Jimbere

ikirundi French English
Itororokanirizo ry'ivyatohojwe

Gusiga inzara: akazi kiharijwe n’abahungu kandi gasaba ukwihangana

Mu bibanza bitari bike bikorerwamwo akazi ko gusigira irangi (verni) no kwomekera abakobwa inzara usanga hakorera abahungu. Kandi, ivyo bibanza usanga ari na vyo bihurumbirwa n’abakiriya gusumba ibikoreramwo abakobwa. None biva kuki?

Médiatrice ni umunyeshure yiga muri kaminuza imwe iri mu gisagara ca Bujumbura. Uwu mwigeme, ngo akavereni ntikamugwa nabi ku nzara. Kukabankako, gushaza ku mubiri ngo biri mu vyo yitwararika cane kugira agume aboneka neza. Na yo ku bijanye n’abo akunda gushorera, uwu mwana w’abakobwa avuga atarya umunwa ko atoja ahakorera abakobwa abona ahari abahungu. Agira ati: «Abakobwa turasuzugurana. Kandi iyo umuhungu ariko arakwoza agukorakora mu kirenge, mu mano, mu ntoke, aguhindukiza ikiganza yongera aguhanagura, hari ukuntu nyene aheza wumva utanashaka, ukamengo yobandanya. Si co kimwe n’uko ari umukobwa yobikugirira. »

Eka na Evelyne umugore aba mu Bwiza avuga ko, kubera abahungu banka ko umukobwa abacishamwo ijisho, abagaye, iyo bariko babasigira inzara canke babomekako izindi babikora bitonze gutyo bakabikora neza. Rero ngo babasigira irangi neza kandi rikamarako iminsi itari mike ritaravako. Ni yo mpamvu kenshi ngo bitura abahungu kuko umukobwa iyo bamutumbereye abakorera abikura.

Akazi kagoye kandi gasaba kwihangana

*Kabura (izina ryahinduwe) ni umusore akora akazi ko gusiga no “kubandikira” abagore inzara. Uwu avuga ko, ako kazi karuhisha kandi gasaba ukwihangana. Agira ati: « Twama twahuye n’ibigeragezo vyinshi. Udahuye n’ico gutukwa, uhura n’ico amajipo magufi. Hari nk’igihe haza umukiriya ngo tumukore. Akaza acafuye nko ku maguru, afise inzara zikomeye, ibirenge binuka, agwaye ibimeme, tukarinda kumwoza. Iyo haje uwukaze rero tukamusukako amazi nabi, aca atangura kudutuka. Hari n’igihe urwara turushirako nabi canke tugasiga irangi ryishi canke rike ntirifate neza rigaca rivako, induru ngizo».

Uwo musore avuga ko ibibazo bitari mu gutukwa gusa. Nk’iyo uwusiga aba adafise umutima wihangana, hakaza abakiriya bambaye utujipo canke udukanzu dusamaza, ngo ashobora guheza kumusigira ku maguru yagwaye igikebu canke yangaje umutima kubera ugusamaza amaso. Hari igihe rero ngo vyandurukiramwo ubugenzi, n’inomero z’aterefone bagahana akanduruka aza aramusanga muhira ku musigira.

N’ingaruka mbi ziterwa no gusiga irangi canke kumadika inzara ntizibuze

Naho abantu b’igitsina gore bahurumbira kwomeka inzara ku zobasanganywe no kuzisiga amarangi, muganga Mupera yanonosoye ibijanye n’ingwara zifatira ku nzara (Dermatologue), avuga ko bifise ingaruka mbi. Bishobora gutuma inzara z’uwabishizeko zizuka ku ntoke akamera nk’uwagwaye amavunja. Anamenyesha kandi ko, uko umuntu agenda aramenyera inzara zomekerewe, ari na ko izo asanganganywe zigenda ziroroha kuburyo ziguma zivungagurika ntizibe zikimeze neza. Uwo muganga akavuga ko uwagize ikibazo giturutse kuri ivyo vy’amarangi no kumadika inzara, bamuha imiti, hama bakamuhanura kubiheba.

Mwomenya rero ko irangi (Vernis) ridasigwa kumwe kandi ritagurwa kumwe. Iry’amazi rirazimvye gusumba irisanzwe, kandi n’ibiciro barisigirako biratandukanye bivanye n’ahantu. Ariko irangi rihurumbirwa, n’iry’ibara ritukura canke iry’agahama «rouge bordeaux».

Sabikanya kuri
Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

To Top