Muri RDCongo, abasoda ba Monusco b’abanya Afrika y’epfo barirukanywe bagirizwa ubusambanyi. Muri Kenya naho bati hagire ibihugu bikora gishingantahe birihire ibihugu vy’Uburundi na Sudani y’epfo ibirararne biheranye mu muryango wa EAC,… Aya n’ayandi ni amakuru yaranze EAC mu ndwi yo kuva ku wa 09 gushika ku wa 15 Gitugutu 2023.
Indege ya mbere iteranirijwe muri Tanzaniya yarerekanywe
« Skyleader 600 » ni ryo zina ry’indege yateranijwe n’ishirahamwe « Airplane Africa Limited » (AAL) rikorera muri Tanzaniya ahitwa i Morogoro. Iyo ndege yerekanywe mw’ihayanishwa gurisha rya « Tanzania International Manufacturers Expo 2023 » (TIMEXPO) ngo yakozwe mu ntumbero y’umugambi wa AAL wo gukora indege zihwahutse cane zikenewe bivanye n’ingene ivyo gushinga imitahe bimeze muri ico gihugu hamwe n’ingene Abatanzaniya bakunda ibintu bishasha.
Skyleader 600 igenewe gutwara abantu babiri gusa n’uwuyinyonga arimwo. Gutyo rero ngo ni indege nziza ku bagwizatunga (hommes d’affaire) ishobora kubafasha kugira ingendo za kure hanze y’akarere. Nkukwo tubikesha TheCitizen, iryo shirahamwe ritegekanya gusohora, mu mwaka uza, iyindi ndege igenewe ibikorwa vy’uburimyi n’ivyo bifitaniye isano izokoreshwa mu misozi
Umuntu yigize umushingwamanza atari we muri Kenya yarashimiye abamushigikiye
Ni inkuru yavuzweko na benshi muri Kenya, ndetse no hanze yaho. Umugabo yitwa Brian Mwenda Ntwiga yarafashwe ku munsi wa kane w’indwi iheze yagirizwa gukora akazi k’ubushingwamanza ataho yavyigiye, atanazwi n’amategeko. Ngo mbere ngo akaba yari amaze gutsinda imanza zitari nke mu butungane.
Uwo mugabo afise abamushigikiye bamubona nk’intwari hamwe n’abandi bamugwanya we avuga ko ata kosa yifitiye kandi ko aaranashimira abamushigikiye n’abamusengeye bose. Inyuma yo guhagarikwa kugira akorweko amatohoza yimbitse, igipolisi co muri Kenya co kivuga ko yoba atari wenyene gusa akora mwe n’ako kazi atabirekuriwe. Inkuru tuyikesha BBC News
Muri Kongo, abasoda ba Monusco b’abanya Afrika y’epfo barirukanwe bahorwa ubusambanyi
Abasirikare umunani b’abanya Afrika y’epfo bari mu basirikare ba ONU bagiye kugarukana amahoro muri Kongo (Monusco) mu karere ka Kivu ya ruguru, ni bo bahamagajwe n’igihugu cabo. Igihugu ca Afrika y’epfo kimaze kumenya amakuru y’abo basirikare baco, caciye gihitamwo kubatumako kugira ngo bagende kwishura ku vyo bavugwako.
Ariko nubwo biri uko, BBC Gahuza yandika ko igisirikare ca Afrika y’epfo, ica gatanu gifise abasirikare benshi muri Monusco (barenga 1.000) cagaye ingene kitamenyeshejwe ivyagirizwa abasirikare baco biciye mu nzira ibigenewe, gushika aho kivyumvira mu binyamakuru.
Ivyo bikaba bishitse kandi mu gihe igihugu ca Kongo kimaze kumenyesha ko abasirikare ba Monusco bovanwa muri ico gihugu bose kuva mu kwezi kwa Kigarama uyu mwaka kuko ataco bariko baramara mu kugarukana amahoro muri ico gihugu.
« Muri EAC, igihugu kirusha inoti ibindi gikwiye no kugira ijambo ryinshi kubirusha. »
Ivyo ni ivyashikirijwe mu ndwi irangiye n’umugwi w’Abashingamateka bo mu gihugu ca Kenya uraba ibijanye n’ukwinjira mu miryango mpuzabihugu bisangiye akarere (intégration régionale). Abo Bashingamateka bati : « Igihugu cose mu bigize umuryango wa Afrika y’ubuseruko EAC cotanga uburyo busabwa n’umuryango bivanye n’ubushobozi mu butunzi gifise, hama igihugu giterera uburyo bwinshi kigaheza kikagira ijambo ryinshi mbere kugeza no kuri rimwe ntasubizwamwo (droit de veto).
Ibisigura ko ari hamwe ivyo bigiye mu ngiro, nk’igihugu kiri mu bitanga menshi coshobora kwanka ingingo ibindi bihugu bitandatu bindi bihurizako. Nkukwo abo bagize uwo mugwi babisigura, ngo ibisata bimwe bimwe bigize EAC biriko bikora nabi biturutse ku bihugu bimwe bimwe bitarariha canke biteba kuriha intererano zavyo mu muryango.
Abo Bashingamateka ari nakwo gusaba ibihugu vyatanguje umuryango wa EAC kwitanga nk’imboneza bikarihira intererano ibihugu vy’Uburundi na Sudani y’epfo biheranye. Inkuru dukesha TheEastAfrican
Rwanda : Prince Kid yaraciriwe urwo gufungwa imyaka itanu
Dieudonné Ishimwe batazira Prince Kid ni nyene ishirahamwe « Inspiration Back up » ryahoze ritunganya ihiganwa Miss Rwanda. Uwo munyororo ni igihano kije gikurikira urubanza aburanishwa gwatanguye haraciye imyaka aho yagirijwe ivyaha bijanye no gushaka gushurashuza no kubafata ku nguvu bamwe mu bakobwa bari muri iryo higanwa.
Mu gihe yari yasabiwe gufungwa imyak a 16, sentare yahavuye imugabaniriza igihano kubera ari ubwa mbere yari yagirijwe ayo mabi. Gutyo rero igihano cahavuye kija ku gufungwa imyaka itanu no kuriha amande y’imiriyoni 2 z’amanyarwanda. Mu 2022, Prince Kid yari yejejwe na sentare bivanye nuko yari yansanze ibirego bidafashe, ariko kandi kubera ko sentare yari yirengagije intahe z’abakorewe icaha. Inkuru tuyikesha The New Times




