza amahoro mu Burundi (coordinatrice du réseau femmes et paix), we agira ati: « Ivyisungwa mu mico n’imigenzo ntibisigura ko umukenyezi atari afise ico yari guterera, ahubwo yakorera mu gitutu c’umugabo. Umukenyezi yarerekanye ko hari ico ashoboye kuva atanguye guhabwa uburenganzira bwo gutora no kwitoza. Abagabo barakwiye kwemera ukungana kw’ibitsina. »

Amera nk’uwutemera ibijanye n’ukungana kw’ibitsina, Judicaël Elidge, umuserukizi w’igisata ca ONU citaho igwirirana ry’abantu UNFPA, we avuga ati: « Sinibaza ko imico n’imigenzo yose ikubagura abakenyezi, nitwige kumenya impamvu yashizweho. Bivanye n’akame ka muntu (nature humaine), nta kintu na kimwe dushobora gukora kugira ngo tunganishe umuhungu n’umukobwa ibice 50% ku 50% kuko baratandukanye. Ahubwo twese hamwe dukwiye kumenya ico ari co ikubagura rifatiye ku mico n’imigenzo, hanyuma turigwanye, umwe wese ahabwe ikibanza kiberanye n’ubushobozi bwiwe. »

Mwomenya ko ivyo vyashikirijwe ku wa 8 Kigarama 2023 mu rukurikirane rw’ibikorwa vy’iminsi 16 yahariwe kugwanya amabi akorerwa abakenyezi n’abigeme bishigikiwe n’Ubuserukizi bw’Ubumwe bwa Buraya mu Burundi, aho ishirahamwe rihurikiyemwo abakenyezi bize ivy’amategeko bari batunganije ibiyago vyo kurabira hamwe uruhara rw’imico n’imigenzo n’ikibanza umukenyezi afise mu bijanye no gufata ingingo no mu mabi akorerwa abakenyezi.

Kino gisomwa canditswe na Irambona Willy Fridyize kuri Kaminuza y’Uburundi, mu gisata cigisha ibijanye n’ugutumatumanako amakuruumwe mu banyeshure ikinyamakuru Jimbere Magazine cakiriye mu ntumbero yo kwimenyereza umwuga wo kumenyesha amakuru

Sabikanya kuri
Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

To Top