Ikibanza c’iratiro c’i Bujumbura Musée Vivant cobwirijwe kuba igikwega ingezi, gihurumbirwa na bose gutyo kikinjiza amafaranga menshi. Ariko aho kuba ikibanza c’iratiro ni ikibanza kigwaye, kidashigikiwe, kitagira uburyo bukigenewe, kidatunganijwe neza. Ibikoko bihari biri mu bibazo nk’uko bimeze no ku bakozi bahakorera. Ido n’ido.
Ku wa 16 Ruheshi 2023, inguge zaratotse. Zigeze hanze zaridagaduye kuko kari akaryo keza kuri zo ko kwerekana ko zivuye mw’ibohero zarimwo. Ni ko kurengera mu kabare ko kuri Bahamas zirirenza inzoga, zonona n’ibindi, abantu barasanzara. Inyuma yo kubabwira kw’itoroka ry’ingunge zibiri zo ngaho nyene muri Musée vivant, twararondeye kumenya n’ingene ico kigo cifashe muri rusangi.
Ugishika ku bwinjiriro bwa Musée Vivant, ikigo c’iratiro catangujwe mu 1977, hari akabotike bandarizamwo ibinyobwa bitagira umwambiro n’utundi tuntu abantu bashobora gukenera. Ibubamfu utera winjira hari inyubakwa z’ubunywero urabisha amaso ubona ko zitacakira abakiriya. Ariko kandi hari n’ahadandarizwa ibihingurwa mvabwenge, nk’ibisimbo n’ibindi.
Uhageze, biragoye kumenya aho werekeza. Nta capa na kimwe kiranga iyo ugiye gihari. Ntumenya uwo witura kuko abafasha ingenzi kumenya aho berekeza nta mwambaro ubaranga bafise. Muri ico gihe uwo ushikiriye ubwa mbere ni we ubaza aho werekeza. Nta ruja n’uruza rw’abantu ruhari. Igihe twahashika, nta ngenzi n’imwe yabarizwaho.
Uwo twegereye tugishika twamubajije ibiciro na we ati: “Ku murundi kwinjira muri Musée Vivant ni 5000, ku mwana ava ku myaka 3 gushika ku myaka icenda ni 1000Fbu, umuyabaga afise imaka icenda gushika kwi 17 ariha 2000. Ingezi iva mu karere ka Afirika y’Ubuseruko iyo ikuze iriha 5$, umwana ava ku myaka 3 gushika 17 ariha 2$, abanyamahanga bava mu bindi bihugu bitari muri EAC bariha 10$.” Tumaze kumubwira ko turi abamenyeshamakuru, twarahavuye turumvikana ko twinjira tutarishe.
Ikigo kitagira uburyo bukigenewe, kiri mu bibazo…
Ikigo Musée Vivant ntigishobora gutunganywa neza kitagira uburyo bukigenewe. “None ahantu n’ingezi zije ku mugoroba kugira tuzereke aho ibikoko biri turinda gucana amatoroshi y’amaterefone, ubona tworonka ingenzi zingahe?” Ico ni ikibazo uwatuyagishije yibajije imbere yo kutubwira ko muri Musée Vivant kubera amadeni y’amafaranga menshi abahora baramutswa ico kigo baheraniye Regideso vyatumye ibacira umuyagankuba. “Ubu hageze ku mugoroba haba ari mu kizime”.

Harateye ikigongwe. N’ibikoko bike bihari birarushe. Mu kibanza kirimwo ibikoko, ntushobora kumenya ko ugeze ahari ingwe canke ko ugeze mu ngona usanzwe utahazi. Nta capa kivyerekana gihari. Ntunashobora kumenya umwidondoro w’ibikoko bihari n’imyaka bimaze kuko ntaho vyanditse. Uwutembereza ingezi akubwira ibimuri mu mutwe. Utuyira tujayo, dutunganije nabi. Ubajije igituma hadateguwe neza kandi hari ibikoko bike, inyishu ni iy’uko ata buryo ico kigo gihabwa kugira kinagurwe. “Birakwiye ko mu mafaranga Reta itegekanya gukoresha buri mwaka, hashirwamwo uburyo bugenewe ico kigo” nk’uko bivugwa na bamwe mu bahakora.
Uwo twayaze avuga ko ibikoko bihari ari bike cane. Ingenzi zihaza zibabwira ko bohazana ibindi bikoko bishasha, kandi bikubakirwa neza ku buryo vyisanga biri mu buzima bwiza. Agira ati: “Nk’izo ngona zibereye mu biziba. Mu bisanzwe ingona ziba mu mazi menshi kandi meza. Ariko kubera aho ziri hadateguwe neza raba zirambaraye ku zuba. Inzoka harakenewe ubundi bwoko. Aha ibikoko bipfuye ntibisubirizwa. Ibigwaye, kuvurwa ni Mana mpa, kuko ata muganga wavyo ahari mu Burundi. None hokwinjira amahera gute atavyo kurata bihari?”
Amafaranga ava muri Musée Vivant aruhukira kw’ikonte ya Reta…
Ico kigo naho kidafashwe neza hari amafaranga cinjiza. Hari ayava mu gisata c’ingenzi zihatemberera, hari n’ayava mu nyubakwa zipanzwe n’abazidandarizamwo ibihingurwa mvabwenge. Ayo mafaranga ashirwa kuri konte ya OBR iri muri BRB. Abatwara Musée vivant ngo nta burenganzira bwo kubikura bafise. Ni konte ya Reta. Mu kigo hasigara gusa amahera make yo kugura ibifungurwa vy’ivyo bikoko bihatungiwe. Uyo twayaze avuga ko hari ho itegeko ry’umukuru w’igihugu rivuga ko ibisata vyose vya Reta vyinjiza amahera biyashira ku makonte ya Reta ari muri BRB.
Afatiye ku mahera yoba aboneka, umwe mu bakora muri ico kigo agira ati : « Mu mwaka uheze wa 2022, ni ho haboneka abakozi bagerageza gufata mu minwe Musee Vivant. Ubwa mbere kari akajagari. Amahera nimba barayashira kuri konte canke batayashirako, ntawabimenya kuko ntawabigenzura. Muri make, uburyo bwarasanzara mu mifuko ya bamwe bamwe. Ariko kuva mu kwa kane kw’umwaka uheze, bahinduye abakozi, umwaka wagiye guhera hinjiye imiriyoni 47 z’ivuye mu bahagendera gusa. Ni mu gihe ubwa mbere wasanga ata n’imiriyoni 10 zabonetse. Ahubwo ngo hari igihe hanavugwa ko n’ivyo bagaburiye ibikoko babifashe amadeni. Kari akajagari, harimwo n’akabare. Ubu karugawe. »

Bishimira ko uyu mwaka bazoronka menshi. Bati : « Kuva mu kwezi kwa Nzero gushika muri Rusama, hamaze kuboneka imiriyoni zoba zishika 42. Umwaka ushobora guhera hegeranijwe ayababa imiriyoni 100. Ivyo rero bakemeza ko biriko birakunda kubera ko hashizweho itegeko nshikiranganji, haraba integuro y’ibikorwa (planification), maze haratangwa intumbero y’ingene Musée Vivant itunganijwe. Hari intambwe yashitswe ko n’aho ata buryo buyigenewe buhari ».
Hamwe boshiraho uburyo, bakazana n’ibindi bikoko, uwo twayaze yemeza ko amahera yokwinjira yoba menshi cane. Ati: « Nk’ubu bokwongeramwo nk’ibikoko nka bibiri, abantu bakumva ko hari ibindi bishasha vyaje, bosidukana n’iyonka. Bama badusaba ko tuzana Intare, imparage, ingeregere n’iyindi ngwe kuko iyihari ishaje…».
Bamwe mu bakora muri Musée Vivant basaba ko Reta ibicishije mu bushikiranganji mu vyo bujejwe harimwo ibidukikije, yozana ibikoko bimwebimwe ibikuye mu ruhongore rwa Ruvubu. Kuko nk’imparage ziriyo. Ibitaboneka mu Burundi navyo bakagenda kubirondera nko muri Tanzaniya, Congo, n’ahandi. Ibishoboka ko birondoka vyimishijwe ku rushinge (insemination) bigakorwa. Gutyo Musée Vivant kikaba koko ikibanza c’iratiro, kikaja ku rugero rw’ibindi mu karere.
Ku bijanye n’imamfu z’Uburundi ziri muri Kenya, bamwe mu bakozi bo muri Musée Vivant bavuga ko bavyumva nk’uko Abarundi bose bavyumva. Ariko ku bijanye no kuzigarukana, bagira bati: « Ico ni igikorwa ca Reta. Ni igihugu kivugana n’ikindi, bakumvikana kugira zigarukanwe. »
Nta turusho abakora muri ico kigo bahabwa kandi bitanga uko bashoboye …
Abo twaganiriye bemeza ko muri Musée Vivant hari umukozi inguge yariye urutoke. Bavuga ko vyagoranye kwivuza kubera ko batarihirwa amafaranga yo kwivuza mu gihe hagize uwugirira ikibazo mu bikorwa bijanye n’akazi. Bati: «Umukozi ni we yivuje mu mahera yiwe. Ariko kubera yari umukozi wo ngaho, abandi bakozi twaramuvugiye, hanyuma arazana impapuro yivurijeko, amafaranga yakoresheje arayasubizwa. Ariko naho yakize urutoke rwaciye rumugara. »
Bakavuga ko bakeneye ko umukozi waho aronka uburenganzira bwo kuvuzwa kandi agiriye ikibazo ku kazi agashumbushwa (indemnité de risque). Bagira bati: « Nk’uwo ingona yorya ni umuryango wiwe wosigara urarira. Gukora muri ino Musée ni nko kwiheba. Kwiyahura. Ubona ko n’ibikoko bihari bidakingiwe ubumara (non vaccinés) kuburyo kikuriye kigusinzikaza. Kiretse inguge zozo zitaziraniza iyo zikuriye. Nta n’imiti muri ico kigo ihari (Mini pharmacie) ku buryo nk’uwo igikoko corya yoba arapfupfahaza mu kurindira ko ashika kwa muganga. »
Hari impinduka zitegekanijwe muri « Musée vivant »

Jacques Bigirimana Umuyobozi mukuru w’igisata c’ingenzi mu bushikirangaji bw’ubudandaji, amahinguriro n’ingenzi avuga ko hari ibikorwa biriko birategekanywa vyo gutunganya neza Musée Vivant harimwo no kwubakira neza no kwongereza ibikoko bihari no kuzana ibindi bidahari. Anamenyesha ko basavye Reta ko yotegekanya mu mahera ikoresha buri mwaka uburyo bugenewe ico kigo kugira ngo imigambi yose itegekanywa ijanye no kwagura no gushira ico kibanza ku rugero rw’ibindi bigo bikunde neza, gutyo cinjize amafaranga menshi.
Uwo muyobozi abandanya amenyesha ko nihaboneka amafaranga agenewe ico kigo bazoraba bagashiramwo amafaranga ategekanijwe kuvuza uworibwa n’igikoko kiri muri Musée Vivant yaba uwuhakorera canke ingezi zihagendera. Ariko we ahumuriza ko ibikoko bihari ubu bikingiwe ubumara.
Mwomenya rero ko mu bakora muri Musée Vivant nk’uko bamwe bavyivugira bahembwa na Reta. Kandi umushahara baronka batawishimira baravye umwanya bakora. Umwe muri bo agira ati : « Duhembwa umushara ungana n’uw’abakozi ba Reta bakora kuva ku wa mbere gushika ku wa gatanu bagataha isaha icenda z’umugoroba batanguye isaha zibiri. Ariko hano dukora iminsi yose kuva sambiri gushika isaha cumi n’imwe n’inusu z’umugoroba. N’iminsi y’akaruhuko (jours feriés) ntibaho muri Musée Vivant. Nta buryo bwo kwiyunguruza eka n’agahimbaza musyi (prime d’encouragement) twigera turonka. Nta na kimwe. Ni ingorane gusa. » Bagasaba ko bofatwa neza kuko n’akazi bakora katoroshe.




