Urwego rwa Reta ODECA rujejwe kunagura igisata c’ikawa, rukukira Ubushikiranaganji bw’Uburimyi, Ubworozi n’Ibidukikije rugiye kwama rurungika abahinga barwo bafashanya n’abakorera mu gisata c’ikawa bose kugira ngo uburyo Reta iba yashize muri ico gisata c’ikawa, haba mu bijanye no gukurikirana ico giterwa mu mirima, gufumbira, imiti y’ugupompa no mu buhinga bwo kuyirima, ntibupfe ubusa. Gutyo umwimbu n’akanovera kayo vyiyongere.
Barangunzwa Aloys, umurimyi w’ikawa wo muri komine Rutegama, iri mu ntara ya Muramvya, arishimira cane amafaranga asigaye akura muri ico giterwa bivuye ku kuba agendera impanuro ahabwa n’abafundi bakorera muri ico gisata. Agira ati: « Umuntu arashobora kuronka nk’ibihumbi birenga ijana yiyamuriye ku giti akikenura atarinze gushora ibintu vyo mu nzu ». Ariko n’ubwo biri ukwo, uwo murimyi anamenyesha ko bahura n’ingorane yo kutaronka neza umwavu wo gushira mw’ikawa yabo. Mbere icipfuzo ciwe kikaba ari uko abajejwe ico gisata bobagwiriza ifumbire kandi bakayibaronsa ku gihe.
Niyungeko Emmanuel, arongoye Urwego ODECA, avuga ko kuronsa abarimyi umwavu ushirwa mu giterwa c’ikawa biri mu mwitwarariko wa Reta. Aranemeza ko mu myaka iheze abanyagihugu batahora baronka umwavu vyoroshe, canke naho bawurose, ugasanga ntibawukoresheje ivyo bategerezwa kuwukoresha. Ubu rero agahamagarira abarimyi ko umwavu buca utangwa kugira bafumbire ico giterwa wokoreshwa ico wagenewe ku gira akanovera n’umwimbu w’ikawa bibandanye vyiyongera.
Mbere Niyungeko Emmanuel anamenyesha ko mu ntumbero yo kugwiza ifumbire, hari n’ubushakashatsi bwatanguye gukorwa kugira barabe ingene hogwizwa umwavu hakoreshejwe ibishishwa vyo ku matonorero. Urwego ODECA rukaba ruriko rurafashanya n’ikigo FOMI kugira barabe ko ubwo bushakashatsi bwamaze gutangirwa intumbero n’ikigo ISABU bwoshobora kugirira akamaro igihugu, n’abarimyi b’ikawa.
Itegeko ryubahiriza umunsi wo kunagura igiterwa c’ikawa
Muri uwo mugambi nyene wo kunagura igiterwa c’ikawa, Niyungeko yamenyesheje kandi ko umushikiranganji ajejwe Uburimyi, hamwe n’Umushikiranganji ajejwe Intwaro yo hagati mu gihugu, bashizeho itegeko basinyiye hamwe rivuga neza ko umunsi wa kane ugira gatatu buri kwezi, ari umunsi wahariwe gukingira ibidukikije no gutunganya ibikorwa vyo mu bipimo vy’ikawa. Muri ico gihe rero, abafundi b’indimo bo ku mitumba, abagoronome bo mu makomine, ubuyobozi bw’uburimyi mu ntara, bafadikanije n’abajejwe ikigo ODECA, barikumwe n’abajejwe intwaro mu nzego zose umunsi, bategerezwa ku wuha agaciro karuta ako bahora baha iyindi minsi yose kugira bitwararike guteza imbere igiterwa c’ikawa kirumara mu muryango, no ku butunzi bw’igihugu.
Mwomenya rero ko ivyo vyashikirijwe kuri uwu wa 31 Myandagaro 2020, mu birori vyo gusozera isekeza ry’ihembwa ku barimyi bashoreye ikawa yabo ku matonorero muri iyi sizeni y’uwaka wa 2020-2021. Ibirori vyabereye kuri koperative Nyarunazi, iri muri komine Rutegama, mu ntara ya Muramvya, bitewe iteka na Emmanuel Niyungeko.




