Urwanda rwoba rugiye kwakira abimukira barondera ubuhungiro mu gihugu c’Ubwongereza
Umushikaranganji mu vyo ajejwe harimwo imigenderanire w’igihugu c’Urwanda, Vincent Biruta ari kumwe n’Umushikiranganji w’intwaro yo hagati w’Igihugu c’Ubwongereza barateye umukono ku munsi wa kane igenekerezo rya 14/04/2022, ku masezerano ajanye nuko Urwanda ruzokwakira abimukira binjiye mu gihugu c’Ubwongereza mu nzira zitajanye n’amategeko.
Ayo masezerano y’amafaranga imiriyoni 144 y’abanyaburaya akaba araba na canecane abimukira biketsweko binjiye mu gihugu c’Ubwongereza mu kinywabi kuva mu ntango z’uno mwaka, kubera imvo z’ubukene, canke abahasavye kwakirwa nk’impunzi. Mu gihe abimukira bajabuka uruzi rwa Manche kugira baje mu Bwongereza bagera ku 28.500 mu mwaka w’i 2021, Umushikaranganji wambere w’Ubwongereza Boris Johnson amenyesha ko ico gihugu kitagishoboye kwakira abasaba ubuhungiro bose.
Nubwo abategetsi ku mpande z’ivyo bihugu vyompi bashima ayo masezerano, ishirahamwe mpuzamakungu ONU ryoryo ririyamiriza ayo masezerano rikanasaba yuko yohagarikwa. Mw’itangazo ryayo, igisata kiraba ivy’impunzi (HCR) muri ONU kivuga ko impunzi zikwiye kwakirwa neza zitarinze guhanahanwa hagati y’Ibihugu. Ngo ivyo rero ntibijanye n’amategeko mpuzamakungu ajanye no kwakira impunzi ndetse no gufashanya. Tubikesha ikinyamakuru RFI.
Tanzaniya na Kenya mu nzira yo guca imipaka iboneka hagati yavyo
Ico gikorwa kiriko kibera ku ruhande rw’amashamba cimeza ya Serengeti na Maasai. Mu bikorwa barimwo kuva kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 12/04/2022, abayobozi n’abahinga mu bijanye n’ivya amatongo mu gihugu ca Tanzaniya na Kenya bamenyesheje ko ibirometero 83 ari vyo vyatowe nk’ibizogabura ivyo bihugu. Uburere bw’amajaruguru ya Tanzania bukaba bubangamiwe cane n’uruja n’uruza rw’abungere bava muri Kenya bagiye kurondera ubwatsi. Ivyo biri uko mu gihe igihugu ca Kenya gisanzwe gifise urubibe rw’ibirometero 758 gihana na Tanzania, urwo na rwo rukaba rwaciwe kuva mu bihe vy’Ubukoroni. Inkuru yose murashobora kuyisanga kuri The Citizen
Samia Suluhu mu rugendo muri Reta Zunze Ubumwe z’Amerika
Umukuru w’igihugu ca Tanzaniya, Samia Suluhu ari mu rugendo kuva igenekerezo rya 14/04/2022 mu gihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika. Aho yashoboye kubonana n’icegera c’umukuru w’Igihugu ca Reta Zunze Ubumwe z’Amerika baraganira ku bijanye n’amagara y’abantu na kare ariho isi ikiva mu kiza ca Covid-19, umutekano mu karere k’ibiyaga bigari na Afrika, hamwe n’ugukorana mu vy’ubutunzi nk’ukwo tubisoma ku rubuga rwa Ku rubuga rwa BBC Swahili
Bimwe mu vyamujanyeyo rero ngo harimwo ukurondera ingene yoteza imbere igisata ca ba mukerarugendo. Bikaba vyitezwe ko azoshira ahabona amasanamu y’ireresi yiswe Royal Tour yerekana ibibanza vy’iratiro biri mu gihugu ca Tanzania mu bisagara vya New York na Los Angeles. The East African
Ivyo biruko mu gihe raporo y’umwaka w’i 2020 ushira uw’i 2021 yakozwe n’ikigo kijejwe kugenzura ibikorwa vya Reta (CAG) imenyesha yuko ikigo c’Igihugu kijejwe ivy’abamukerarugendo (TTB) cananiwe gushikana amahangiro cihaye bivuye ku mvo zitandukanye zijanye n’ukumenyekanisha ibibanza vy’iratiro biciye ku buhinga bwa none nk’ukwo inkuru yanditswe na The Citizen ivyerekana.
Muri Kenya, umuyobozi w’ishirahamwe (Rubis Energy) ritanga igitoro yarirukanywe ku mvo zitaramenyekana neza nayo igitoro kiraduzwa
Rubis Energy risanzwe ari ishirahamwe ry’abafaransa rizwi cane mu karere k’Afrika y’Ubuseruko mu rudandazwa rw’igitoro. Ku munsi wa gatatu igenekerezo rya 13/04/2022, mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru, Monica Juma, Umushikaranganji w’amasoko ntanganguvu w’igihugu ca Kenya akaba yamenyesheje ko amashirahamwe menshi adandaza igitoro akinyegeza ayandi akagishora hanze mu ntumbero yo kurindira yuko coduzwa. Monica Juma, akaba atashimye kuvuga igituma umuyobozi w’ishirahamwe Rubis Energy, Christian Bergeron yirukanywe. Iyo nkuru ikaba yanditswe n’ikinyamakuru c’abafaransa RFI
Igitoro kikaba cahavuye kiduzwa muri ico gihugu kuri uyu wa 15/04/2022 aho iritiro imwe ya buri bwoko bw’igitoro hongeweko amafaranga y’amanyakenya 9.9, hafi 175 mu marundi. Tubisoma kuri AFP
Imiriyoni 79,1 y’amadorare y’abanyamerika yo gushigikira imigambi y’iterambere yatanzwe na ONU
Mu ntumbero yo gushigikira imigambi y’iterambere mu turere twakozweko n’uturiko turakorwako n’intambara, ishirahamwe mpuzamakungu ONU ryaratanze kuri uyu wa 14/04/2021, amafaranga y’abanyamerika angana n’imiriyoni 79,1. Kubwa Bruno Le Marquis, atwara igisata ca ONU kiraba ivyo kwitanaho mu gihugu ca Reta iharanira Demokarasi ya Kongo, ngo ubwo buryo bukwiye gukoreshwa mu ntumbero yo gushigikira na canecane imigambi izotuma hatsimbatazwa amahoro Tubisanga ku rubuga interneti Zoom Eco
Ubuganda bugiye gusubira gucukura ubutare bwa cuivre buri i Kilembe
Ubwo butare buharurwa mu miriyoni 4, bukaba buri mu karere k’uburengero bw’igihugu neza na neza musi y’umusozi Ruwenzori. Kuva kuri uyu wa 12/04/2022, Reta y’Ubuganda ibicihije mu bashikiranganji bajejwe ubutunzi hamwe n’ubutaka baratangaje yuko abanyamitahe babishoboye boza guhiganira isoko ryo kwimba ubwo butare
Mu vyo abo bashikiranganji bashikirije kandi nuko ikibanza kiri ahari ubutare bwa cuivre i Kilembe catunganijwe neza kugira kizokwakire ibikorwa uko bibereye. Mwomenya ko Reta ya Uganda yaheruka gutanguza ibikorwa vyo gucukura ubutare bw’i Kilembe mu 2013, bikaba vyari vyaranse yuko ibandanya ibikorwa ku mvo zo kubura ibikoresho. Ni inkuru dukesha itorokanirizo ry’amakuru ry’abongereza Reuters
Amakuru yatororokanijwe na Adiel Bashirahishize
Ukwo iyinga rirangiye, ikinyamakuru Jimbere Magazine kirabashikiriza amakuru yaranze akarere ka Afrika y’Ubuseruko. Ano makuru atororokanywa n’Uruganda rwa Jimbere rufashwe mu mugongo n’ishirahamwe La Benevolencia Grands Lacs rishigikiwe n’Ingoma y’Ubuholande hamwe n’ishirahamwe ry’ugufashanya mw’iterambere ry’abaswisi(Coopération Suisse)




