Guhera mu mpera z’umwaka wa 2020, haratanguye umurindi wo gushinga amatara abonesha mw’ijoro mu ma zone amwe amwe y’umugwa mukuru w’ubutunzi. Hihwejwe uburyo ivyo bikorwa bitwara, biragaragara ko hagize abandi bitanga, uwo mugambi wokwira igisagara cose mu mwanya muto. Hano turabereka amafaranga ivyo bikorwa bishobora gutwara, naho ashobora kuva.
Yaba uburongozi bw’igisagara ca Bujumbura bushasha canke ubwahahahoze kera, ugushaka kuboneshereza igisagara mu gihe c’ijoro vyamye vyipfuzwa bikanatangwa nk’itegeko kuri bene ingo. Ni mu gihe bigaragara ko amatara yashinzwe kera n’ishirahamwe Regideso yo atagikora namba. Mu Nyakabiga ho, bamwe mu bahavuka baramaze gushigikira bimwe biboneka uwo mugambi. Amabarabara 6 aramaze gushirwako ayo matara. Ivyo bigakorwa ku buryo butanzwe n’imvukira zo muri iyo zone.
Imiriyoni zitagera 200 kugira zone yose yakirizwe …
Uwatanguye gutanga ako karorero keza mu kuboneshereza amabaraba yo mu Nyakabiga yaratwiganiye ibijanye n’uburyo kwubakisha ayo matara bitwara. « Ibarabara rimwe ritwara amafaranga y’amarundi 4.300.000. » Zone ya Nyakabiga igizwe n’ama karitiye atatu, tugerenanije, yoba ifise amabarabara ayicamwo hagati (avenues) y’ubwo buringanire arenga gato 50. Iragizwe kandi n’amabarabara 6 yandi, 3 ayicamwo hagati na 3 yandi ayikikuje agereranywa ku burebure bushobora kujako amatara 28.
Gushira amatara kuri ayo mabarabara yose ngo vyotwara amafaranga y’amarundi imiriyoni 295. Havuyemwo ahamaze gushirwa ayo matara twababwiye hejuru, ahasigaye hotwara amafaranga y’amarundi imiriyoni 198.
Amezi 7 gusa kugira igisagara cose gikwizwemwo ayo matara …
Kugira umugambi nk’uwo urangurwe mu gisagara cose, buri wese abishoboye kandi abishaka arashobora guterera. Uwatanguye kubikora mu Nyakabiga, atashimye ko tumuvuga izina, ati: « Jewe uburyo bunkundiye nzokwakiriza n’ayandi mabarabara. » Ku rundi ruhande naho ati: « Abobishobora nkanje ni benshi, ni ahabo ho kurabira ku karorero kanje. »
Mbega uburongozi bw’igisagara ca Bujumbura bwo bushobora guterera iki? Ku wa 9 Ndamukiza, Ubushikirangaji mu vyo bujejwe harimwo iterambere bwaratangaje ibiharuro vy’amakori n’amatagisi yiyongereye ku yasanzwe atozwa n’amakomine mu gihugu cose. Ibiharuro vyatororokanijwe mu gikorwa citiriwe « Ukwezi gahinyuza mw’itozwa ry’amakori n’amatagisi y’amakomine » vyerekana ko mu makomine atatu agize igisagara ca Bujumbura hashoboye kwiyongera amafaranga y’amarundi arenga imiriyoni 607 hagereranijwe amakori y’ukwezi kwa gatatu kw’umwaka wa 2021 hamwe n’ukw’umwaka wa 2020.
Ari mu Kayanza mu nama ivyo biharuro vyatangarijwemwo, Umushikirangaji Gervais Ndirakobuca yagize ati. « Ayo mafaranga arenga ku yari asanzwe atozwa ntagenewe kuzoca ashirwa mu mafaranga amakomine asanzwe akoresha, ahubwo ni ukuyakoresha mw’itunganywa ry’imigambi y’iterambere isanzwe yarateguwe n’amakomine. »
Dufatiye ku biharuro twatoye hejuru, dusanga uburyo bwokwubaka amatara ku mabarabara mu mazone 13 agize igisagara ca Bujumbura bungana amafaranga y’amarundi yababa imiriyaridi 4, mu gihe buri zone yoba angana na Nyakabiga.
Kugira igisagara ciza, kirangwamwo umuco mw’ijoro ntawe bitohimbara. Mu gihe umusesekara w’amakori n’amatagisi wabonetse mu kwezi kwa gatatu guheze utogabanuka, uburongozi bw’igisagara ca Bujumbura bugaheza bukawukoresha muri ico gikorwa co kwubaka ayo matara, kuronka uburyo uwo mugambi wotwara vyosaba amezi 7 yonyene.




