Ng’izi inkuru nkurunkuru zivugwa mu karere kur’uyu wa 16 Rusama 2023, zatororokanijwe n’Uruganda rwa Jimbere
Mu nama nshingamateka yakoranye ku wa 12/05/2023, harazanywe itegeko rijanye n’ingene inkwano no kureshanya vyokurikizwa hisunzwe amategeko y’igihugu. Ivyo bikaba bisa nkuko ari nkenerwa kuko bimaze kugaragara ko ata bukwe bukiba hagati y’inkumi n’imisore na cane cane mu gisagara ca Kinshasa, bivuye ku bukene.
Umushingamateka yashimye kuzana iryo tegeko ngo ryigwe, asaba ko n’imiburiburi inkwano itorenza amafaranga 500 y’amadorari, mu gihe imiryango itari mike isaba agaciro k’inkwano kari hejuru incuro 4 canke zitanu kuri ayo mafaranga, ndetse hakaba hari n’abasaba amaterefone agezweho, ama mashini, ama pikipiki nk’inkwano vyiyongera ku mafaranga aba yatanzwe.
Ibitabonywe kumwe n’umushingamateka mugenzi we, abona ko mu gihe vyofatwa uko, umukobwa ataba akiri umuntu, ahubwo yoba ari ikidandazwa co gushira kw’isoko nkuko vyandikwa na RFI. Kubw’iwe ngo agaciro k’umwigeme yogahabwa nuwo bakundana, bivanye n’uburyo bwiwe aho bugera.
Ikindi uwo mushingamateka yazanye nk’integuro y’itegeko mu nama nshingamateka yokwirwako nuko umusore n’inkumi batokwemererwa kugira ubugeni inyuma y’ikiringo c’amezi 12 bakundanye. Ivyo ngo vyofasha kwurwanya ingendo y’inkumi n’imisore ikundana hafi imyaka 3, 4 canke iyirenga, ariko bigahera umwe agiye kugira ubukwe ahandi.
Uganda : Arafunzwe yagirizwa gushira ahabona amasanamu ariko akora ibikorwa vy’ubusambanyi
Uyo ni uwitwa J.N yaheruka gushira ahabona ku rubuga rwiwe rwa TikTok, amasanamu ariko arakora ibikorwa bijanye n’ubusambanyi n’umwigeme w’umuyabaga. Ivyo ngo vyakorewe muri imwe mu nzu iri mu karere ka Mubende, ndetse ko n’uwujejwe kuraba iyo nzu nawe nyene akaba yarahagaritswe, nkuko bishikirizwa n’umuvugizi w’igiporisi Fred Enanga. J.N akaba yafatiwe mu gace ka Kilintale mu gisagara ca #Kampala, aho yari yinyegeje.
Ivyo vyabaye mu gihe ayo masanamu yari yakwiragijwe ku mbuga zitandukanye, ivyatumye umuvyeyi w’uyo mwigeme atabaza porisi, maze nya mwigeme afasha mu kurondera uyo muhungu. Umuvugizi w’igiporisi aganira n’ikinyamakuru The Monitor akaba yavuze kandi ko atewe impungenge n’amasanamu yerekana ubugizi bwa nabi, amaze igihe akwiragizwa ku mbuga ngurukanabumenyi, aho ndetse binagoye kumenya neza ikibanza yafatiwemwo.
Ku munsi wa mbere w’indwi iheze, umugore yitwa Esther Nabirye yarafatiwe mu karere ka Jinja, inyuma yaho hagaragariye amasanamu ku mbuga ngurukanabumenyi yerekana agahohotero yakoreye umwana, amutegeka yuko yotamira amazirantoke yiwe.
Imipaka iri hagati ya Kenya na Somaliya igiye kwugururwa inyuma y’imyaka 12
Iyo mipaka iri mu burere bwa Bula-hawa, Mandera, Liboi na Ras Kamboni ikaba itegekanya kwugururwa yose mu kiringo kitarenza iminsi 90. Ikaba yari yarugawe mu 2011, inyuma y’ibitero vy’umugwi Al-Shabab uturuka muri Somaliya, vyigaragaje mu gihugu ca Kenya, ivyatumye hafatwa ingingo yo kuyugara mu ntumbero yo gukingira umutekano.
Mu kiganiro ku bamenyeshamakuru ku munsi wa mbere w’indwi iheze, umunyamabanga mu bushikiranganji bw’intwaro yo hagati muri Kenya Kithure Sindiki yamenyesheje ko hari umugambi wo gucungerera hamwe ibijanye n’umutekano, amahoro ndetse n’ubutunzi ku mipaka ico gihugu gihana na Somaliya. Kithure yavuze kandi ko muri iyo ntumbero, hazokwugururwa umupaka mushasha hagati y’ivyo bihugu, uri mu karere ka Wajir nkuko vyandikwa na The East African). Ivyo biri uko mu gihe ivyo bihugu vyompi bisangiye ibirometero bigera 680 vy’imipaka yo hasi.
Tanzania igiye gutunganya ibibanza 37 vyo gupima imiti y’ibiterwa ku mipaka
Iyo ngingo ikaba yafashwe mu ntumbero yo gukingira ibiterwa, inyuma yaho haheruka gufatwa imiti yo gupoma ibiterwa idakurikije ubuziranenge. Icegera c’umuyobozi w’ikigo kijejwe gukingira ibiterwa (TPHPA), Joseph Ndunguru avuga kandi ko ivyo bibanza (laboratoire) 37 vyo gupima iyo miti bizoshirwa ku mipaka 8 igihugu ca Tanzania gisangiye n’ibindi bihugu, ndetse no ku bibuga vy’indege mpuzamipaka.
Uyo mutegetsi amenyesha kandi ko ivyo bibanza bizopima kandi imiti ishorwa hanze ya Tanzania kugira ngo harabwe yuko nayo ikwije ubuziranenge. Muri iyo ntumbero nyene, ngo haraguzwe amapikipiki 19 hamwe n’utudege (drones) 20 tuzokoreshwa muri ico gikorwa. Tubikesha The Citizen.




