Turakunze kwumva amashirahamwe yaba ayo mu Burundi canke mpuzamakungu yigisha ivyerekeye irondoka rijanye n’amagara meza mu rwaruka, yongera ahimiriza abantu kwijukira kugwanya amabi akorerwa abakenyezi n’abigeme. None ni ibiki biranga urwaruka rufise amagara meza? Hoho amabi akorerwa abigeme n’abakenyezi ari ubwoko bungahe? Ni muri iyi nkuru.
Ugira gutya ukumva bamwe ngo irondoka rijanye n’amagara meza mu miyabaga n’urwaruka. Abandi na bo ngo irondoka rijanye n’amagara meza mu ngo. Ukivyumva ubwa mbere wokwumva umengo vyose birasa. Ariko si vyo. Biratandukanye. Kuva ku myaka 12 gushika ku 24, ni yo miyabaga n’urwaruka bigishwa ibijanye n’irondoka rijanye n’amagara meza.
Uti none ni kubera iki iyo myaka? Dr Jacqueline Nintunze wo muri Care Burundi asanzwe arongoye umugambi Menyumenyeshe utanga izo nyigisho ku rwaruka n’imiyabaga avuga ko abana bageze muri iyo myaka baba bariko baragira impinduka ku mibiriri yabo. Biba ngombwa rero ko batangura no kwigishwa ibijanye nizo mpinduka, bakamenya ibintu batangura kwirinda kugira ntibashire ubuzima bwabo mu kaga. Muri ico gihe rero baca batangura kwigishwa kwirinda ubushurashuzi kuko bwoshobora gutuma batwara inda batipfuza abandi n’abo bagatera inda hataragera ugasanga bitumye biyicira kazoza kabo keza. Muri ico gihe abavyeyi barahimirizwa kuguma baganira n’abana babo babigisha inyifato ibereye, gutyo bakabihanikiririza kutisuka mu busambanyi bwotuma bafutana ku mubiri no ku mutima. Dr Jacqueline akavuga ko, ariko ibijanye n’irondoka rijanye n’amagara meza mu ngo, ari inyigisho zihabwa abubakanye kugira baje ku buryo bwo kuvyara ku rugero.
None rero ni ibiki biranga urwaruka rufise amagara meza ? Vinciane Akimana arongongoye ikigo kiraba ibijanye n’ingo n’imibano muri komine Gashikanwa mu ntara ya Ngozi avuga ko iyo urwaruka rutuje, rwigishijwe neza inyigisho zijanye n’ubuzima ndoragitsina rugatako rukazigendera, rubaho rumerewe neza mu mutwe, ku mutima, ku mubiri, mu kibano no mu vy’ubutinzi, kuko ruba rwaririnze uruhagarara n’ingorane ziterwa n’inda z’indaro, inkomoko y’amakuba arengeje.
Ibijanye n’amabi akorerwa abakenyezi n’abigeme…
Ndibaza ko hari abashobora kuba bibaza bati : « None abakenyezi n’abigeme gusa n’ibo bakorerwa amabi ? Hoho ayo mabi ni ayahe » ? Dr Jacqueline Nintunze ati :« Oya, n’abagabo barayakorerwa. Ariko hari ukuntu abagabo baremwe. Ntibashaka kwerekana yuko hari ikitagenda neza. Kuko baguma biyumva ko bashoboye kwigwanira. Ariko abagore n’abigeme, kenshi bafatwa nk’abadashoboye kwigwanira. N’imico n’imigenzo ikabashira hasi, gurtyo abagabo bakikika inyuma y’imico mu gucinyiza no guhohotera igitsina gore, kuko gifatwa nk’ikidashoboye. Kubw’ivyo rero tuguma duhimiriza abantu kugwanya amabi ashingiye ku gitsina. »
Mwomenya rero ko ayo mabi avugwa ko yoranduranwa n’imizi ari mu bwoko bune, nk’uko bishikirizwa na Dr Jacqueline Nintunze : Ubwa mbere, hari ugufatwa ku nguvu kw’abigeme n’abagore bariko bararengana mu nzira. No mu bubakanye, harabera ugufatwa ku nguvu, aho umugore ategekwa ku nguvu kurangura amabanga y’abubatse atabishaka. Nk’iyo arushe canke arwaye. Ubwa kabiri hari amabi ababaza umutima, aho usanga abigeme canke abakenyezi baturubikwa, bagatukwa ngo nta co bazovamwo, bakabuzwa amahirwe yo kwiga. Ngo abakobwa ni akarago k’abaraye n’ibindi. Ubwa gatatu haza amabi ababaza umubiri aho mu ngo abagore barara barakubitwa n’abagabo babo, abana b’abakobwa bagakubitwa n’abasaza babo ntihagire uwuvuga, … Ubwa nyuma hakaza amabi ashingiye ku butnuzi, aho umugore atagira ijambo ku butunzi bw’urugo. Agakora agatama, akimbura ariko akayoberwa iyo bija, n’utundi turorero twinshi.




