Uko umwaka utashe ibinyabuzima vyababa ibihumbi ijana birapfa biturutse kw’itabwa ry’imicafu mu mazi y’inzuzi, y’ibiyaga, n’ibindi. Inyigisho zari zikwiye gutangwa guhera mubana bato kugira dushobore kwirinda ico kiza.
Inzuzi zibeshejeho ibinyabuzima vyinshi bitandukanye bito na binini bigize umurwi w’urukurikirane rw’imfungurwa bita mu kinyamazuru « chaîne alimentaire ». Naho bir’uko izo nzuzi zahindutse kenshi iyegeranirizo ry’ibintu vyonona bitandukanye bidacafuza gusa izo nzuzi ku buryo bworoshe ariko bigatuma n’ubuzima buhatakarira.
Nk’uko bivugwa na Ndabaneze Ntore Joe Thibaut aserukira Royarl Arts, ibice mirongw’icenda kw’ijana (90%) vy’imicafu yibonekeza mu biyaga vyo kw’isi n’ibikozwe muri prasitike (plastique). Ivyo bikaba birimwo ubumara bumara igihe kinini kw’isi. « Imicafu ikozwe muri prasitike nk’amacupa ishobora kumara imyaka 450 itarabora burundu ».
Ikibangamye, nk’uko bivugwa na Ndabaneze, n’uko nya micafu iri mu mazi iba intandaro y’indwara zandurwa biciye mu mazi nk’amacinya, tifoyide, ubukangwe, mugiga, gucibwamwo, …
« Amazi yandujwe n’imicafu iva mu bantu, mu bikoko, mu mahinguriro, canke mu mazirantoke atwarwa n’ayandi mazi atemba canke anyengetera mu masoko y’amazi meza yanduza mur’ubwo buryo amazi yo kunywa n’ibifungurwa. »
Icokorwa kubw’izi ngaruka mbi
Iyo micafu kenshi iba igizwe n’iyo mu gikoni tutibagiye ibirahuri, impapuro, amakarato, amaprasitike, impuzu, ivyuma, … abantu basuka mu nzuzi batitaye ku ngaruka mbi zavyo. « Uko imvura iguye, abantu bata imyanda yo mu mazu mu mifurege bizera ko itwarwa n’amazi y’imvura. Ni ingendo iriho kuva kera », bivugwa na J.N., Umwenegihugu twasanze muri zone Buyenzi mu gisagara ca Bujumbura.
Iyo micafu ntiyonona gusa imicungararo abantu babayemwo nk’uko isoko ry’inkuru ribimenyesha ariko irisuka kandi mu mabarabara. Mu gihe haba hariho ibizibira imigende y’amazi bituma mur’ako karere higaragaza ubucafu. Naho bitobaye uko ubucafu bwinshi bwisuka mu ruzi nka Ntahangwa ruca ruburangururana mu kiyaga Tanganyika.
Umwe wese rero ategerezwa kwikingira, gukingira abandi no gukingira ibidukikije mu kudata imicafu aho abonye hose no mu kutoga mu nzuzi zirimwo ubumara buva ku micafu itandukanye zatawemwo. Inyigisho zotegerejwe gutangwa ku bana bato no ku bandi batazi ingaruka z’iyo ngendo.
Kino gisomwa canditswe na Toyi Bernard yize kuri Université Lumière de Bujumbura, mu gisata cigisha ibijanye n’ugutanga amakuru, umwe mu banyeshure ikinyamakuru Jimbere Magazine cakiriye mu ntumbero yo kwimenyereza umwuga wo kumenyesha amakuru




