Jimbere

ikirundi French English
Inkuru zo mu Karere

Uganda : umugore umwe yashurashujwe n’abagabo 15 icarimwe

Mu gihugu ca Uganda havugwa umugore yashurashujwe n’abagabo 15 mu mwanya umwe. Na yo muri Tanzaniya, umunyamahanga yafatanywe ikarata karangamuntu atabifitiye uruhusha yaciwe ihadabu ry’amashiringi 500.000. Mu Rwanda, Paul Kagame azitoreza ikiringo ca 4. Aya hamwe n’ayandi ni mu makuru yaranze akarere ka Afirika y’ubuseruko mu ndwi yo kuva ku wa 18 gushika ku wa 24 Nyakanga 2023.

Amakuru igiporisi gitanga ni uko uyo mugore yaragiye kuramutsa abiwabo igihe c’isaha zine z’umurango. Ariko atarashikayo, niho yahura n’abavyara biwe babiri, maze bajana gusangira agacupa.

Hageze yuko bataha igihe c’isaha zitandatu z’ijoro, niho uyo mugore w’imyaka 23 yaza abona haje abagabo 13, mu gihe bari ku nzira bataha. Nk’uko bibandanya vyandikwa n’ikinyamakuru The Monitor, haheze akanya gato, abo bavyara b’uwo mugore, basohoye imbugita, bamutera ubwoba ko mu gihe atokura izo yambaye, baheza bakamwica.

Ntivyatevye ko abo bose uko ari 15 bakora ako kabi, ndetse bagenda bamwivye iterefone yiwe, amafaranga 200.000 y’amashiringi, ibirato, n’impuzu yari yambaye aho hari kw’igenekerezo rya 20/09/2023. Abajejwe igiporisi bavuga ko bakiriko bakora amatohoza, bamenye aho abo babisha binyegeje gushika kino gihe.

Tanzaniya : yarishe ihadabu y’amashiringi 500.000 kuko yagiriwe n’icaha co gutunga karangamuntu ata bubasha abifitiye

Uyo ni umugabo yitwa Yaki Lee, batazira Khalid Juma akomoka muri Reta zunze ubumwe za Amerika (USA) aho yaciriwe urubanza na sentare ya Kisutu mu gisagara ca Dar Es Salaam, igihano co gutanga ihadabu y’amashiringi 500.000 canke yemere gupfungwa amezi 6, kuko yagiriwe n’icaha co gutunga karangamuntu y’igihugu ca Tanzania, ata burenganzira abifitiye.

Uyo mugabo akaba yahisemwo kuriha iryo hadabu, maze sentare iheza ifata ingingo yo kumusubiza vyihuse muri USA. Hagati yaho, uyo mugabo yagiriwe n’icaha co gutanga amakuru atariyo kugira ngo aronke urupapuro rw’inzira rwa Tanzaniya. Tubikesha The Citizen.

Rwanda: Paul Kagame azitoreza ikiringo ca 4

Ku myaka 65, Umukuru w’igihugu c’Urwanda yashikirije mu kiganiro yahaye ikinyamakuru Jeune Afrique, yuko azokwitoza mu matora y’umukuru w’igihugu yimirije mu kwezi kw’umunani 2024. Kubw’iwe ngo arashimishwa n’icizere Abanyarwanda bamwereka. Kagame avuga ko azobakorera buri gihe cose azoba abishoboye.

Inyuma y’imyaka 23 ku butegetsi, Kagame Paul yabajijwe n’umumenyeshamakuru kuba agiye kwiyongera ikindi kiringo co kwitoza, bitazohava biboneka nk’uko yoba ariko ahonyanga intwaro ya Demokarasi, maze amakungu akavyiyamiriza.

Kagame yishuye ati: « Kuri jewe, sinkimenya ibihuye n’indangagaciro z’ibihugu vya rutura. None Demokarasi ni iki? [Ni igihe] ibihugu vya rutara butegeka abandi ivyo bakwiye gukora? Ariko iyo [ mu bihugu vya rutura] barenze ku mategeko yabo bwite, ni gute twobatega amatwi? Gushaka gushinga demokarasi kuw’undi muntu, ivyo ubwavyo biba vyamaze kuba ihonyarwa rya demokarasi ubwayo. Abanyagihugu bakwiye kuba bigenga kandi babwirizwa kugira uburenganzira bwo gushira ibintu vyabo ku murongo uko bavyifuza. » Inkuru dukesha BBC.

RDC: abigisha ba kaminuza bagiriza Reta ko itabahemba

Mu myiyerekano bagize kuri uyu wa 22/09/2023, imbere y’inyubakwa y’Ubushikiranganji bw’ikigega ca Reta, abo bigisha bo muri kaminuza y’i Kinshasa bavuga ko bamaze imyaka myinshi bataronswa agahembo kabo, nk’uko amategeko abitegekanya, bivanye n’urwego rw’amashure bafise.

Kubw’abo ngo ntivyumvikana ko umwigisha yomara imyaka 3 canke itanu, yararonse urundi rupapuro rw’umutsindo rusumbirije ku rwo yarasanzwe afise, ariko agashahara kakaguma ari ka kandi. Abo bigisha bagabisha ko mu gihe Reta itoheza ngo ibadugirize agashahara kabo mu mwaka 2024, ibibazo vyinshi bishobora kuhaba. Tubikesha RFI.

Kenya yasinye amasezerano y’ibikorwa n’ishirahamwe NBA

Ayo masezerano akaba ari ayo gukomeza urukino rwa Basketball muri ico gihugu, biciye ku bufasha bw’ishirahamwe ry’umupira w’amaboko muri Reta zunze Ubumwe za Amerika – NBA. Bitegekanijwe ko iryo shirahamwe rizoshinga ishami ryayo muri Kenya muri Munyonyo uno mwaka (ishami rigira 4 muri Afirika, inyuma y’ishami riri muri Afirika y’epfo, Sénégal na Nigeria), maze riheze rize rirakarihiriza ubumenyi abamenyereza b’urwo rukino muri Kenya.

Hambavu y’ivyo, ishirahamwe NBA ritegekanya kandi gutunganya inyubakwa: nk’ibibuga vy’urukino rwa Basketball mu burere butandukanye, mu mashure hamwe n’ikibuga mpuzamakungu, kizoza kirakira inkino zo ku rwego rwo hejuru. Tubikesha Capital FM.

Sabikanya kuri
Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

To Top