Jimbere

ikirundi French English
Itororokanirizo ry'ivyatohojwe

Amakuru makuru yaranze akarere ka EAC

abanyatanzaniya bahamagarirwa kwikingira « Variole du singe », muri Uganda abaforoma bari muri yegereyegere…

Abaforoma bo muri Uganda bari muri yegeregere kubera agashahara gake no gufatwa nabi

Iyo yegeregere barimwo kuva kuri uwu wa 26/05/2022, ije yiyongera kuri yegeregere y’abaganga bakuru yatanguye ku wa 16/05/2022. Nkuko vyandikwa n’ikinyamakuru Daily Monitor, ngo uyo mugwi w’abakozi ba Reta ya Ouganda washimye kugira yegeregere mu gihe wari wagerageje kuyisaba yuko wokwongerezwa agashahara ariko ikaguma yica amatwi

Justus Cherop Kiplangat, atwara ihuriro ry’abaganga « UNMU », amenyeshako mw’ikete barungikiwe n’ubushikiranganji bw’abakozi n’akazi rivuga yuko bagiye kwongerezwa agashahara ariko ritamenyesha neza agashahara kazokongerwa abaforoma nkuko ku baganga vyerekanwe neza

Kubw’uyo atwara ihuriro ry’abaganga « UNMU », ngo agashahara k’abaforoma kari gakwiye kuva ku miriyoni 2 z’amashiringi kagashirwa ku miriyoni 4,8 y’amashiringi, mu gihe bitegekanijwe ko abaganga bobo bazohabwa imiriyoni 5 z’amashiringi nkuko inama nshikiranganji yabitegetse ko bizoja mu ngiro mw’itegeko rigenga amafaranga Reta izokoresha mu mwaka w’i 2022 ushira uw’i 2023

Inyuma y’imyaka 45 carahagaritswe, icese « Ngaahika Ndeenda » casubiye kwemererwa gukinirwa ku mugaragaro muri Kenya

Ico cese c’umwanditsi Ngugi wa Thiong’o kigaruka ahanini ku buzima abanyakenya bari babayemwo mu myaka y’i 1977, aho bakoreshwa nk’abacakara na bamwe mu bategetsi bo murico gihugu, icatumye abategetsi bico gihe bitabanezera bagahitamwo kugihagarika ndetse bagata muri yompi umwanditsi n’abakinyi muri rusangi

Inyuma y’umwaka apfunzwe, ikinyamakuru TV5 MONDE, kimenyesha ko Ngugi wa Thiong’o yanditse ico cese mu rurimi kavukire bita « Kikuyu » yahavuye arekurwa, ariko yakwa uburenganzira bwo kuronka akazi co gihugu, ivyanamutumye ata agahunga

Nubwo ngo ico cese cemerewe gusubira gukinwa ku mugaragaro, bamwe mubagikinye bamenyesha ko ivyo biyamiriza murico cese mu mwaka w’i 1977, ko bicibonekeza mu gihugu. Nice Githinji, umwe mu bakinyi amenyesha ku bwiwe ko icatumye ico cese kimara igihe kinini kitaremerwa gukinwa aruko nubu bimwe muvyo biyamiriza bitarahinduka ku rugero ruboneka

Abanyatanzaniya bahamagarirwa kwikingira ikiza ca « variole du singe »

Mw’itangazo ryiwe kuruyu wa 26/05/2022, icegera c’umushikiranganji ajejwe amagara y’abantu muri Tanzania yahamagariye abanyagihugu kudakorako canke gufungura ibikoko birwaye « variole du singe ». Ivyo bikaba bitangajwe inyuma yuko, ubushikaranganji bw’amagara y’abantu bwaheruka gushira ku mugaragaro bimwe mu biranga uwurwaye iyo ndwara n’ingene yandukira

Nubwo biruko, Reta ya Tanzania ndetse n’ikigo kijejwe amagara y’abantu kw’isi OMS bimenyesha yuko muri co gihugu atamuntu numwe aratorwa iyo ndwara, ariko yuko mu bihugu bibanyi na cane cane Reta iharanira demokarasi ya Kongo ico kiza kimaze kugaragara cane. Tubikesha ikinyamakuru The East African

Icuka ntikimeze neza hagati y’ibihugu vya RDC na Rwanda

Nkuko tubisoma kuri BBC, inama nkuru yo kwivuna abansi muri Republika iharanira Demokarasi ya Congo yatangaje kuruyu wa 26/05/2022, ko umuhari M23 urwanya reta ari umuhari w’iterabwob

Mw’itangazo ryasomwe na Patrick Muyaya, umushikiranganji wa Congo ajejwe kumenyesha amakuru, yavuze ko iyo nama yagiriza igisirikare c’Urwanda ko gifashe mu mugongo uyo muhari.

Mu ngingo zafashwe na Reta ya Congo, ni uko ikompanyi y’indege ya leta y’Urwanda, « Rwandair », yahagaritswe gusubira kwinjira muri Republika iharanira Demokarasi ya Congo

Aganira na BBC, umuvugizi wa Reta y’Urwanda Alain Mukuralinda yamenyesheje ko « ata ruhara  Urwanda rufise mu bibera muri Congo ». Sibwo bwa mbere kandi RD Congo yagirije Urwanda gufasha umuhari M23, kandi si ubwa mbere u Rwanda rubihakanye

Iryo tangazo ry’inama nkuru yo kwivuna abansi muri RDC rivuga kandi riti : « Inama nkuru yo kwivuna abansi iriyamiriza yivuye inyuma umugambi w’ububeshi bukwiragizwa n’Urwanda, aho rwagiriza igisirikare ca Congo ko cifatanya n’imirwi y’inkorabara nk’urwitwazo mu gushigikira umurwi w’iterabwoba wa M23 »

Iyo nama kandi yafashe ingingo yo gutumako uwuserukira Urwanda i Kinshasa kugira ngo bamumenyeshe akababaro ka Repubulika y’Intwaro Rusangi ya Congo. Ivyo biruko mu gihe ishami ry’ishirahamwe rya ONU, rijejwe ibikorwa vy’ubutabazi OCHA, rivuga ko abagera 8.000 bamaze guhunga intambara iriko ihuza abarwanyi b’umugwi M23, n’igisirikare ca Congo, mu ntara ya Kivy ya ruguru ya Congo

Amakuru yatorokanijwe na Adiel BASHIRAHISHIZE

Sabikanya kuri
Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

To Top