Jimbere

ikirundi French English
Inkuru zo mu Karere

Amakuru yaranze EAC mu ndwi yo ku wa 07-13 Myandagaro 2023

Uganda: integuro y’itegeko rigenga amafaranga ya Reta rizosubirwamwo inyuma y’ibihano vy’ibanki y’isi

Kubera gushiraho ibihano bishobora kugera ku munyororo wo guherayo ku bafashwe bahuje ibitsina babisangiye, igihugu ca Uganda carafatiwe ibihano n’ibanki y’isi mu ndwi irangiye vyo guhagarika amafaranga yose ico gihugu categekanya kuzohabwa. Itangazo rimenyesha ivyo bihano risigura ko iyo banki itobandanya ishigikira ico gihugu mu gihe itizeye ko imigambi izoba ishigikiwe atari iyikumira abagira imigirwa itandukanye ijanye no guhuza ibitsina ku babisangiye.

Yamara Perezida Yoweri Museveni we ati: «Igihugu kirafise ayandi mikoro kandi kizogerageza kugabanura ingurane cahora gifata.» Nkukwo vyandikwa na RFI, Museveni amenyesha ko Uganda isanzwe ifise umugambi wo kwimbura igitoro uzotangura mu 2025 kandi ngo aranizera ko ibanki y’isi ishobora guhindura ikisubirako. Ubundi bwo ngo igihugu ciwe ntikirota giha ikibanza uwo mugirwa utitura imico.

Mu kurindira ivyo vyose rero, ngo hazoba harasubirwamwo integuro igenga amafaranga Reta yari yateguye gukoresha uno mwaka. Ni mu gihe kugeza ubu ibahasha ry’iyo banki rishigikira imigambi itandukanye muri ico gihugu yagera ku miriyaridi 5,2 z’amadorare.

Urwaruka 250 rwo mu bihugu bitandukanye mw’isabukuru Giants of Africa i Kigali

« Giants of Africa Festival » ni isabukuru ritegurwa n’ishirahamwe « Giants of Africa » rigahuza cane cane urwaruka mu kiringo c’indwi yose haba inkino, inyigisho, ibirori bijanye n’imico kama hamwe n’ukwidagadura.   

Iryo sabukuru ryuguruwe kw’igenekerezo rya 13 Mukakaro ryahuriranye n’imyaka 20 ishirahamwe Giants of Africa (GOA) rimaze ribayeho. Mw’ijambo ryiwe, Masai Ujiri arongoye GOA ati: « iyi myaka 20 yatugendeye neza cane mw’iterambere ry’inkino muri Afrika. Uko tubona urwaruka uyu munsi, biragaragaza neza ishusho yo mu myaka 20 iri imbere. Nta kibuza ko natwe tuzoronka ihiganwa ryacu muri Afrika. »

Prezida Paul Kagame yari yitabiriye ivyo birori we yahamagariye urwo rwaruka kwunga ubumwe no gukomeza ubucuti kinyafrika abicishije mu gutanga akarorero ku mamuko n’amaramuko atandukanye yiwe n’ay’Umutambukanyi wiwe ati : «Je navukiye mu Rwanda ariko nkurira i Buganda. Umupfasoni wanje yavukiye mu Burundi hama tuza guhurira ku ncuro ya mbere mu gihugu ca Kenya. Bisigura ko Abanyafrika turi bamwe, tuvukana. » 

Nkukwo tubikesha TheNewTimes kw’isonga ry’urwaruka ruva mu bihugu bigera kuri 16 rwitabiriye rwongera ruza kuryosha ivyo birori harimwo abaririmvyi Davido wo muri Nigeria, Diamond (Tanzania), Bruce Melodie wo muri ico gihugu nyene, Umuyobozi w’ihiganwa ry’urukino rwa Basket « BAL », n’abandi.

Kenya : ku musegonda umwe gusa, amafaranga arenga 55.000 Fbu arakoreshwa mu nkino zo gutomboza

Nkukwo biri mu cegeranyo dukesha ikinyamakuru Nation, hagati ya Mukakaro 2022 na Ruheshi 2023, Abanyakenya ngo barakoresheje amafaranga ateye ubwoba agera ku miriyaridi z’amashiringi 88,5. Aho rero ngo ni mu gutomboza baciye ku muhora ngurukanabumenyi gusa.

Ugabanganije ayo mafaranga yose, uza gusanga muri ico gihugu hakoreshwa amashiringi 2.806 (kurenga 55.000 Fbu) buri musegonda mu gukina ivyo gutomboza. Gutyo rero, ibijanye n’iyo mikino ngo bihakwa kunganya n’isoko ry’imitahe « Bourse de Nairobie » yinjiza imiriyaridi z’amashiringi zigera kuri 94.

Ku bituma abantu baguma bijukira iyo mikino nubwo akenshi ataco bayinobamwo ugereranije n’amafaranga bakoresha, umuhinga muvy’inyifato yavuganye na Nation avuga ko bitangura bene kubikora babigira nko kwinezereza canke kugerageza amahirwe yo gutunga bitabagoye hama bigaheza bikabaviramwo kamere. Benshi rero ngo usanga vyarabatwaye umutwe ku buryo n’ukubibakuramwo atari ikintu coroshe namba.

Mu nteguro igenga amafaranga Reta ya Kenya iriko irakoresha muri uno mwaka, iyo mikino ikaba iri muvyongererejwe cane amatagisi abitozwako.

Sabikanya kuri
Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

To Top