Jimbere

ikirundi French English
GUPAGASA

Kwa Patrice hayagwa amata n’amafaranga gusa

Ni mu Rukeco muri komine Busiga, intara ya Ngozi. Patrice Barutwanayo n’umugwi w’abasore 2 bariko barakora ibidasanzwe mu guhingura amata akunzwe cane muri ako karere, mu buraruko bw’igihugu eka no mu bindi bice vy’Uburundi

 Uwo Patrice aserukira abo bandi afise imyaka 34. Yarize amashure na kaminuza araminuza mu gisata c’ubutunzi aho i Ngozi nyene. Abo basore 3 batanguye kugira ico ciyumviro inyuma yo kubona ko ubukene bubasatiriye. Ariko kandi aho baherereye na ho hari hasanzwe ubukene bw’amata ahinguye neza ku buhinga bwa none.

Haraciye imyaka 4 batanguye gushira mu ngiro uwo mugambi. Uti none bakora gute? Amata y’ikivuguto barayahingura neza, hama bakongerawamwo inkere canke « vanille ». Kugira biborohere kuronka « vanille » n’inkere bakenera, bikora ku vyo barimye mw’ishirahamwe batanguje ryitwa « MPAMATA » rifise abakozi 20, bakongereza ku vyo bagura ku bandi barimyi b’i Bugarama canecane.

Uti none amata yo bayakurahe? Patrice avuga ko amata kugira bayaronke bayarangura ku borozi bayashora. Abo na bo benshi muri bo ngo basanzwe ari abanywanyi b’ishirahamwe « MPAMATA. » Aho rero baraheza bakayahingura neza, mu nyuma bakayatekera mu tubido twabo dusukuye neza, gutyo bakabona kuyashora hirya no hino. Ayo mata rero ngo aranabikika iminsi indwi irenga.

Batanguje umutahe udashika umuriyoni w’amafranga y’amarundi bashize hamwe

Kubw’umwete bakorana, ayo mata ubu yarakwiye nka hose mu ma « boutiques, alimentations,… » yo mu ntara zitandukanye. Mu gihe batanguye bahingura musi ya ritiro zidashika ijana ku munsi, ubu bageze kumaritiro hafi 500 ku munsi. Aho rero akabido k’iritiro 1,5 bakagurisha 5.000 Fbu.

Abo basore uko ari batatu barashimishwa cane n’intambwe bagezeko. Nkako umutahe batanguje ngo uramaze kwigwiza incuro zirenga 5.

Nayo nk’akarusho kadasanzwe, ico gikorwa cabo ni co cabafashije kwiga kaminuza nkuko Patrice avyigana.

Muri kazoza bakaba bipfuza kugwiza amata gushika nko ku maritiro 30.000 ku munsi. Bashaka ko Uburundi bwose buronka amata avuye mu Rukeco, bakayakwiragiza na « camion-citerne » irya n’ino nka kurya bikorwa ku gitoro. Ariko n’ubwo ayo mata ahingurirwa kwa Patrice na bagenziwe akunzwe cane, mbere akaba ari na co gitera intege urwo rwaruka, baranavuga ko n’ingorane zitabuze zituma badahingura menshi ku rugero bipfuza. Aho ni nk’umuyagankuba wama wacigaguritse bigatuma batsa imoteri bakoresheje igitoro kizimvye.

Na yo ku rundi rwaruka ngo ukwitunganiriza imigambi irufasha kwibeshaho vyoba ifatiro ry’urwaruka rw’ubu n’urwo muri kazoza.

Sabikanya kuri
Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

To Top