Jimbere

ikirundi French English
INDERO

Mu Burundi, ku mashure atari make haracibonekeza ubukene bw’abigisha

Umwaka w’ishure wa 2020-2021 uri mu gice cawo ca mbere. Abanyeshure co kimwe n’abigisha bari ku kivi. Ariko n’ubwo biri ukwo, intara zitari zike mu Burundi ziravugwamwo ikibazo c’ubuke bw’abigisha, ubwinshi bw’abanyeshure n’ibindi. Uruganda Jimbere rwarishikiye mu ntara ya Gitega, Ruyigi na Karusi.

Mu bisanzwe, ngo umwigisha agenewe kwigisha amasaha 18 ku ndwi. Ariko hari aho usanga abigisha barenza amasaha 24 ku ndwi. Kandi ngo kugira umwigisha yumve ko ariko arigisha yongera akurikirana abanyeshure neza, ngo nuko aba ari mw’ishure ritarenza abana 50. Mugabo ku mashure menshi umwigisha 1 arashobora kuba afise umugwi urimwo abanyeshure bashika 100. Ivyo vyose bituruka ku buke bw’ibirasi n’abigisha ku mashure. Mu ntara ya Gitega, ubukene bw’abigisha butuma bikora ku bahejeje amashure batagira akazi. Tite Sinzo, umuyobozi w’indero ajejwe abakozi mu ntara ya Gitega amenyesha ko, gushika mu mpera z’umwaka w’ishure wa 2019-2020, bari bafise amashure shingiro 339 yigamwo abanyeshure 231.463. Abigisha bamaho (Enseignants à temps plein) bigisha muri ayo mashure bangana na 4524, abakutsakivi (vacateurs) 44, hamwe n’abakorerabushake (bénévoles) 426 baba barasahiriza kugira abanyeshure bo muri iyo ntara ntibarare umwaka w’ishure.Sinzo amenyesha kandi ko muri iyo ntara bafise amashure y’inyuma y’ishure shingiro angana na 126 yigamwo abanyeshure 18.634. Abigisha bamaho bahigisha ni 1.106, abakutsakivi 174 hamwe n’abakorerabushake 195. Uyo muyobozi ajejwe abakozi akishimira ko muri uwu mwaka w’ishure wa 2020-2021, baheruka kuronka abigisha bashasha 32 bo mu mashure shingiro, hamwe n’abandi 51 bo mu mashure y’inyuma y’ihure shingiro.

Mu ntara ya Ruyigi ho vyifashe gute?

Ku mitumba yose yo mu ntara ya Ruyigi hari amashure. Abigisha, Reta irabatanga nk’uko biri no mu zindi ntara n’ubwo bataba ari benshi cane. Mugabo ngo kubera umurindi w’abana batangura ku mashure ari munini, abigisha bararengerwa bakaba bake. Afatiye kuri roporo ya kozwe mu ntango z’umwaka w’ishure wa 2020-2021, Dénis Irabembereza umuyobozi w’indero ajejwe abakozi mu ntara ya Ruyigi avuga ko muri iyo ntara, hari amashure shingiro 246. Abanyeshure bayarimwo banganana 120.048 bagizwe n’abakobwa 59.992. Abarezi bahigisha ni 2581, ariko harimwo abakenyezi 2201.Uwo muyobozi ajejwe abakozi mu buyobozi bw’indero mu ntara ya Ruyigi anamenyesha kandi ko mu mashure y’inyuma y’ishure shingiro bafise amashure 48. Muriyo, abigisha ni 403 bagizwe n’abakenyezi 63. Abanyeshure bahiga ni 7649 harimwo abakobwa 3847. Dénis Irabembereza rero amenyesha ko muri uwu mwaka w’ishure wa 2020-2021 baronkejwe abigisha bashasha 41 mu gihe abigisha bashasha bari bakenewe muri iyo ntara bangana na 332.

N’i Karusi, abigisha ntibakwiye

Nta muntu n’umwe akurikirana amakuru y’indero atazi intara ya Karusi. Iyi, imaze imyaka 3 yikurikiranya mu kuba iya mbere mu bibazo vya Reta vyose ku rwego rw’igihugu. Kandi iri mu ntara zirimwo abanyeshure bake mu Burundi. Ariko, co kimwe n’ahandi, intara ya Karusi na yo ngo ntiyikwije ku bigisha. Gérard Ninziza, umuyobozi ajejwe abakozi mu buyobozi bw’indero mu ntara ya Karusi, amenyesha ko, ku birasi 1790 biri mu mashure shingiro 191 higamwo abanyeshure 130 617. Abigisha bigisha muri ivyo birasi bakaba bangana na 1781.Ku birasi 190 biri mu mashure 42 y’inyuma y’ishure shingiro, harimwo abanyeshure 7261 bigishwa n’abigisa 363. Gérard Ninziza akamenyesha ko, ku bigisha bose hamwe barenga 250 bari bakeneye muri iyo ntara, muri uyu mwaka w’ishure wa 2020-2021 baronse abigisaha bashasha 39 gusa.Abo bayobozi b’indero bajejwe abakozi mu ntara, bamenyesha ko, ikibazo c’igwirirana ry’abana bavuka mu ngo, ari co gituma ibitigiri vy’abana bandikwa ku mashure ku mwaka ku mwaka biba umurengera. Ivyo rero bigatuma n’abigisha baguma bakeha.

Sabikanya kuri
Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

To Top