Jimbere

ikirundi French English
Itororokanirizo ry'ivyatohojwe

Amakuru makuru makuru yaranze indwi turangije muri EAC

©️/OMS

Ebola yasubiye kwaduka muri RDC,  umukecuru w’imyaka 110 yaragendewe n’umukuru w’igihugu mu rwanda, uruhombo mu mashirahamwe yo muri EAC yo kwunguruza abantu n’ibintu mu ndege…

Ingwara ya Ebola yasubiye kwaduka muri Repuburika iharanira dokarasi ya Congo


Mukarere ka Kivu yo mu buraruko. Nkuko tubishikirizwa n’ikinyamakuru Okapi uyo mugera wa ebola wasubiye kwibonekeza mu gisagara ca Beni mu ntara ya Kivu yo mu buraruko. Abahurikiye mu mashirahamwe adaharanira inyungu za politique bagahamagarari abenegihugu kwubahiriza amabwirizwa y’isuku, nko gukaraba n’amazi meza n’isabuni, kwirinda gufungura ibikoko biba mu mashamba c’imeza nk’impongo, inguge n’ibindi.

Mu Rwanda, inkuru yavuzweko cane ni iya President Paul Kagame yagiye kuramutsa umukecuru w’imyaka 110 muhira iwe. Ikinyamahuru KigaliToday kivuga ko Rachel Nyiramandwa ari mu benegihugu bari baronkejwe inka mu mwaka wa 2019 na Perezida w’ico gihugu. Iyo nka ikaba imufasha kuronka amata muri ubwo busaza bwiwe. Ndetse akaba ahora ahako n’ababanyi. Muri iyi ndwi iheze rero akaba yari yagaragaje umunezero mu gihe yagendegwa n’umukuru w’igihugu

Amashirahamwe atatu yo kwunguruza abantu n’indege ariyo Kenya AirWays, Tanzania AirWays na Uganda Airlines ariko akorera muruhombo

Abahinga bamenyesha ko ivyo ngo bizomara imyaka itari mike. Ivyo bishikirizwa n’ikinyamakuru the Eastafrican co muri Kenya. Kubwico kinyamakuru, amatohoza yakozwe n’inama nshingamateka ya Uganda yererekanye ko Uganda Airlines yahomvye imiriyadi 164 z’amashillingi y’amaganda mu mwaka wa 2020 ushira uwa 2022 n’ukuvuga imiriyoni zababa 43 z’amadorari y’abanyamerika. Kenya Airlines yoyo yatangaje  mu ndwi iheze, uruhombo rw’imiriyadi 9,8 (imiriyoni 82,4 vy’amadorari y’abanyamerika) kuva mukwambere gushika itariki 30 za Ruheshi 2022

Muri Tanzania naho

Ico gisata gisata nyene co kwunguruza abantu n’indege cari cahomvye imirayaridi 150 z’amashillingi y’amatanzaniya n’ukuvuga imiriyoni 64,6 y’amadorari y’abanyamerika mu kiringo c’imyaka itanu muri ayo, ayagera imiriyoni 25,8 akaba bayahomvye muri 2021. Abahinga bagashkiriza ko atagikozwe, ayo mashirahamwe bizoyagora kunagura ubutunzi bwayo.

Sabikanya kuri
Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

To Top