Iyo umukenyezi yibungenze akaza arava amaraso mu gihe arangura amabanga y’abubatse ahanurwa guca abihagarika kugira imbanyi ntiveyo canke ngo yandure indwara zifatira mu bihimba vy’irondoka nk’ama «infections». Na yo mu gihe yibarutse ngo abwirizwa kubanza kuruhuka gushika ku minsi 42 kugira abone kwongera guhindukirira umugabo. Ivyo bimenyeshwa na muganga Gilbert Nibitanga umuhinga mu bijanye n’irondoka(Gynécologue).
Mu Burundi haracari abagabo bapfa kurangura amabanga y’abubatse iyo abagore babo bibungenze canke bibarutse biturutse ku mico n’imigenzo y’abarundi ibahimiriza kuguma ku mugirwa wo gukurakuza (kurangura amabanga y’abubatse mu gihe umukenyezi yibungenze) ngo ni ho umwana ari mu nda yokura canke uwo gukanda umuvyeyi ngo bashaka ace akira ningonga iyo aheruka kwibaruka.
B.S wo mu ntara ya Kirundo, afise abana batanu. ku bijanya n’amabanga y’abubatse avuga ko umugore wiwe haba mu gihe yibungenze canke yibarutse adashobora kumusinzirana, ngo akira gusa kuba yiyumva atuguvu tumushoboza gutera akabariro. Kwiyumvira ko yoba ahohotera umugore wiwe ivyo ntubimubaze. Agira ati: « Jewe ntaraba umugabo nibaza ko umugore afise imbanyi atawumwabira, ariko rwanje acibungenga abakurambere bambwiye ko hageze ko ‘nkurakuza’ kugira umwana ari mu nda akure neza. Iwanje, umwana wa mbere yavukiye i muhira. Abavyeyi bitereye mu myaka ni bo bamuvyaje. Bukeye abo bamwibarukije baciye bantegeka gutera akabariro ko kumukanda kugira akire vuba. Rero ivyo kurangura amabanga y’abubatse biri mu mico yacu».
Naho biri ukwo K.E w’i Bubanza avuga ko n’ubwo ariko babitegekwa n’imico, kurangura amabanga mpuza bitsina bacibaruka, baba bariko barafatwa ku nguvu. Agira ati: «Jewe iyo bishitse mba shaka gucungura aho ndara gusa nay’ubundi mba ndiko ndakubagurwa».
Abahinga mu vy’irondoka bo babibona gute?
Muganga Gilbert Nibitanga wo mu kigo Vyaruheke kiri mu Kamenge, avuga ko ari vyiza ko umugore yibungenze yabirwa kuva agisama gushika yibaruke ariko akabikorana ubwitonzi n’ubuhinga butamubabaza ku nda. Ivyo akaba abivuga asigura yuko atari ugukurakuza ahubwo ari kubera ko mu ntanga (imbuto z’umugabo) harimwo ivyo bita «prostaglandines» zituma iyo umukenyezi yegereje kwibaruka ubwinjiriro bw’igitereko (Cole de l’utérus) coroha, ibise bikaza vyoroshe gutyo agashobora kwibaruka neza. Mu gihe umugore afise ikibazo naho co kuva amaraso mu gihe c’imibonano uwo muganga avuga ko igitereko kiba kiri hafi. Ku bw’ivyo icihutirwa ni uko yoca ayihagarika vuba na bwango kugira yirinde ko imbanyi ikoroka canke kwandura ama «infections».
Ku vyo benshi bita gukanda umuvyeyi, Muganga Nibitanga avuga ko ari bibi kuko umuvyeyi aheza kwibaruka arushe. Agira ati: « Acibaruka, igitereko kiba cuguruye, havamwo amaraso kandi aba yakomeretse. Kuryamana na we rero kuba ari ukumutoneka no kumukubagura. Mu buvuzi, tubaha imiti ibavura hama umugabo tukamubwira ko arindira umugore wiwe akaruhuka igihe kingana n’amayinga 6 ni ukuvuga iminsi 42».
Rero uwo muganga amenyesha ko abantu bohumuka bakavavanura n’imico n’imigenzo mwene iyo bakitura abaganga babinonosoye igihe cose bagize akababakira ku mabanga y’abubatse. Akemeza neza ko mu buvuzi ata na hamwe vyemewe ko umukenyezi yabirwa acibaruka kuko kumujaniranya vyotuma yanduriramwo ama «infections» canke agatwarira inda mu kiriri bigatuma haboneka abana b’intahekana.




