Jimbere

ikirundi French English
INDERO

Isuku mu banyeshure : umuco ukwiye gutsimbatara

Mu gihe hari indwara nyishi zituruka kw’isuku rike, abanyeshure bo ku mashure yo mu Burundi, barahimirizwa gukora isuku aho biga no mu bibanza vy’ubwiherero. Eka baranahimirizwa gukaraba n’amazi meza n’isabune kenshi gashoboka mu ntumbero yo kwikingira ikiza Covid19.

Ku mashure atari make usanga ikibazo c’isuku ahanini gihagaze ku tuzu twa surwumwe. Aho udasanze ari duke tudashobora gukwira abana, usanga twaruzuye. Umunuko uva muri two ariwo ukwakira ukihegera. ikindi kibazo kenshi usanga gihagaze ku bukene bw’amazi canecane ku mashure ari mu mitumba, aho usanga ata mabomba ahari. Ariko naho ahenshi ivyo bibazo bihibonekeza, amashure aritunganya, akamenya ingene ahangana n’ikibazo c’isuku. I Gitega, kw’ishure shingiro Musinzira II, hari ikibazo c’utuzu twa surwumwe. Abahungu bafise akazu ka surwumwe karimwo udutoboro tw’umwanda mukuru 2 hamwe n’akaringoti k’umwanda muto 1. N’abakobwa ni uko nyene. Abanyeshure bamwebamwe bihagarika inyuma yatwo canke mu bitoke bihari. Ico ni ikibazo gikomeye. Ariko n’ubwo bimeze ukwo, abana barahimirizwa kwama bariko barasukura ico kibanza c’ubwiherero mu kuhakoropa, batibagiye no gukoropa mu birasi bigamwo. No kuri Lycée Notre Dame de la Sagesse i Gitega, abana co kimwe n’ishure baragerageza kwama bitwararika isuku mu mashure n’ahandi hose ikenewe. Iyo amazi acitse, ngo hari umuduga w’ishure ucuza kuvoma amazi akoreshwa mu guteka imfungurwa z’abanyeshure, mbere no mu mwanya atari uw’ivyigwa, iyo ata mazi ahari abana ngo baraja kuyivomera mu mwonga uhegereye. Gutyo bakama bashira mu ngiro umuco wo gukora isuku badashize inyuma gukaraba kenshi iminwe bakoresheje isabune n’amazi meza.

Baragerageza kwirinda Covid19 ku mashure

N’ubwo bitoroshe kubera ubwinshi bw’abanyeshure, ariko abanyeshure n’abigisha baragerageza kwitwararika gukaraba amazi meza n’isabune ku mwanya ku mwanya. Kwicara basize imetero hagati y’umwana n’uwundi canke gukina badakoranako n’ivyo bibagora kubera usanga ari benshi mu birasi. Kw’ishure shingiro Rutimbura riri mu Ruyigi, abana barakaraba imbere yuko binjira mw’ishure. Isabune ni ishure ryitunganya rikayigura hama abanyeshure bakaza barakaraba. Umuyobozi n’abigisha baragerageza kuguma bahimiriza abaregwa babo kudafata minenerwe uwo muco wo kwama bariko barisukura.

N’abanyeshure b’i Karusi, isuku ry’aho biga no kwitwararika amabwirizwa y’isuku mu ntumbero yo kwikingira indwara zituruka kw’isuku rike na Covid19 biri mu vyo bitwararika. Kukabankako amashirahamwe nka Unicef Burundi, Worldvision, Croix-Rouge na ActionAid baratanze ku mashure yo mu Burundi ibikoresho bigizwe n’indobo n’ingunguru zo kubikamwo amazi abana bazana, bakoresha mu bikorwa vy’isuku. Kw’ishure shingiro Kigoma riri i Karusi, nta mwana n’umwe yokwinjira mw’ishure adakaravye. Eka nta n’uwokora ku wundi mu gihe atakaravye iminwe n’amazi meza n’isabuni. Kandi isabuni ikoreshwa igurwa n’ubuyobozi bw’ishure. Rero haba ku mashure canke mu ngo, abanyeshure bahamagarirwa kubandanya bitwararika ikibazo c’isuku, kuko umunyeshure yiga neza mu gihe afise amagara meza.

Sabikanya kuri
Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

To Top