Jimbere

ikirundi French English
UKUBANA

Umunsi wo kwibaruka, abashingantahe boba bavyifatamwo gute ?

Hibaruka babiri, mugabo ku munsi wa rwo, aho umukenyezi ashikana ikibondo, abashingantahe bavyifatamwo ugutandukanye. Mu gihe kw’itariki 5 Rusama ari umunsi mpuzamakungu wahariwe abakirizi, Jimbere yashimye kugaruka ku ntererano y’abashingantahe, ku munsi wo kwibaruka.

Mu migenzo y’abarundi, ngo nta mugabo aja kuraba aho umukenyezi yibaruka. Ivyo bivugwa na Augustin Harushimana, yanonosoye irondoka rijanye n’amagara meza, akaba ari n’umwakirizi.

N’ubwo biri ukwo, inyifato z’abagabo ziri kune ziri gutanu, mu gihe abakenyezi bagiye kwibaruka. Emmanuel Nkunzimana, umuvyeyi w’abana 3 ashikiriza ati : « Nibutse igihe twibaruka ikibondo ca mbere, igise cafashe umukenyezi wanje igihe c’isaha 2 z’ijoro. Nta vyinshi nari ndabizi ko, kiretse ko narimfise mu mutwe ko bibabaza cane. Ingene ndavyifatamwo, nari niteguriye kumuguma hafi mu ntambwe zose abamwo, kandi narabikoze aho ngeza. » Emmanuel Nkunzimana rero, ngo n’aho igise gifata umukenyezi, avuga ko n’abagabo burya baba bakiriko mu bundi buryo. Ayaga ati : « Erega nta mahoro natwe turonka. Yaba umukenyezi, yaba ikibondo kiba kigomba kize kw’isi y’abazima, nta wuba azi ko bahava amarembe. Ni kenshi hama habonetse abahasiga ubuzima. Bisubiye, nta wotekana abona amagogwa umukunzi wiwe arimwo. Ni urugamba rwa babiri. »

Céléstin Ndikumwami we, avuga ko igise c’umugabo ari ukwiruka mu kurondera ivya nkenerwa vyose, ari nk’ibisabwa kwa muganga, nk’imiti, ivyakirizo, uguhembura umuvyeyi, hamwe n’imanza zizokurikira mu nyuma. Asigura ati : « Ibanga ry’umugabo ni ugukora ibishoboka vyose kugira ngo umuvyeyi ntabure vya nkenegwa canke ngo arye urubutiro (ntasonzere mu kiriri). Na yo mu mwanya w’igise, umugabo nta kinini ari bufashe, kuko atanemeregwa gushika ku gitanda umuvyeyi yakirirwako mu gihe atari umuganga. Mu bisanzwe ni ryo banga ry’abakenyezi, twebwe ata kinini twotereramwo. Ibikorwa biragabuye. »

Ugusangira vyose, no mu mibabaro

Devota Ntimpirangeza, umuvyeyi w’abana 5 bariko baragera mu bigero, atanga umwihwezo wiwe ati :« Abagabo benshi bo mu Burundi barakwiye kwikebuka. Mu gihe umuvyeyi yinjiye mu kibanza co kwibarukiramwo, benshi nabo baba binjiye mu bunywero, kurindirirayo ko babahamagara kuri za terefone kugirango bababwire icavuyemwo. Imana ikinze bikagenda neza, baca binywera n’izo batari bateguye, ndetse n’abagenzi bakabasukako urwarwa. Ni bake biyumvira ivyo umukenyezi aba avuyemwo mu kugira ashikane ico kibondo». Ku bwa Devota, abagabo bafise izo ngeso, kandi bakagira ko bakishigikira ngo ni bwo bugabo, ni ababe gito bakabije. Anavuga ko burya hadakenewe cane ibijanye n’amafaranga gusa, ko burya umukenyezi ahimbarwa iyo abonye ko n’umugabo yamugumye hafi mu bihe bitoroshe. Arumva ko akunzwe, ko vyukuri bari kumwe mu mahirwe no mu magogwa. Kanatsinda, n’aho harimwo igihe c’amagogwa, umunezero wo kuronka ikibondo, ni wo uba usumba vyose.

Nelly Ndabahagamye, ageze ku mvyaro zine, we avuga ko abagabo babitaho ku kibondo ca mbere gusa, na yo ku bakurikira, bisa nk’ukwo ata bishasha. Avuga ati : « Ese hoho ngo uvyara urubuto rumwe. Ntanasimba n’umutima. Agupfuye agasoni aragutwara kwa muganga, ukibaruka ico kibondo, mugabo igishika ntikiba ari ikirenga. Ivyo akora vyose biba nk’uguheza ibwirizwa. Nta kintu kibabaza umuvyeyi, ahejeje guca mu bubabare bungana ukuri hano, hanyuma agaca afatwa nk’imburakimazi. »

Kuri abo bashingantahe batitaho bikwiye abakenyezi babo mu gihe co kwibaruka, Augustin Harushimana, we yama yabibonye mu gihe aba ari mu kazi ka minsi yose ko kuba hafi abibaruka, arahimiriza abashingantahe bose, atawuvuyemwo, kuguma hafi y’abakenyezi babo mu gihe bagomba bibaruke, gutyo bagasangira umubabaro wose. Naho n’umunezero w’inyuma yo kwibaruka uba mwinshi, n’urukundo rukongerekana, eka n’ikibondo kiraharonkera urukundo rukwiye, rw’abavyeyi bose.

Sabikanya kuri
Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

To Top