Côme Nahimana, ni umwe mu rwaruka rwitahuye. Kwicara ata co ariko arakora yabigize umuziro. Uyu, yahisemwo kuba umurimyi-mworozi, ku buryo n’urundi rwaruka rwomufatirako akarorero.
Côme Nahimana, aracari umusore, afise imyaka 27. Aba mu ntara ya Cankuzo, komine na zone Cankuzo, ku musozi Mugozi. Ahejeje amashure yisumbuye, ntiyihutiye kurongora canke ngo aje mu gisagara, nk’uko urundi rwaruka rubihurumbira. Oya. Nyabuna yaciye yiga uburyo yokwiteza imbere, ubonako kwiga kaminuza y’abigenga, avuga ko bitari kumworohera kubera uburyo.
Uyu musore yikorera ivyiwe mu kurima no kworora, ngo ico ciyumviro camujemwo aciga mu mwaka w’indwi, hari muri 2011. Ni mu gihe yari atanguye kwiga icigwa kijanye no kurima (Cours d’Agriculture).
Amahirwe y’umuntu ntamenya iyo aturuka. Côme Nahimana yararonse akaraka mw’ishirahamwe ryo mu kibano bamuhemba 80.000Fbu. Nta kindi yakoze atari ukwihutira kugura impene 3. Ngo yahejeje kwiga ayisumbuye mu 2018 afise impene 9.
Kurera amaboko arabizira. Agira ati : « Mu mwaka wa 2018 naciye ngurisha impene 3 mu zo nari mfise, ndonka 150.000Fbu. Nca nja kugura imbuto, n’ifumbire. Natanguye kurima ibigori n’imyumbati. Mu gihe c’iyimbura, mparuye ayo nakoresheje n’ayo mba nsigaranye, ndunguka amahera arenga 200.000Fbu. »
Naho bitoroshe yagumyeko …
Burya umuntu agitangura ngo usanga bitoroshe. Kanatsinda kurima bisaba uburyo butari buke. Côme Nahimana agira ati: « Bisaba ko uba ufise aho kurima hakwiye, ufise amahera yo kugura imbuto, guhemba abakozi, umwavu, kandi rero uburimyi ntibushoboka utoroye kugira uze uraronka umwavu w’ikirundi. » Aho rero ni ho Côme yashize inguvu.
Kubera ko ivyo Côme yakora yisunga ivyo yize mw’ishure, yabonye bidakwiye yikora ku bafundi b’indimo ku mitumba, baza baramukurikirana, banamupompera imiti ku bigori mu gihe biba bitewe n’impongwa. Kubera atari afise uwumufata mu mugongo, yarimye, hato, agenda arakura. Ivyo rero akabikora ku gatwe kiwe. Kuva abitanguye gushika ubu, aho arima hamaze kwigwiza incuro zitandatu, kuko ubu ageze ku mahegitari 3, yatanguriye kuri 0,5.
Côme Nahimana, ubu afise impene 13 kandi yipfuza kugura inka mu minsi. Mu migambi ya kazoza, avuga ko, kubera acikora ku mirima y’umuryango, n’aho akota, ngo ariko ararwana no kwigurira amatongo yiwe bwite, arime, abe umurimyi-mworozi azwi mu karere, akorane n’amahinguriro, mbere atsindire n’amasoko yo kwigisha abandi kurima no kworora kijambere. Agahamagarira urundi rwaruka gukura amaboko mu mpuzu rugakora rwiteza imbere.




