Jimbere

ikirundi French English
INDERO

Umufungo w’amadorari 1.600.000 wakoreshejwe mu bikoresho vy’ishure ku rwaruka rw’Uburundi

Mu gihe umwaka wishure watanguzwa numushikiranganji windero kuri uyu wa mbere kw’ishure ry‘akarorero ryo mu Rusengo, mu ntara ya Ruyigi, kari n’akaryo ko gutanguza icese ku ncuro ya 3 umugambi «Back to School», w’ishirahamwe mpuzamakungu Unicef. Akaryo ko kugaruka kuvyaranze uwo munsi

Umunezero wari mwinshi haba ku banyeshure, ku bayobozi no ku banyaruyigi bose bari basidukanye n’iyonka ku kibuga c’ishure ry’akarorero rya Rusengo. Bashigikiye icapa kiriko icivugo c’umunsi canditseko «Twijukire amashure y’ubuhinga n’imyuga vyo nkingi y’iterambere rirama, twongere duharanire akanovera k’indero y’urwaruka bwo Burundi bw’ejo», akanyamuneza karasomeka ku maso y’urwaruka rugiye gutangura umwaka w’ishure, ubona ko bari baniteguriye kuronswa ibikoresho bagiye gutondana mw’isomero.

Mw’ijambo ryiwe, umushikiranganji w’indero, Gaspard Banyankimbona, yashikirije ko bagiye gukora ugushoboka kwose kugira uyu mwaka w’ishure utanguye uzogende neza gusumba iyimaze kurangira. Agira ati: «Uyu mwaka ugiye kurangwamwo impinduka zimwe zimwe, nko gukora cane mu gisata c’imyuga, kugira ngo urwaruka rwijukire kwiga rufise mu mutwe kwikorera ivyarwo no kuba imboneza mu vyo bazokora». Umushikiranganji Banyankimbona ashikiriza ko intumbero ari ukwo buri mwana w’umurundi, nimiburiburi yoshika mu mwaka w’icenda, ikibazo ca Reta “concours National” kimunaniye agashobora kuronswa ubumenyi bw’umwuga womubeshaho, we n’umuryango wiwe muri kazoza. Yarongeye arashimikira ku bavyeyi ngo bajane urwaruka rwose kw’ishure, na cane cane abana bagendana ubumuga, bo bakunze kwibagirwa, hamwe n’abigeme bayacira hagati. Ku cerekeye abigisha, umushikiranganji aramenyesha ko bongerejwe ku rugero rushimishije, kandi ko bibaye ngombwa bazokwikora ku abakorerabushake, n’abakutsakivi.

???? Mu ntumbero yo guhamagarira abanyeshure gusubira kw’ishure no kurigumamwo, ibikoresho vy’ishure birenga umuriyoni ni…

Publiée par JimbereMagazine sur Lundi 7 septembre 2020

Ibikoresho vya nkenegwa vyaratanzwe

N’ubwo umushikiranganji w’indero afise imigambi igiye gukorerwa mu gisata atwara, vyose ntivyokunda mu gihe abanyeshure n’abarimu boba badafise ibikoresho bikwiye. Aho rero ni ho ishirahamwe Unicef ryitaho ineza y’urwaruka rica ritanga intererano yaryo. Mbere bikaba vyamaze kuba nk’umugenzo. Umugambi «back to school», uhimiriza urwaruka kuja mw’isomero, kugumayo, no kuronka amanota n’indero nziza, uri ku ncuro yawo ya 3, ku bufasha bw’ibanki y’isi yose.

Kuri uyu mwaka, inoti igera ku 1.600.000 y’amadorari y’amanyamerika ni yo yashizwe ku meza ngo akoreshwe kugira urwaruka rw’igihugu ruronswe ibikoresho vy’ishure, n’abigisha na bo nyene bakaronswa ibitabo hamwe n’ibindi bikoresho vya nkenerwa.

Mu kubigabangana, habanje kurabwa intara zisinzikajwe n’iheba ry’ishure ku murindi munini, bivuye ahanini ku bukene buri mu miryango. Intara ziza imbere na zo ni Muyinga, Ruyigi, Kirundo, Rumonge, Makamba na Cankuzo. Abanyeshure bose biga mu mashure shingiro bo muri izo ntara bakazoronswa ibikoresho vy’ishure bigizwe n’amakaye, amakaramu, uducamurongo, n’ibindi.

Hambavu y’abo, n’izindi ntara ntizibagiwe. Mu gihugu cose, mu ntara 18, abarimu bariko bararonswa ibikoresho vya nkengwa. Muri rusangi, ibirasi bigera kuri 41,639 biriko bironswa ibikoresho bigizwe n’ingwa, amakaramu, uducamurongo, amasaha, amaradiyo, amakaye manini manini (registres), ibibaho vyo kwandikako, amakarata, n’ibindi. Abariko bararonswa ivyo bikoresho rero bakaba baharugwa mu banyeshure barenga umuriyoni, hamwe n’abarimu bashika 200.0000.

John Agbor aserukira Unicef mu Burundi ashikiriza ko intumbero ari iyo gusahiriza abavyeyi kugirango abanyeshure bashobore kwiga bamerewe neza, n’abarezi bashobore gutanga ubumenyi bafise vya ngombwa bikwiye.

Mu ntumbero yo gushimira urwaruka rwabaye urwa mbere mu kibazo co mu mwaka w’icenda, no mu guha intege abandi banyeshure, batanu ba mbere barahawe ubushimwe n’ishirahamwe hope design, bugizwe n’agafaranga hamwe n’ibikoresho vy’ishure. Abo bana bose bakaba biga mu mashure y’akarorero. Nabo ni aba bakurikira: Nitunga Wilson (ishure ry’akarorero rya Ngagara, yaronse 194/200); Bigirimana Jimmy (ishure ry’akarorero ryo ku Musenyi, yaronse 193/200); Akumuhana Douce Gracieuse (ishure ry’akarorero ry’ i Makamba, yaronse 192/200); Ishemezwe Cristale (ishure ry’akarorero rya Matana, yaronse 192/20) Nimubona David; (ishure ry’akarorero ryo mu Rusengo, yaronse 191/200)

Sabikanya kuri
Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

To Top