Ubwoba bwa Ebola muri RDC, umushikiranganji w’imicokama n’akaranga yakuwe mu Rwanda…
Hagiye gucukurwa igitoro kitari gike muri RDC
Ubushikaranganji mu vyo bujejwe harimwo ivy’ibitoro mu gihugu ca Reta iharanira Demokarasi ya Kongo buremeza yuko bugiye guhamagaza mu kwezi kwa Mukakaro uno mwaka abanyamitahe kugira baze guhiganira isoko ryo gucukura igitoro muri Kongo.
Intumbero akaba ariyo kugwiza igitoro gicukurwa incuro cumi ni kuvuga gushika ku rugero rw’amaritiro yababa 32.000.000 y’igitoro acukurwa ku munsi. Tubikesha RFI
Hatowe umuntu agira gatatu yanduye umugera wa Ebola muri RDC
Uyo mugabo w’imyaka 48 aba mu gisagara ca Mbandaka mu ntara Equateur. Uwo mugwayi yikekwa ko yoba yarabonanye n’uyundi mugwayi yaheruka kurwara ikiza Ebola kigaheza kikanamuhitana
Ubu igihugu ca Reta iharanira Demokarasi ya Kongo kikaba giharurwamwo abantu bagera kuri 2 bamaze kwitaba Imana bahitanwe na Ebola kuva aho bitanguye kuvurwa ko casubiye kwibonekeza muri ico gihugu. Abajejwe amagara y’abantu bamenyesha ko bari ku kivi kugira ngo bashobore gucandaga abashoboye kubonana n’abo bamaze kwitaba Imana.
Abagera kuma 444 bakaba bamaze kwegeranirizwa hamwe kugira ntibanduze abandi, 281 muribo bakaba bamaze gucandarwa ikiza ca Ebola. Tubikesha Actualité CD
Umunyamabanga wa Leta araba ivy’urwaruka n’imicokama arapfunzwe yagirizwa kurya igiturire
Bamporiki Edouard apfungiwe i muhira iwe kuva ku musi wa kane igenekerezo rya 05/05/2022. Uyo yamenyekanye nk’umukinyi w’amareresi n’ivyese aho akina no mu gikino benshi bakunda Urunana yaramaze no gukuurwa mubagize Reta y’Urwanda nkuko biri mw’itangazo ryasohowe n’umushikiranganji wa mbere w’ico gihugu. Tubikesha BBC Gahuza
Indirimbo ya Diamond Platinumz yahagaritswe ku mboneshakure zo muri Tanzaniya
Inyuma y’ikiringo kingana n’ukwezi isohotse, indirimbo Mtasubiri y’umuririmvyi w’igihangange Diamond yasohoranye n’umwigeme Zuchu yarahagaritswe ku mboneshakure zisanzwe n’izikorera ku mbuga ngurukanabumenyi zo muri Tanzaniya
Iyo ngingo ikaba yafashwe n’urwego rukuru rujejwe gukurikirana ibitangazwa mu binyamakuru kuruyu wa 06/05/2022, inyuma yo kumenyesha yuko iyo ndirimbo igaragaramwo amasanamu y’ibintu biteye isoni ndetse binateza urubwa abakozi b’Imana. Abo barongozi bo murico kigo bakaba basaba abo baririmvyi gukuramwo ayo masanamu ateye isoni. Tubikesha The East African
Amatoni 18.000 y’ibigori yasohowe kugira ngo asahirize kw’isoko
Mugihe ifu y’ibigori izimvye mu gihugu ca Kenya muri kino gihe, ikigo c’igihugu kijejwe kubika ivyimburwa cemeye gusohora amatoni 18.000 y’ibigori ku giciro kiri hasi ugereranije ni kihasanzwe kw’isoko. Iyo ngingo ikaba yafashwe mu ntumbero yo guhangana n’iduzwa ry’igiciro c’ibigori
Naho biruko, ikigo kiraba ivyumburwa kimenyesha yuko gifise impungenge z’ingene kizosubiriza ivyo bigori casohoye kuko ngo umwimbu uno mwaka utabaye mwinshi kubera. Tubikesha Agence Ecofin
Abana 4 bapfunzwe kubera ugukora uburovyi budaciye mu mategeko basabirwa n’abavyeyi babo kurekurwa atakirinze gusabwa
Abo bana biga mu mashure yisumbuye mu gihugu ca Uganda ariko bakaba bafise amamuko mu gihugu ca Kenya bafatiwe mu mugwi w’abantu 60 ku kiyaga Victoria bariko bakora uburovyi budaciye mu mategeko
Muri kino gihe abo basabiwe gutanga amande y’amafaranga y’amadorari 431 umwumwe, canke gupfungwa mu kiringo c’amezi 6. Denis Sikhembo, umwe mu bavyeyi yagerageje kuja gusaba irekurwa ry’umwana wiwe yabwiwe yuko amategeko akingira abana ku vyerekeye amakosa nkayo mu gihugu c’Ubuganda atayahari. Uyo muvyeyi akaba amenyesha ko muri kino gihe abo bana babayemwo ubuzima butoroshe mw’ibohero. Tubikesha The East African
Amakuru yatororokanijwe na Adiel Bashirahishize




