Kenya : icikagurika ry’umuyagankuba ryatumye bamwe mu ndongozi bakomborwa. Tanzania : havugwa ibiturire mu mugambi w’ibarabara ry’indarayi. Umukuru w’igihugu c’Urwanda avuga ko nubwo gusenga ari uburenganzira, bikwiriye no kwibaza ico bimaze mu bijanye n’iterambere nayo muri RDC, intwazangabo zikekwa mu busuma bw’ubutare. Kaze mu makuru yaranze EAC mu ndwi yo kuva ku wa 21-27 Myandagaro 2023
Iryo bara rikaba ryaguye kuri uyu wa 26/08/2023 mu karere ka Wakiso, aho umugabo w’imyaka 37 azwi kw’izina rya Aloysius Namwanja yiciwe ku rugo ruri mu gisagara ca Lulagala, aho yari agiye kuraba bamwe mu ncuti ziwe.
Nkuko bishikirizwa n’igiporisi, Namwanja yoba yagirijwe n’incuti ziwe bariko baraganira, ko yoba ariwe ntandaro y’ « imikoshi » ishikira umuryango wabo kuko yanse kuninahaza imizimu y’abasokuru. Uyo mugabo akaba yarasabwe ko yopfukama agasenga iyo mizimu kugira ngo bano bashobore gutezurirwa, ivyo atahavuye yemera gushira mu ngiro.
Abegereye ahabereye iryo bara bavuga ko inyuma yo gukubitwa agashaya, yahavuye aturirwa ahegereye umutima. Bamaze kubona ko acikanye, abamukubaguye baragerageje kunyegeza ivyemezo, bamwe muri bo batungwa n’ayo bameze. Owoyesigyire Luke avugira igiporisi, amenyesha ko abagera kuri 4 mu bakoze ico kibi bamaze gufatwa, abandi bakiriko bararonderwa. Inkuru dukesha The Monitor
Kenya : icikagurika ry’umuyagankuba ryatumye bamwe mu ndongozi bakomborwa
Ivyari bidaherutse kuboneka mu bisagara bitandukanye. Icika ry’amatara mu kiringo c’amasaha 14 caratumye ubuzima buhungabana i Nairobi, Mombasa, Kisumu n’ahandi, hagati y’uwa 25 n’uwa 26/08/2023. Ikigo kijejwe gutanga umuyagankuba kikaba casiguye ko vyavuye ku bibazo vy’ubuhinga bituma udatangwa uko bikwiriye.
Iryo cikagurika rikaba ryaratandukiriye n’ikibuga c’indege mpuzamakungu citiriwe Jomo Kenyatta, aho mu kiringo kingana n’amasaha abiri, ico kibanza cari mu mwijima, bituma n’ibikorwa vyaho bihungabana. Sivyo gusa, kuko umuyobozi w’ikigo kiraba ivy’uruja n’uruza biciye mu kirere, yahavuye akomborwa mu mabanga n’umushikiranganji muvyo ajejwe harimwo uruja n’uruza, bivuye kuri iryo hungabana ry’abaye mu kibanza arongoye. Tubikesha ikinyamakuru Le Monde
Tanzania : havugwa ibiturire mu mugambi w’ibarabara ry’indarayi
Amafaranga arenga imiriyoni 170 y’amadorare niyo yikekwa ko yoba yaratanzwe hadakurikijwe amategeko ku bemeye kwubaka ibarabara ry’indarayi mu gihugu ca Tanzania.
Mu matohoza cakoze, ikigo kijejwe kugenzura ibikorwa vya Reta – CAG kivuga ko hari ibikorwa vyinshi vyacerewe mw’ishirwa mu ngiro ry’uyo mugambi bivuye mu kudatanga agahembo gakwiye no ku gihe ku bajejwe ukwubaka iryo barabara ry’indarayi. Isozerwa ry’igice ca mbere c’iryo barabara categerezwa kuba muri Munyonyo 2021, kikaba carasibijwe incuro zigera kuri indwi.
Umukuru w’igihugu Samia Suluhu akaba yasavye ko amatohoza yimbitse yotangurwa, kugira ngo abagirwa n’ubwo busuma bakubitwe intahe mu gahanga. Ugucerwa guhemba abariko barakora ivyo bikorwa, bituma Reta ya Tanzania ifatirwa ibihano vyo gushumbusha abo bafitaniye amasezerano y’ibikorwa. Kubw’ivyo, Samia Suluhu yasavye ko ibijanye n’uburyo vyose vyokurwa mu nzira, abatararonswa agahembo kabo, bagatunganirizwa, nkuko tubikesha The East African.
RDC : intwazangabo zikekwa mu busuma bw’ubutare
Amatoni agera kuri 120 y’ubutare bwo mu bwoko bwa Cuivre niyo yagirizwa bamwe mu ntwazangabo n’indongozi bo mu ntara ya Haut-Katanga, ko boba baragize uruhara mw’ishorwa ryabwo biciye mu kinywabi. Ubwo butare bukaba bwafatiwe mu gisagara ca Lubumbashi, mu gihe bwari butwawe muri Afrika y’epfo, bucishijwe mu gihugu ca Zambia.
Nkuko vyandikwa n’urubuga rw’insamirizi RFI, umwe mu ntwazangabo zikomeye mu gisirikare ca RDC, akaba yaritavye sentare ya Kinshasa kuri uyu 22/08/2023. Uyo yikekwa muri ubwo busuma akaba kugeza muri kino gihe ariko akurikiranwa n’ubutungane. Ivyo bibaye mu gihe, ikigo citaho agateka ka muntu IDH gisaba Reta gukurikirana bamwe mu ndongozi bo mu karere ka Haut-Katanga, kuko badomwako urutoke cane mu bikorwa nkivyo.
Umukuru w’igihugu c’Urwanda avuga ko nubwo gusenga ari uburenganzira, bikwiriye no kwibaza ico bimaze mu bijanye n’iterambere
Ni kimwe muvyo Umukuru w’igihugu c’Urwanda Paul Kagame yagarutseko kuri uyu wa 25/08/2023, aho yasozera ihuriro « Indangamirwa », rihuza urwaruka rw’Abanyarwanda rwiga mu mahanga, urwiga mu Rwanda mu mashuri mpuzamahanga ndetse n’urwitwaye neza mu bibazo bisozera amashure yisumbuye mu Rwanda.
Mw’ijambo yashikirije yagaragaje ko Urwanda kimwe n’ibindi bihugu vyinshi vyo muri Afrika rugihanganye no gutera imbere. Aho yagize ati: « Ntanumwe adashaka iterambere, mu Rwanda ndetse n’abandi banyafrika bo hirya no hino, turacari inyuma mu majambere, kubera iki? Ico kibazo tuje turacibaza, kuki abandi batera imbere twebwe bikatunanira ? Habaye iki ? Twabaye iki ? »
Kagame yabandanije avuga ko atumva ico abashoboye gutera imbere barusha Abanyarwanda ku buryo bo batotera imbere cane, ko bo ahubwo bogira n’umwitwarariko wo gusenga cane. Avuga ko aho yaciye hitwa Nkumba mu karere ka Musanze ahabereye ivyo bikorwa vyo gusozera iryo huriro, yaciye ku bantu bari mu masengesho.
Ati : « Niba ari ugusenga turasenga cane, twirirwa turasenga cane n’ubu naje ngaha hari ahantu numvise abantu bavuga cane, bamwe bambwira ngo bari mu gikorane, ndavuga nti igikorane co kugira gute ? Bambwira ko ari igikorane c’abanyamasengesho kizomara imisi itari mike, kikazorangira kw’itariki 29. Ni vyiza ko abantu baronka umwanya wo kwisanzura bagakora ivyo bashaka. »
Umukuru w’igihugu c’Urwanda avuga ko nubwo gusenga ari uburenganzira bw’abantu, bakwiriye no kwibaza ico bibamarira mu bijanye n’iterambere. Abandanya ati: « Ariko iyo numvise nk’ivyo ndabaza nti ibi bidufasha kugera he? N’abo babirimwo birabafasha kugera he mw’iterambere. Kuvyitabira ukajayo ugasenga ukamara amasaha 24 ku munsi ariko jewe ndarenga aho nkabaza nti haravamwo iki, kuri wewe, kuri jewe no ku bandi bose muri rusangi. » Vyandikwa n’ikinyamakuru Igihe




