Ibitigiri vy’abanyeshure biri hejuru mu mashure bituma abana biga bicaranyeko ku ntebe, kandi ntibakurikire neza umwigisha. Hari abana usanga bisinziririye mu gihe c’ivyigwa, abandi bagasiba mw’ishure umwigisha ntabimenye ngo abakurikiranire hafi.
Mu ntara ya Gitega, abana barahimirizwa kwiga nk’uko biri n’ahandi hose. Kandi akamo baterwa barakitabira kuko bibonekera mu birasi bahuriramwo baje kwiga. Ibitigiri vyabo usanga ari umurengera. Kwicara, ahenshi bahurira ku ntebe 1 batari musi y’abana 3. Ivyo bigatuma abigisha basanzwe atari n’abenshi mu mashure bibagora gukurikirana neza abo bana kugira bose bashikirwe n’akanovera k’inyigisho zitangwa.Kw’ishure shingiro Musinzira II riri mu buyobozi bw’indero bwa komine Gitega, hari abanyeshure 914. Manirambona Protais umwigisha mwunganizi w’umuyobozi kuri iryo shure, amenyesha ko bahanzwe n’ikibazo c’ubwinshi bwa banyeshure biga mu wa mbere mu wa kabiri hamwe no mu w’indwi bataronka intebe bicarako. Muri ivyo birasi, abanyeshure bicara ku ntebe 1 ari 4 canke barenga. Uwo mwigisha mwunganizi avuga ko n’abigisha bibagora gukurikirana abanyeshure babo. Agira ati: «Ugira gutya mu gihe uba uriko urigisha, ukabona abana biyicariye musi y’intebe, abariko baragwana baryana inzara, abisinziririye, … tutirengagije n’abasiba ntitubimenye kuko ata kibanza umunyeshure agira yicaramwo, babitanguranwa bivanye n’abatanze abandi gushika.»
Mu Ruyigi hari aho ibirasi birengerwa…
Ibitigiri vy’abanyeshure batangura amashure mu Ruyigi biri hejuru. Utwigoro Reta y’Uburundi ikora two kwubaka amashure, gutanga abigisha hamwe n’ibikenewe kugira abanyeshure bige mu buryo butuma baronka inyigisho z’akanovera har’aho turengerwa. Ivyo vyose rero ngo vyoba bituruka ku rugero rw’umurindi wo kuvyara rwibonekeza mu miryango rwoba ari runini. Bishikirizwa na Dénis Irabembereza umuyobozi w’indero ajejwe abakozi muri iyo ntara.Hari aho ibirasi birengerwa. Kw’ishure shingiro rya Kabuyenge riri muri komine Gisuru, barahevye bagira Kabuyenge I na Kabuyenge II. Muri uwu mwaka w’ishure wa 2020-2021, ngo bagiye kwikebuka basanga mu mwaka wa mbere gusa, bafise abanyeshure barenga 400. Umuyobozi kw’iryo shure akamenyesha ko umwigisha ashobora gukurikirana abanyeshure barenga 100. Mbere ngo barahevye babashira mu migwi na yo irarengerwa kugeza n’aho bariko bariyumvira ko bokwigisha igitondo n’ikigoroba. Amenyesha kandi ko ubwinshi bw’abanyeshure bujana n’ubukene bw’intebe kuko n’izo baba bafise usanga ziguma zivunagurika.
I Karusi ho … ?
Umuyobozi w’indero ajejwe abakozi mu ntara ya Karusi Gérard Ninziza, avuga ko muri rusangi bafise ikibazo c’intebe. Ariko ngo baguma bagirana inama n’abavyeyi baraba uko bokwiyungunganya bagakoresha izo baba bafise zononekaye. Patrice Nahimana umuyobozi w’ishure shingiro Kigoma, avuga ko bahanzwe n’ubukene bw’intebe. Kuva mu mwaka wa 2008 iryo shure ryugururwa, ngo intebe ryatanguranye n’ubu ni zo rigifise. Zirononekara, zikanyagabuka, ubuyobozi bw’ishure akaba aribwo buguma buzisanuza. N’ubwo iryo shure rifise ibirasi 6 gusa ririmwo abanyeshure 496, abo na bo bakaba bicara ari 3 ku ntebe. Uwo muyobozi avuga ko bafise n’ikibazo c’aho abanyeshure barangiza umwaka wa gatandatu babandaniriza kuko gushika ubu, abaheza uwo mwaka wa gatandatu baca barungikwa ku yandi mashure. Agasaba rero ko abobishobora bomufasha kuhubaka ibirasi bishika mu mwaka w’icenda.Muri rusangi, ikibazo c’igwirirana ry’abanyeshure ku mashure ni co gituma ubukene bw’intebe bwibonekeza, ibirasi bigakeha, abigisha bakarengerwa eka mbere n’abana ntibategere neza ivyigwa kuko baguma basamara mw’ishure, bagasiba, …




