Jimbere

ikirundi French English
Itororokanirizo ry'ivyatohojwe

Tanzania: abakobwa bambara impuzu ngufi bahanishwa ihadabu y’amashiringi 50.000

Mu gace ka Olevolosi muri Tanzaniya haratowe itegeko ribuza abakobwa n’abahungu kwiyambika imyambaro ibafata canke zerekana ibigisusu, uwubirenzeko ni ihadabu y’amashiringi 50.000. Muri DRCongo Lokassa ya Mbongo, yahoze ari rurangiranwa mu kuvuza igitari, amaze amezi 7 apfuye ariko akaba atarahambwa. Aya hamwe n’ayandi ni mu makuru yaranze akarere ka EAC mu ndwi kuva wa 2 gushika ku wa 8 Gitugutu 2023.

Mu nama idasanzwe yabereye mu gace ka Olevolosi, muri karitiye Kimnyak komine ya Arumeru mu gihugu ca Tanzaniya, haratowe itegeko ribuza kwambara ipataro zibafata cane ku buryo ziberekana ingene umubiri wabo ucapuye hamwe no kwambara utujipo tugufi cane tw’impenereza ku bagore n’abakobwa.

Harabujijwe kandi ko abagabo canke abahungu bambara amahereni, basuka imishatsi canke bimosha ku mpande bakawureka hejuru bimwe bitwa “jogo” hamwe no kurekereza ipataro igisusu kikagendera hejuru. Ayo « makosa » yose haba ku bagore canke ku bagabo akaba ahanishwa ihadabu ry’amashiringi 50.000.

Nk’uko umukuru w’iyo karitiye abivuga, ngo izo ngingo zatowe muri ako gace kubera babona ko indero iriko iragenda itituka, abantu bari basigaye biyambika uko bashaka, ivyatuma n’abakiri bato baca bashaka kuza baravyigana. Akaba ari mu ntumbero yo kubihagarika bitararandagata ngo bicike umugenzo. Inkuru yose uyisanga mu kinyamakuru Mwananchi

DRCongo: Lokassa ya Mbongo, yahoze ari rurangiranwa mu kuvuza igitari, amaze amezi 7 apfuye ariko akaba atarahambwa

Umukongomani Lokassa ya Mbongo yitavye Imana mu kwezi kwa Ntwarante 2023, afise imyaka 77. Umuryango wiwe uri n’umubabaro mwinshi kuba Reta ya RDCongo itarashobora gushikana ivyo yemeye kugira bashobore gushingurana iteka uwabo.

Nk’uko tubisoma mu kinyamakuru BBC. André Marie Lokassa, umuhungu w’uwo muhisi amenyesha ko Reta yari yabemereye kubafasha gufubana iteka uwabo ariko gushika n’ubu bakaba batarashira mu ngiro ivyo bemeye. «Twasavye Reta amafaranga agera ku madorari 75.000 kugira dushobore gufubana iteka uwacu, ariko gushika ubu ntakirakorwa. Aho ari mu buruhukiro bw’abapfuye, amahera azorihwa arenga amadorari 4000»

Uwo muryango w’umuhisi utegekanya gufubana iteka uwabo mu matariki yo hagati mu kwezi kwa Gitugutu mu gihe Reta itogira icikoze. Ikinyamakuru BBC kimenyesha ko carondeye umushikiranganji w’imico, ariko atagize ico abivugako.

Uganda: Abanyamitahe 41 barahomvye umuriyaridi 1,6 w’amashiringi mu ruganda rwo gushora inkoko rwitwa Capital chicken 

Porisi ya Kampala iherutse gutangaza ko hariho abanya-Uganda bahomvye umuriyaridi 1.6 w’amashiringi mu mugambi wo gushora inkoko wiswe Capital chicken. Umuvugizi w’igiporisi ca Kampala, Luke Owoyesigyire amenyesha ko hagati y’umwaka wa 2021 na 2023, Capital Chicken yakorera mu gace ka Kanjokya i Kampala. Abantu bagera kuri 41 barashizemwo imitahe bizeye kuzoza bararonka n’inyungu. Mu ntango ibikorwa vyariko biragenda neza ariko vyagiye guhinduka ku kanyuma.

Mu gihe abanyamitahe bahora bagendera ico kibanza cakoreramwo Capital chicken, kugira bishuze inyungu, abo muri capital chicken bababwira ngo bazogaruke hanyuma vyatunganye. Ku wa 29 Nyakanga, niho abanyamitahe basubira hamwe capital chicken yakorera, basanga yarugaye batigeze babimenyeshwa ni ko guca bitura igiporisi.

Abanyamitahe bari bafitaniye amasezerano (contrats) y’amezi atanu kuri umwe umwe, bavuga ko bari bumvikanye ko bazoronka inyungu ya 60% inyuma y’amezi atanu, kandi ko ayo masezerano bashobora kuyabandanya canke agahagarara.

Abantu 41 ni bo bemeza ko bashizemwo umutahe w’umuriyaridi 1,6 w’amashiringi nk’uko vyemezwa n’igiporisi ca Kampala. Amatohoza akaba yaratanguye, igiporisi gisaba uwo wese afise amakuru y’urwo ruganda ko yobegera akayabashikiriza mu gufashanya mu matohoza. Inkuru dukesha ikinyamakuru Nile post

Rwanda : Impuzi 114 z’i Mahama zarahawe terefone na internet

Impuzi zo mw’ikambi y’i Mahama mu gihugu c’Urwanda zararonkejwe smartphone na internet yo ku buntu, inyuma yaho bagaragaje ikibazo co kubura uko bavugana n’imiryango yabo hamwe no gukora ubucuruzi ku buryo bugezweho.

Impunzi 114 nibo babaye bararonswa izo terefone ngendanwa bongera barakarihirizwa ubumenyi mu bijanye no kudandaza biciye ku buhinga ngurukanabumenyi, kumenya amakuru ajanye n’urudandazwa… « Ngiye kwiyungura ubumenyi nongere nkore akazi neza nkoresheje terefone nahawe » vyashikirijwe na Jules Niyongere, umwe mu mpunzi z’i Mahama.

Kugeza ubu, mwomenya ko ikambi y’i Mahama irimwo impunzi zirenga ibihumbi 60 harimwo abavuye mu Burundi na RDCongo, nk’uko tubikesha ikinyamakuru Igihe. Ihangiro nyamukuru nuko izo mpunzi zose bozironsa terefone.

Kenya: Kelvin Kiptum yaronse imiriyoni 27.3 z’amashiringi ya Kenya, inyuma yo gutahukana ikibanza ca mbere kw’Isi yose muri Marathon mu gihugu c’Ubwongereza.

Kuri uyu wa 9 Gitugutu, umunonotsi w’umunyakenya Kelvin afise imyaka 23 yandikiwe kuronswa umufungo w’amafaranga angana n’imiriyoni 14.9 z’amashiringi ya Kenya avuye ku ruhande  rw’abateguye iryo higanwa, aronswe imiriyoni 7.4 z’amashiringi ya Kenya ($5.000) avuye ku ruhande rw’ishirahamwe Nike iri muzaterereye iryo higanwa (sponsor).

Mu kwezi kwa Ruheshi, Perezida William Ruto yarashikirije amafaranga azoza araronswa abanonotsi b’abagabo canke abagore baduza ibendera rya Kenya. Kelvin azoca aronswa imiriyoni 5 z’amashiringi ya Kenya ku ruhande rwa Reta ya Kenya. Yose hamwe azoronswa imiriyoni 27.3 z’amashiringi ya Kenya hatibagiwe passport diplomatique. Inkuru dukesha ikinyamakuru Kenyans

Sabikanya kuri
Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

To Top