Urwanda rwahawe imiriyaridi 156 Frw n’Ubwongereza mu kwezi kwa Ndamukiza 2023, kugira babandanye gutegura no gushira mu ngiro umugambi wo kwimurira mu Rwanda abasaba ubuhungiro mu Bwongereza. Muri 2022, igihe uyo mugambi watangura kwigwa, Urwanda rwari rwahawe imiriyaridi 219 Frw. Bakazongerwa izindi miriyaridi 78 Frw muri 2024.
Ivyo bibaye inyuma y’igihe gito umushikiranganji wa mbere Rishi Sunak agaragaje ko reta arongoye y’Ubwongereza yipfuza ko uyo mugambi wotangura gushirwa mu ngiro, kurundi ruhande umushikiranganji ajejwe abinjira n’abasohoka m’Ubwongereza akaba yaratanze imihoho kubera ukutabona neza uyo mugambi wo kurungika abimukira mu gihugu c’Urwanda.
Uyo mugambi wo kurungika mu Rwanda bamwe mu basaba ubuhungiro mu bwongereza ufise intumbero yo guca intege abimukira bose bipfuza kuja gusaba ubuhingiro muri ico gihugu. Inkuru dukesha BBC
Uganda : abanywi b’inzoga bashobora guhabwa amasaha ntarengwa yo kunywa inzoga, amasaha 6 ku minsi y’imirimo hamwe n’amasaha 12 mu minsi ya week-end
Ubuzi bugera ku miriyoni 4 nibwo bubangamiwe n’umugambi mushasha uri mw’itegeko ririko ririgwa mu nama nshingamateka yo mu gihugu ca Uganda. Iryo tegeko ngo rigamije kugenzura no gukurikirana hagufi uburyo inzoga zinyobwa. Ibitanezereye abatari bake bibaza ko iyo ngingo hamwe yoshirwa mu ngiro yohava ituma abatari bake batakaza ubuzi.
Akarorero katanzwe na Jackie Tahakanizibwa, umunyabanga mukuru w’amashirahamwe ahingura inzoga zambiye aho avuga ko abahingura inzoga batanga ubuzi bunyaruka bugera ku bihumbi 800, bukongera bugatanga n’ubundi buzi burenga imiriyoni 4 biciye mu bindi bikorwa nk’abakora mu bunywero, ubutambiro, abikorera inzoga, abazunguruza, abarimyi, abagurisha ivy’abarimyi n’abandi.
Abo bose afata ko bazoba babangamiwe nka hamwe iryo tegeko ryo kugenzura inyobwa ry’inzoga ryoshirwaho. Kimwe mu bituma benshi mu baryiyamiriza baterekwa iryo tegeko nkuko vyanditswe n’ikinyamakuru Nile Post ukubona amasaha yo kwihereza agacupa azoba ari 6 hagati mundwi (Kuva isaha 11 zo ku muhingamo gushika isaha 4 z’ijoro), n’amasaha 12 mu minsi ya Weekend (kuva isaha 6 z’umurango gushika isaha 6 z’ijoro).
Tanzaniya : abantu bashika kuri 76 bamaze kumenyekana ko bapfuye bivuye ku mvura y’isegenya
Abandi bantu bagera kuri 5600 bo mu karere ka kadesh (kari ku birometero 300 vy’umugwamakuru Dar Es Salaam) barateshejwe izabo baromoka kubera izo mpanuka. Nkuko vyandikwa n’ikinyamakuru RFI, iyo mvura yavuye kwihindagurika ry’ibihe rizanana ubushuhe bwinshi, bikunze kubangamira akarere k’ubuseruko.
Umukuru w’igihugu ca Tanzania, Samia Suluhu akaba yavuye vyihuta mu nama mpuzamakungu yiga ivy’ihindagurika ry’ibihe ryariko ribera i Dubai #COP28 aza kwifatanya n’abateshejwe izabo umubabaro. Ibindi vyahononekariye harimwo inyubako, amabarabara, ibikoresho bifasha mu gutanga umuyagankuba no gutumatumanako amakuru,
Kuva muri Gitugugu 2023, mu gihe c’ihindagurika ry’ibihe El Niño ryahitanye abantu barenga ijan, imiriyoni 2 z’abantu bata izabo bomokera muri Ethiopie, Kenya na Somalia.
Kenya : Abarovyi 15 b’Abaganda barafatiwe kunkegera z’ikiyaga Victoria gishika Kenya, bakaba bapfungiwe muri Mihuri Bay muri Kenya
Abo barovyi bafashwe n’abarongozi bo muri Kenya bariko barobera mw’izinga rya Lolwe riri mu karere ka Namayingo mumaja epfo ya Uganda ku nkengera z’ikiyaga Victoria gisanzwe gishika no mu gihugu ca Kenya, bakaba baciye bapfungwa muri Mihuri Bay muri Kenya n’ubwato bugera kuri 5 barimwo burafatwa.
Abarongozi bo mu karere ka Namayango bibaza ko iryo fatwa ry ‘abo barovyi kwoba ari ukwihora inyuma yaho ubwato 11 bwo muri Kenya bufashwe n’inzego zijejwe uburovyi mu karere ka Namayango ko muri Uganda, kubera ubwo bwato bwo muri Kenya bwarenga akarimbi bukinjira mu mazi ya Uganda ata ruhusha bafise n’ibikoresho bitagenewe kuroba. Abarongozi bo muri ako karere ka Uganda bakaba bari mu biganiro n’abo muri Kenya kugira abo barovyi babo 15 bafashwe barekurwe. Inkuru dukesha Nile Post
Muri Sudani y’epfo, abakozi bagera kuri 1200 bo muri Kaminuza ya Bahr El Ghazal bari muri yegeregere basaba agashahara k’amezi 7 batararonswa
Urunani rw’abakozi bakora kuri kaminuza ya Bahr El Ghazal (bose hamwe bkaba ari 1200), bari muri yegeregere ku mvo zuko bariko basaba agashahara kabo batararonswa k’amezi 7. Mbere bakaba basaba no guhabwa n’ayo kwiyunguruza angana nico kiringo nyene. Iyo yegeregere yatanguye itariki 8 Kigarama, bikaba vyari bitegekanijwe ko imara iminsi 3. Rabie Adam Hamed, umukuru w’urunani rw’abakozi muri ico kigo ca Kaminuza ayagira iradiyo Eye Radio ko nka hamwe batotunganirizwa canke bumvirwe kuvyo basaba, iyo yegeregere ishobora kubandanya indwi yose.
Muvyo abo bakozi basaba, harimwo agahembo ko mu mezi ya Ndamukiza, Rusama na Ruheshi batahawe, ibirarane vyo mu kwezi kwa Myandagaro, Nyakanga, Gitugutu na Munyonyo hamwe n’aga ticket ko kwiyunguruza n’indege k’imyaka 3 (batararonswa kuva muri 2020). Ikindi ciyongera ko ni ikijanye n’ubwishingizi ku kwivuza (Couverture médicale) bitarashirwa mu ngiro. Muri Munyonyo 2023, abigisha bo muri Kaminuza za Reta barahamagariye umushikiranganji w’ubutunzi muri ico gihugu ca Sudani y’epfo kuva mu gacerere ashitse ivyo reta yiwe yiyemeje.
Muri Congo, amatora aregereje ariko bimwe mu bikoresho vy’amatora ntibirashikanwa aho bizokoreshwa
Iyo mvo yatumye reta iyobowe na Felix Tshisekedi isaba reta ya Angola kubafasha mu buryo bwo gushikana ivyo bikoresho aho vyagenewe, nayo ibemerera kubaha indege zizorerura ivyo bikoresho. Amatora ategekanijwe kuba ku wa 20 Kigarma 2023, ari naco gituma uwutwara CENI muri ico gihugu Denis Kadima yari yasavye ku wa 05 Kigarama 2023 umukuru w’igihugu Felix Tshisekedi amubangukaniririze indege 4 zo mu bwoko bwa Antonov 26, na Kajugujugu 10 kugira zinyarukane amakarata yo gutora (Bulletin de vote) n’ivyavuye mu matora (Procès-Verbal) mu burere bwose bazotoramwo na narirya hariho ubuce butagendeka neza muri RDC. Inkuru dukesha Politico.cd
Somalia yashize umukono ku masezerano na Ethiopia gutsimbataza amahoro hagati y’ivyo bihugu bibiri
Sivyo gusa, ivyo bihugu bigiye no gufashanya kuvyerekeye ukwivuna abansi no gucungera umutekano. Ayo masezerano aza yiyongera kuyari ahari kuva muri 2014 hagati y’ivyo bihugu vyompi. Muri ayo masezerano harimwo guhanana inyigisho mu bijanye n’ingabo zo kwivuna abansi, guhanana amakuru, kurwanya iterabwoba, gucungera umutekano wo mu biyaga no gufashanya iyo hadutse ibiza canke impanuka.
Nk’uko vyashikirijwe n’ikinyamakuru co muri Somalia Shabelle Media Ubushikiranganji bwo kwivuna abansi bwo muri Somalia na Ethiopia bukaba bwiteze ko ayo masezerano azotuma umutekano utsimbatara mu gace bise ihembe rya Afrika « Corne De l’Afrique » birimwo n’iterambere muri rusangi.




