Uburundi buri mu bihugu bifise urugero rw’abakoresha ibisata vy’amabanki rukiri hasi, ku muga-bane wa Afirika (ibice 20%). Amakoperative yo arahagirira ibibazo. Biri uko mu gihe, bibiri vya bitatu (2/3) vy’abarundi batunze amaterefone ngendanwa yobafashije gushikira vyoroshe ibisata bijanye n’ivy’ubutunzi. Ubwo hokwijukirwa ubuhinga bwa none ntiyoba inzira irashe mu guteza imbere ibijanye n’itunganywa ry’amakoperative? Tubiyage…
Ugukoresha ubuhinga bwa none bifasha amakoperative gushira inguvu ku bisata nyamukuru nk’ic’ubudandaji ndetse bikanatuma abanywanyi b’ano makoperative bagwiza umwimbu. Mu Burundi ho, bivanye n’impamvu zitandukanye, amakoperative atari make aracakoresha urupapuro n’ikaramu mw’itunganywa ry’ibikorwa vyayo.
Intambamyi muri iki gihe ziba nyinshi kuko batakaza umwanya utari muto haba mu bikorwa vy’ukwandika abanywanyi, kwandika amafaranga asabwa ku munywanyi mu kiringo runaka, mu kuziganya, mu bijanye n’ingurane, kugura ibikoresho vyankenerwa n’ibindi. Twaravyiboneye mu rugendo twagize mu makoperative atandukanye akorera mu Burundi.
Kubwa Yves Bunoko, umwe mu rwaruka rugize koperative Sangwe Buringanire ikorera muri komine Ntega, mu ntara ya Kirundo, hari impamvu nyinshi ziza gusigura igituma haba ugucererwa: « Ukutamenya ingene ubuhinga bwa none bushobora gutorera inyishu ibibazo bimwebimwe, ukutagira ubushobozi bwo gukoresha ubuhinga bwa none hatibagiwe ikena ry’imitahe n’ibindi. »
Yannick Chokola, umuyobozi mukuru wa Auxfin Burundi, ishirahamwe risanzwe rikorera mu bijanye n’ubuhinga bwa mu turere two hagati mu gihugu, arasigura igituma ikoreshwa ry’ibikoresho vya kera bikorwa n’amakoperative rifise ingaruka nyinshi kuriyo : « Ubwa mbere, haraba ugutakaza umwanya igihe hariko haronderwa impapuro ziriko ibikenewe, nta biharuro canke ivyemezo vyizewe mfatirwako usanga bihari biza bifasha gutegura ibizorangurwa muri kazoza no mu gufata ingingo, nta makuru y’ibigezweho ku masoko aboneka vyoroshe, ukubura umwanya wo kwicarira ibindi bikorwa vyokujije koperative nk’ubudandaji, ugushora, ugusubiza ingurane, n’ibindi.»
Benshi bataramenya tunyegeje mw’ikoreshwa ry’ubuhinga bwa none Uturusho
Ukuriha ibidandazwa ukoresheje terefone biramaze iminsi bikoreshwa mu Burundi. Kandi rero, ubu buryo bwokworohereza cane amakoperative.
Umwihwezo wa Chokola: « Turamaze kubona ko abanyaguhugu bahurikiye mu makoperative batoroherwa iyo bakeneye ingurane mu mabanki cane cane bivanye n’uko bategereye mu bisagara ahagwiriye amabanki.» Abandanya agira ati : « Burya igihe hari amakoperative asaba ingurane, amabanki abanza kumenya neza ko vy’ukuri ano makoperative abaho, ko afise abanywanyi bari ku kivi, ko atapfuye kwandika igitigiri c’amafaranga asaba gusa, ko afise ingwati koko, ko afise intunganyo nziza n’ibindi. Bivanye n’uko rero amabanki n’ayandi mashirahamwe yo kuziganya n’ukuguranana adakorera ku mitumba yose, ano mabanki ategerezwa kurungika abakozi bayo ngo baje kuraba ko vy’ukuri ano makoperative afise ubushobozi bwo kwishura ingurane ariko arasaba. Ibitorohera ano mabanki. Ni mu ntumbero yo gutorera inyishu ivyo bibazo ishirahamwe Auxfin ryatororokanije inkuru zose zisabwa ku makoperative amwe amwe akorera mu Burundi kugira ngo nk’amabanki akeneye kubibona ntarinde gufata ingendo atakaza ubundi buryo ahubwo bashobore kubironka hafi. » Kubwiwe, ha mpande y’uko ikoreshwa ry’ubuhinga bwa none ryorohereza amakoperative mu gushikira ingurane mu mabanki kuko rituma amabanki abona vyoroshe umutungo n’itunganywa ry’ayo makoperative agaheza agatanga ingurane bitagoranye, riraseruka mu gusahiriza amakoperative muri vyinshi: « Ibikorwa biroroha. Ibintu vy’ano makoperative usanga bitarimwo amakosha aturutse k’ukwihenda. Amafaranga yinjira ariyongera, ayasohoka mw’itunganywa ry’akazi akagabanuka. Hejuru ya vyose rero, ivyegeranyo n’impapuro za koperative bitunganywa neza kurusha, bikanashingurwa neza.», Yannick Chokola
None neza na neza amakoperative akoresha ubuhinga bwa none gute ?
I Gitega, Evrard Bizoza ari mu buhinga bwa none, aza yaratanguye gufasha amakoperative atandukanye mu bijanye n’ubwo buhinga, aratuyagira: « Dufatire akarorero kuri koperative y’ukuziganya n’ukuguranana : imbere y’uko ino koperative itangura gukoresha « logiciel » ikorerwamwo ivy’ubutunzi, isabwa kubanza gukora ivyigwa igatororokanya ibikenewe ku bikorwa vy’ino koperative hamwe rero n’abanywanyi bayo. »
We agira ati : « Intambwe ya mbere, koperative yotororokanya ibikorwa vyayo n’ibisata vyayo yipfuza kukorerako. Ibwirizwa kwihweza ivyo yokwunguka n’ivyo yohomba igihe ikoresheje canke ntikoreshe ubuhinga bwa none, imigambi y’iterambere ifise ari nk’ukumenyesha abanywanyi bayo ibijanye n’ihindagurika ry’ikirere, impanuro zitangwa n’abafundi b’indimo, ibijanye n’amasoko n’ibindi. Ku bwanje, ubuhinga bwa none ni inyishu ku makoperative. »
No mw’ishirahamwe Auxfin Burundi ijambo ni iryo nyene. Utudirisha dukorerwamwo ibisata bitandukanye (« applications ») twashizweho, ni utugana guteza imbere ubuzima bw’abanywanyi b’amakoperative : « Amakoperative twahereyeko mu gikorwa co gushira ivyayo mu buhinga bwa none ni ayasanzwe ari mu bakiriya b’ishirahamwe PAM, mu bisata 4, ic’amasaka, ic’ibigori, ic’umuceri n’ic’ibiharage. Ubwa mbere turabandika, bakagira ikonti muri Ni-cash, kimwe mu bisata bifasha mu kurungikiranira amafaranga hakoreshejwe terefone, maze amakoperative agashobora gushikira vyoroshe ingurane zitozito kuko igisata ca Ni-cash gisanzwe gifitaniye ubucuti n’amabanki amwe amwe cokimwe n’ayandi mashirahamwe ashobora gutanga amafaranga. »
Chokola amenyesha ko hari uburyo amakoperative akoresha igisata Ni-Cash aronka amakuru ajanye n’ivy’amasoko: « Muri ubwo buryo nyene turarondera amasoko akomakomeye ashobora gushorerwamwo umwimbu nka PAM aho umukiriya uwo ari we wese atangura kumenyesha urugezo rw’umwimbu azokwimbura imbere y’uko n’ibiterwa vyera. Aha, abari mu makoperative bo baba baramaze kumenya urugezo rw’ibidandazwa bikenewe kw’isoko maze bakabikorerako kuko bazi ko isoko iri ngaho.»
Kuba ikoreshwa rya ry’ubuhinga ngurukanabumenyi na ryo nyene rikiri hasi mu Burundi (ibice 13,2%) nk’uko ARCT, igisata kijejwe ivyo gutumatumanako amakuru mu Burundi kivyerekana, biri mu vyatumye ishirahamwe Auxfin rishiraho utudirisha « applications » dufasha amakoperative kuronka amakuru naho atoba afise uburyo (amamega) interineti isaba kugira yoye kwama agira inyuma y’amajambere. Nuko rero, mu ntumbero yo gutorera inyishu ibibazo vy’ubukene mu ngo n’imiryango, ku gataka k’Uburundi biciye mu makoperative, Reta irakwiye guherekeza no gushigikira ibijanye n’ikoreshwa ry’ubuhinga bwa none.




