Amashuha yo ku Mugara muri komine n’intara ya Rumonge yarinjije amafaranga y’amarundi ashika imiriyoni 154 kuva mu 2019 gushika mu 2023. Amafaranga aboneka kuri ico kibanza ashobora gushika ku miriyoni 112 mu 2024-2025. Ariko mu Burundi hari ibibanza vy’amashuha birenga 20 bititaweho, kandi ari kirumara mu kuduza ubutunzi bw’igihugu biciye mu gisata c’ingenzi. Ido n’ido.
Ku wa 20 n’uwa 21 Munyonyo 2024, ishirahamwe rikorera mu bijanye n’ingendo Visa Travel And Tours rifadikanije n’ubushikiranganji mu vyo bujejwe harimwo igisata c’ingenzi baherekejwe n’abamenyeshamakuru baratunganije urugendo rwo kwirabira ibibanza vy’iratiro biri mu buraruko no mu bumanuko bw’Uburundi vyohurumbirwa n’ingenzi mu gihe vyotegurwa neza.
Muri urwo rugendo, abafashe inzira ija mu bumanuko, bari bashashaye cane kwirabira no kwota amashuha ubona ko asanzwe afatwa nk’umuti uvura ingwara zitari nke canecane izifatira ku rukoba, mu ngingo z’amagufa no mu mitsi.
Akavura kari kenshi mu ntara ya Bururi, umuduga wari utwaye abagiye ku mashuha wagenda nabi nabi kubera ibarabara ribi ryerekeza ku mashuha yo ku Muhweza muri komine Rutovu. Inyuma y’urugendo rutari ruto niho twashika ku ruzi Nyakibingo. Nta muntu n’umwe yari ahari. Hakurya y’inkengera y’urwo ruzi, hari amariba y’amashuha. Amwe agenewe ab’igitsina gore ayandi ab’igitsina gabo. Kubera imvura yari ihejeje kugwa nta n’umwe yashoboye kujabuka urwo ruzi ngo aze kwota ayo mashuha, kuko amazi yari yabaye menshi ata n’ikiraro kiriho. Kuri ico kibanza cabwirizwa kuba ic’iratiro, nta nyubakwa n’imwe ihari, nta kiranganzira cerekana iyo ugiye nta n’uwakira ingenzi.
Amashuha yo ku Muyange no ku Mugara…
Ntivyoroshe gushika ahari ivyo bibanza. Gushika ku mashuha yo ku Muyange muri komine Rutovu yo mu ntara ya Bururi, urarengana ibiraro bitari bike vyubakishijwe ibiti ibindi imbaho. Ni ibarabara rinyerera mu gihe imvura iba yaguye. N’ubwo amashuha yo ku Muyange atunganijwe neza bukebuke, arafise n’aho abantu bihindurira impuzu. Ariko abagabo, abagore n’abana botera hamwe ayo mashuha. Nta hoteri, nta buriro, nta muyagankuba, …
N’amashuha yo ku Mugara muri komine n’intara ya Rumonge ni meza aratunganijwe neza. Hari uburiro n’uburaro, ariko ntibikwiye kandi na ho nyene hagoye gushika kuko ibarabara atari ryiza. Ikindi kandi ni uko abagore, abana n’abagabo bose botera hamwe amashuha.
Ndikuriyo Emmanuel, arongoye ikibanza c’iratiro c’amashuha n’agasumo vyo ku Muyange muri komine Bururi amenyesha ko amashuha asanzwe afise akamaro kanini cane kuko avura ingwara zitandukanye, nk’ingwara z’imitsi, amakonyera, igisukari (diabète), abana vyanse ko batambuka, hari n’abavuga ko ayo mashuha atera imigisha n’ibindi vyinshi. Akavuga ko hamwe hotunganywa neza hokwijiza akanoti gafadika.
Icizere co kwubakirwa amabarabara ?
Felix Niyongabo musitanteri wa komine Bururi ati: « Hariho umugambi PRODER watwemereye kudufasha kwubaka iri barabara rishika ku mashuha yo ku Muyange. Mu kiringo c’imyaka indwi uwo mugambi uzokorera muri iyi komine, twizera ko iryo barabara rizoba ryaheze kwubakwa neza. »
Amenyesha kandi ko muri ico kibanza hahora hari uburiro ariko kubera ubukene bw’ibitoro butaborohereza kuhashikana ibifungurwa, bahavuye babihagarika. Agira ati : « Nitwaronka ibarabara, n’amahoteri n’uburiro bizoca biboneka kandi twizera ko Bururi izoba intara ihurumbirwa kuko ifise ibibanza vyinshi vy’iratiro. »
Ndugi Révérien arongoye igisata c’ukwunguruza ibintu n’abantu mu bushikiranganji mu vyo bujejwe harimwo igisata c’ingenzi amenyesha ko igihugu c’Uburundi gitunze ibintu vyinshi vy’akamaro. Agira ati : « Igisata c’ingenzi gishobora kugira akarusho mu vy’ubutunzi mu Burundi mu gihe tugikoresheje neza. Hari ingenzi ziza, zabona amabarabara ajayo ingene ari mabi zigasubira inyuma. Mu kurindira ko abadufasha kwubaka amabarabara baboneka, dusaba abenegihugu kuba baritanga mu bikorwa rusangi mu gusibura amabarabara gutyo abahagendera boroherwe. »
Akamaro k’amashuha mw’iterambere ry’igihugu

Inyuma y’urugendo rwo kwirabira ivyiza kama bitatse Uburundi, ishirahamwe Visa Travel And Tours ryaciye ritunganya, kuri uyu wa 22 Munyonyo 2024, uruganda rwo guhanahana ivyiyumviro ku vyokorwa mu ntumbero yo guteza imbere amashuha no kuyakamisha akavamwo akanoti gafasha mw’iterambere ry’igihugu nk’uko biri mu bindi bihugu vyo mu kare Uburundi buhereyemwo. Ivyo bikaba vyateguwe mu ntumbero yo guhimbaza umunsi mpuzamakungu wahariwe igisata c’ingenzi uba buri wa 27 Nyakanga uko umwaka utashe, mu Burundi wahimbajwe kuri uyu wa 22 Munyonyo 2024, mu gisagara ca Bujumbua, ku civugo « Igisata c’ingenzi n’amahoro ».
Ageregeza kugereranya akarusho ibindi bihugu bikura mu gisata c’ingezi, Jacqueline Nkeshimana, umuhinga yigenga mu bijanye n’ubutunzi mu gisata c’ibidukikije n’ingenzi, yisunze ibiharuro vyo mu mwaka wa 2020, agira ati : « Uburundi bwinjije amadori y’abanyamerika imiriyoni 6, mu gihe Urwanda rwarose amadorari y’abanyamerika imiriyoni 300, Ubuganda bronka amadorari y’abanyamerika imiriyoni 800, Kenya yinjiza amadorari y’abanyamerika angana n’umuriyaridi umwe mu gihe Tanzaniya yo yaronse amadorari y’abanyamerika angana n’umuriyaridi n’imiriyoni amajana umunani. »
Uyo muhinga yigenga afatiye ku mashuha yo ku Mugara gusa, avuga ko uburyo bwabonetse atari buke cane. Agira ati : « Mu myaka 4 gusa, kuva mu 2019 gushika mu 2023, amashuha yo ku Mugara yarinjije hafi amafaranga y’amarundi imiriyoni 154, yabonetse uku : mu mwaka wa 2019-2020, habonetse imiriyoni z’amarundi 24, mu mwaka wa 2020-2021, habonetse imiriyoni z’amarundi 38, kuva mu 2021 gushika mu 2022 habonetse ayababa imiriyoni z’amaruni 50 mu gihe mu mwaka wa 2022-2023, habonetse imiriyoni z’amarundi 42. Ayo mashuha akaba ashobora kwinjiza amafaranga y’amarundi ashika imiriyoni 112 mu mwaka wa 2024-2025. »
Ku bwiwe rero, ngo hamwe Uburundi bwoshobora kwitwararika no guteza imbere ibibanza vy’amashuha birenga 20 bufise n’ibindi bibanza vy’ihurumbiro, canecane ibitaratangura gutezwa imbere, bwoshobora kwisununura mu vy’ubutunzi kandi n’abenegihugu canecane abegereye ivyo bibanza bakahatorera akoyoko mu kuharonkera akazi, hakubakwa amavuriro, amashure, amahoteri, uburiro n’ibindi vyinshi.
Muri urwo ruganda rwo guhanahana ivyiyumviro rero hakaba hasabwe ko mu ntumbero yo guteza imbere amashuha n’ibindi bibanza vy’iratiro hokarihirizwa ubwenge abakorera muri ivyo bisata, abakira ingenzi kuri ivyo bibanza bakigishwa uburyo bikorwa, hakubakwa inyubakwa zijanye n’ivyo bibanza no kwubaka amabaraba meza ashikayo. Hasabwe kandi ko hobaho urwego rwigenga rushiraho amategeko agenga igisata c’ingenzi hamwe n’ikoreshwa ry’ubuhinga bwa none mu bijanye no kwegeranya uburyo buva mu bibanza vy’iratiro mu ntumbero yo kugwanya amafaranga yoza aranyererera mu mifuko y’abamwebamwe
Akamo ku banyamitahe …

Nzeyimana Silas umuyobozi mukuru w’ishirahamwe Visa Travel And Tours akaba yerekanye impamvu abanyamitahe bohurumbira gukorera mu gisata c’ingenzi mu Burundi kuko ari igisata kitarakorerwamwo na benshi kandi kirumara mu gusahiriza kuduza ubutunzi bw’igihugu.
Agira ati : « Igisata c’ingezi, canecane amashuha yitaweho yoshobora guteza imbere igihugu, agatanga akazi ku bantu benshi maze ubutunzi bw’abegihugu bukisununura. »
Nzeyimana avuga ko Uburundi buryamye ku gahiye, ko ibibanza kama biteye igomwe vyokamishwa akanoti bigasahiriza mw’iterambere ry’igihugu. Atera akamo abanyamitahe, abayobozi n’abafata ingingo ko bose hamwe bokwijukira gukorera mu gisata c’ingenzi kuko ari kirumara mw’iterambere ry’igihugu n’abakibamwo.




