Jimbere

ikirundi French English
AMAGARA

Covid-19 : « Ubwo izo barafu n’amazi bidandazwa mw’ibarabara vyo ntibizohava bidukwegera » ?

Muri iki gihe ikiza ca coronavirus gihagaritse umutima isi yose, n’Uburundi budasigaye inyuma haracibonekeza abantu batembereza  amazi mu dusashe canke mu bibuni, abandi amabarafu aho usanga abana bavuye ku mashure bagenda barazihanahana, umwe akura mu kanwa ahereza uwundi, ibigatera ubwoba benshi n’amakenga atibagiwe .

« …Urumva abana banje bavuye ku mashure usanga  barundaniye hamwe n’abandi bigana  batekeye udufaranga, bahanahana amabarafu, umwe anunuza yaheza agahereza mugenzi we ataco binona mu gihe ikiza ca coronavirus kiriko kirasasika inganda, ivyo bikantera ubwoba kuko abana bacu bazohava badukwegera ». Uwo ni Anne Marie yashikiriza amakenga yiwe aho we yagira ati : « izo barafu zirakwiye kuba zirabangirwa kudandazwa kuko ico kiza candukira cane biciye mu mate. Abo bana bo babikora ata co bicura kuko uwimye uwundi amubona nk’uwutakimukunda na we umwana wese ku bintu bisosa ukababa womwicirako ».

 Elvis we ati N’amazi agitemberezwa ku nzira atekeye mu tumwanya ateye amakenga. Muri karatiye Buyenzi eka n’ahandi, mu gisagara ca Bujumbura, imiduga yunguruza abantu iba igihagarara kw’ibaraba, abadandaje ayo mazi bashwabadukira rimwe bayacisha ku madirisha y’iyo miduga bati : « Ya mazi, ya mazi ». Hari abayakorako ntibagure, abandi bakayagura ariko igiteye impungenge cane ni uko ayo mazi aba asanzwe atekeye mu  tumwanya, uwuyaguze ayanywera muri ko nyene, ayanunuza.

Kuri ayo makenga yose muganga Benjamin Ndagijimana, umwe mu bagize umugwi ukurikirana ivy’ikiza ca Coronavirus amenyesha ko mu vy’ukuri  ivyo bishobora gutuma umugera wa covid-19 urandagata ariko akagaruka ahanini ku mabwirizwa yo gukaraba kenshi n’amazi meza n’isabuni, imbere n’inyuma yo gukora ku kintu canke ahantu n’izindi, nk’uko ubushikiranganji bw’amagara y’abantu budahengeshanya kuvyibutsa abarundi bose. Agira ati : « Bivanye n’ukuntu abantu  bamenyereye gupfukisha umunwa urushi iyo batsemuye canke bariko barakorora, baheza bagakora ku kintu canke ahantu bishobora gutuma abantu bawandukizanya  mu gihe ya mazi ari mu tumwanya yakozweko n’uwanduye,  uwundi agaca ayihereza anunuza nk’uko babigira».

Uwo muganga amenyesha kandi ko ukwo kuntu abana bahanahana ibarafu bishobora gutuma bandukizanya uwo mugera wa covid-19. Akongerako ati : « Nubwo washaka batoba bafise uwo mugera wa coronavirus, ivyo guhanahana amabarafu umwe ayikuye mu kanwa akayiha uwundi si vyiza kuko bashobora no kwandukizanya n’izindi ngwara zandukira biciye mu mate ».

Tubibutse ko ubushikiranganji bw’amagara y’abantu mu Burundi bwamenyesheje ko gushika kw’igenekerezo rya 5 Ruheshi 2020 abantu bari bamaze gupimwa umugera wa covid-19 bangana 1058, muri bo abagwayi bawutowe kuva mu kwezi kwa Ntwarante bangana  63, abari bamaze gukira 45, abari bakigwaye 29 hamwe rero n’umwe yitavye Imana.

Sabikanya kuri
Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

To Top