Ku matariki ya 28 gushika 30 Nyakanga 2021 kuri « La Détente » mu gisagara ca Bujumbura, amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike akorera mu bisata 6 vy’igihugu yarakurikiranye uruganda rwatunganijwe n’urunani rugizwe na Action Aid, Care International na Reja Burundi bafashwe mu mugongo n’Ubumwe bwa Buraya.
Utangujwe mu 2020 n’urunani rugizwe na Action Aid, Care International na Reja Burundi bafashwe mu mugongo n’Ubumwe bwa Buraya, umugambi Dukurire Hamwe ushikira ibisata 6 vy’igihugu arivyo indero, Gukinga no Kurwanya amabi afatiye kugitsina, akazi n’ukwikorera imigambi vy’urwaruka n’abakenyezi, ihindagurika ry’ibihe n’ibidukikije, uburimyi n’igisata c’amagara y’abantu. Uwo mugambi ufise intumbero yo gukaburira no gufasha ayo mashirahamwe kugire aterere bikwiye mu migambi n’iterambere ry’igihugu.
Ni muri iyo ntumbero nyene abaserukira amashirahamwe 146 bava mu ntara zose z’Uburundi bakorera mu bisata 6 twavuze hejuru bakurikiranye inyigisho mu kwezi kw’indwi guheze kuri Tiger’s Hotel muri Mairie ya Bujumbura. Izo nyigisho zari zigamije gukora integuro y’ubuvugizi izoshikirizwa abegwa n’ibibazo bizoba vyegeranijwe.
Mu cifuzo co kuguma muri iyo ntumbero, uruganda rw’imisi itatu (kuva itariki 28 gushika kuri 30 Nyakanga 2021) rwatunganijwe kuri « la Détente » aho abaserukiye igisata kimwe kimwe bashoboye gushikiriza integuro y’ubuvugizi yakozwe.
Buri gisata gifise ingorane cipfuza ko zotorerwa umuti
Hakizimana Méthode wo mwishirahamwe IPEV mu gisata c’uburimyi yashikirije ko bimwe mu bituma umwimbu ugabanuka ari ukutaboneka bikwiye kw’imbuto nziza zozana umwimbu mwiza kandi mwinshi, ubushobozi buke bw’umurimyi mu kugura ibikoresho, Isi yo kurima yagabanutse n’ibintungwa bito bito bitarwiriye cane mungo z’abarimyi, iruhande yo kubaha ifumbire, vyobahaye n’agafaranga.
Yagize ati : « Naho ibice 93 kw’ijana vy’abarundi babeshejweho n’ukurima, ibice 72 kw’ijana vy’abarundi bafungura ibidakwiye, 63 kw’ijana nabo bagafungura nabi. Ivyo bigatuma ku mugabane wa Afrika, Uburundi buba mu kibanza ca kabiri uhereye inyuma kubijanye no gufungura neza (IFPRI, 2015 : UA. 2016) ».
Kubijanye n’igisata c’amagara y’abantu, intumbero nyamukuru y’integuro y’ubuvugizi bw’ayo mashirahamwe ni ukugabanya impfu z’abakenyezi bashengera bariko baribaruka, abana bapfa bakivuka, abana bapfa bakiri munsi y’imyaka 5, ukugabanya impfu zituruka ku ngwara zo mu mutwe, hamwe no kuvura abageze mu zabukuru.
Integuro y’ubuvugizi bwo mu gisata c’Indero yerekeye ahanini ibijanye n’ingene amashure yokwitunganya mu kuryohora uburyo abana bokwiga borohewe, gutsimbataza indero idakumira mu mashure, hagashigwaho umwanya w’ivyigwa ungana n’amasaha 950 mu nyigisho z’igice ca 3 c’amashure shingiro (cycle 3), amasaha 850 mu nyigisho z’igice ca mbere n’ica kabiri c’amashure shingiro (cycle 1 et 2) mu mwaka w’ishure ugizwe n’indwi 38.
Nk’uko Cassien Gashirahamwe ari mu runani « Bafashe bige » yashikirije iyo nteguro yavyerekanye, uko imyaka igenda ni uko akanovera kubumenyi kagenda kagabanuka. Ivyo bigaterwa akenshi n’igitigiri c’abakenera inyigisho kigenda congerekana, uburyo bwo kuronka ibikoresho budakwiye, abigisha badafise ubumenyi bukwiye n’ukutakurikirana abigisha iyo bariko baratanga ivyigwa.
Mélanie Nakubu yashikirije ubuvugizi bw’igisata co gukinga no kurwanya amabi afatiye kugitsina. Uyu avuga ko ingorane z’ico gisata zihagaze ahanini kukutitaho bikwiye abashikiwe n’amabi afatiye kugitsina, ingaruka mbi zaba zo ku magara canke mu kibano ziva kukunywa urumogi zitazwi n’abenshi n’akazi kabura kubagendana ubumuga kuko badashobora kuronka urupapuro rwemeza ko bafise ubushobozi bwo gukora ibikorwa vyose bisaba gukoresha ibihimba vyose vy’umubiri. Yabandanije ashikiriza ati : « Turipfuza ko gushika mu 2022, ko intara zose z’Uburundi zoba zifise ibigo vyokwakira abashikiwe n’amabi afatiye kugitsina. »
Impanuka ziva kw’ihindagurika ry’ibihe n’ibiza n’ivyo vyabaye ishingiro ry’ubuvugizi bw’igisata c’ibidukikije. Injeniyeri Innocent Banigwaninzingo yashikirije ubuvugizi bw’ico gisata yashimangiye kukungene ihindagurika ry’ibihe rifise ingaruka mbi ku buzima bw’igihugu.
Ibigihanze igisata c’akazi vyo si bike kuko abakenera akazi baguma bongerekana mu gihe isoko y’akazi iguma ari nto. Ikindi huko abasohoka mu ma kaminuza usanga badafise ubumenyi bukwiye kugire bashikire kubuzi. Ivyo bigasaba ko bamanza guhabwa inyigisho zibategura gukora akazi. Abagendana ubumuga n’abakenyezi nabo hageze gusaba akazi bibagora kukaronka gusumba.
Ubwo buvugizi bw’ivyo bisata uko ari bitandatu nibwaheza gutunganywa n’ayo mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike buzoca bushikirizwa ubushikiranganji bubijejwe, maze hatorwe inyishu yorohereza umwenegihugu.




