Jimbere

ikirundi French English
NGIZE NTI

Njebarikanuye: « Bigeme, musenge mukora »

Kuri uwu munsi w’Imana ushitse mu bihe vyiza vyo mw’ikarema, aho abakirisu bose bitegurira guhimbaza umunsi mukuru wa pasika, « Njeba » yahisemwo guhanura abo bigora gufatanya amasengesho n’ibikorwa.

Nishimwe mukundwa,

Ndagukeje kuba warakiriye Rurema nk’umwami n’umukiza mu buzima bwawe kandi ndakwipfurije amahirwe mw’ibanga wahisemwo. Ncuti nziza urazi ko jewe nawe twahora turi abagenzi bashika ariko kuva aho uhinduriye ingendo ugashira umutima wawe wose ku masengesho hari vyinshi vyagiye birahinduka.

Nishimwe, mwigeme mwiza twarukanye, utarizizirwa cane n’amasengesho ya buri munsi urazi ko wakora udukorwa twinshi two muhira ugahimbara abavyeyi. Mama wawe aho yaba ari hose nta mutima wasimba kuko yaba azi ko muhira hari umuzezwanzu atunganya ivyo mu rugo. Ndibuka ukuntu so wawe yakunda kwama ariko aragutaka amashurwe mu bantu ngo yavyaye umwana atarera amaboko azogira ico yimarira mu buzima. kukaba nkanko ibikorwa vyawe vyarigaragaza mu kibano hose.

Si ugushikuza. Mukundwa, aha ubona twese abahungu bo mu kibano ubwa mbere waratambuka tukagukurikiza amaso, ni ivyo wahora wibonera. Umwe wese yaripfuza ko womubera umufasha kubera ibikorwa vyiza twakubonako. Twabona ko uri umukobwa w’umwete arajwe ishinga no guteza imbere urugo. Ariko ubu siko tukubona. Ntituzi ko ari ugushira umutima wawe ku Mana canke ari uguhungira ibikorwa ku Mana.

Nishimwe, warahindutse. Abavyeyi bararira ntibakironka uwubategurira udufungurwa, ntibagira uwubahereza amazi, uwubarahurira agacanwa canke uwubafasha mutundi dukorwa. Barumunawe na basazawe barakwibagiye ngo ntibakikubona kuko usigaye wibera ku rusengero. Narumvise abo mu kibano bitwengera ngo usigaye uzindukira ku rusengero sakumi z’igitondo ugasenga ntuheze, waheza naho ukigumirayo bikanka ko utaha.

Ncuti yanje, gusenga ni vyiza. Ariko wibuke n’ibikorwa vy’iterambere vy’aho ubaye, ntiwiyibagize ko Imana ifasha uwifashije. Ntuzohendwe n’ubuto ngo wiyumvire yuko vyose Imana izobigusanza aho uri mu gihe utazoba wakoze. Ni ukuri kwose usenge wongere ukore ni ho Imana izokwumvira amasengesho yawe kandi ni na ho uzobonwa neza haba mu muryango no mu kibano. Ba sokuru barayamaze bati : « Usaba Imana wicaye mu mbari ikagusukako umunyota. »

Yari mwene Data Njebarikanuye      

Sabikanya kuri
Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

To Top