Kuva kuri uwu wa 19-20 Munyonyo 2020, umuserukizi wa UE Burundi afadikanije n’abaserukizi b’ibihugu vy’Ubudagi, Ububirigi, Ubufaransa hamwe n’Ubuhorande baragize urugendo mu ntara za Kayanza, Ngozi na Kirundo aho bariko barirabira irangurwa ry’ibikorwa y’imigambi indwi basanzwe bafata mu mugongo.
Nk’ukwo bishikirizwa na Claude Bochu, Umuserukizi w’ibihugu vyunze ubumwe bwa Buraya mu Burundi, imingambi bafashe mu mugongo ni indwi. Iyo na yo ijanye n’ugufungura neza, iterambere rirama mu benegihugu batobato, ubuyobozi bubereye hamwe n’ibijanye n’amagara y’abantu. Iyo migambi yose ikaba ishikira ubuzima bwose bw’igihugu, kandi ikaba yashizwemwo uburyo bw’amafaranga y’amanyaburaya arenga imiriyoni 35€. Abenegihugu bari muri iyo migambi ifashwe mu mugongo n’ubuserukizi bw’ibihugu vy’unze ubumwe vya Buraya bakaba bakenguruka cane, kuko bose bishimira iterambere bagezeko.
Auxfin ifasha abarimyi batobato mu buryo bwo kugwiza umwimbu
Turi i Nyabihanga mu ntara ya Kayanza. Abaserukira ibihugu vyunze ubumwe vya Buraya n’abo barikumwe bagendeye abarimyi bakoresha ubuhinga bwa none bita “agri coach” mu bijanye no kurima kijambere babifashijwemwo na Auxfin Burundi ifashwe mu mu ngongo n’Ubuhorande. Abo barimyi bakaba barahawe amaterefone « tablettes » bifashisha mu kugurirako imbuto zirobanuye, ivyo bita « SeedonlineBurundi ».
Sylvestre Kamwenubusa, umurimyi-mworozi w’i Nyabihanga, avuga ko biciye mu buhinga bakura muri Auxfin, umwimbu wiyongereye cane kubera ko imbuto bazironka vyoroshe kandi bakaronka izirobanuye. Eka mbere ngo baranungutse n’amakonti baziganirizako umusesekara uva ku vyo baba bimbuye.
Harabonetse abagwizambuto mu kibano ku bw’iyo migambi
Muri komine Gashikanwa iri mu ntara ya Ngozi. Abaserukizi b’ibihugu vyunze ubumwe vya Buraya mu Burundi barashitse ku kigo co kugwirizamwo imbuto zirobanuye c’i Sigi. Uwo mugambi wo kugwiza imbuto ukaba ufashwe mu mugongo na BMZ (Ubudagi) ugashirwa mu ngiro na Welt Hunger Hilfe iri kumwe na Fondation Stamm. Kuri ico kigo Claude Bizimana umugwizambuto waho arakenguruka ko bigiye vyinshi mu buryo bwokugwiza imbuto z’ibiharage, ibigori n’ibiraya. Ivyo bikaba vyatumye anungura imirima yahora arimiramwo aho yavuye ku mahegitari 4 agurirako ayandi 3 gutyo aba abaye amahegitari 7. Si ivyo gusa kuko hambavu y’inka 3 yahawe muri uwo mugambi kugira aze arakoresha amase yazo mu mirima, yaraguriyeko n’izindi 3 zikwira inka 6 kugira aronke ifumbire ikwiye.
Biciye mu mugambi Tubeho Neza ufashwe mu mugongo n’ubumwe bw’ibihugu vyunze ubumwe vya Buraya, muri komine Ntega ku musozi Rushubije baragendeye umugwizambuto w’akarorero Paul Miburo hamwe n’ihangari yo kubikamwo no kuguriramwo imbuto zirobanuye. Uwo mugwizambuto rero akaba aronsa abo mu kibano imbuto zirobanuye yongera abigisha akamaro ko kurima no kworora kijambere mu ntumbero yo kugwiza umwimbu.
N’ibisata bijanye n’amagara meza n’uburongozi bubereye vyarashigikiwe
Ufashwe mu mugongo n’ibihugu vyunze ubumwe vya Buraya (UE), Haratunganijweumugambi Twiteho Amagara ukorera mu Kayanza, i Ngozi na Cibitoke. Dr Celestin Congera umuyobozi ajwejwe amagara y’abantu mu ntara ya Kayanza, amenyesha ko biciye muri uwo mugambi, abaganga n’abaforoma baronkejwe inyigisho z’ingene bokwigisha urwaruka n’imiyaba ivyerekeye irondoka rijanye n’amagara meza, ingene abavyeyi bokwijukira umugambi wo kuvyara ku rugero, n’ibindi vyinshi. Mu ntumbero yo kworohereza abavyeyi bibaruka, harubatswe n’inyubakwa kw’ivuriro rito rya Kirundo hongera harashigwamwo ibikoresho bikenewe mu bijanye no kwakira abavyeyi bibaruka. Ivyo bikorwa bikaba vyafashwe mu mugongo n’ubuserukizi bw’ingoma y’Ububirigi mu Burundi.
Ku bijanye n’intwaro ibereye, muri komine Gashikanwa iri mu ntara ya Ngozi, abakenyezi bahurikiye mu mugambi Mukenyezi Urashoboye ufashwe mu mugongo n’ubuserukizi bw’Ubufaransa mu Burundi, barakenguruka intambwe bagezeko. Solange Inamahoro ahurikiye muri uwo mugambi amenyesha ko biciye muri Mukenyezi urashoboye, abakenyenzi n’abigeme bariko barajijuka, barondera ku gira ijambo aho babaye.
I Vumbi iri mu ntara ya Kirundo, biciye mu mugambi “Every voice counts” (Ijwi ryose rirakenewe) wa Care Burundi ufashwe mu mugongo n’ingoma y’Ubuhorande, na ho nyene abahurikiye muri uwo mugambi barinovora akanovera k’inyigisho bawukuyemwo. Kapitorina kanyange umwe mu bari muri uwo mugambi avuga ko abigeme n’abakenyezi bahimirizwa kwijukira kugira uruhara mu bibanza bijanye no gufata ingingo, bahereye mu ngo, mu kibano no mu ntwaro. Ivyo rero bakaba barabishitseko.




