Jimbere

ikirundi French English
GUPAGASA

Kevin, umunyeshure abangikanya ishure no guhingura ifu y’ibijumbu

Mu ntumbero yo guteza imbere igiterwa c’ikijumbu mu gutanga isoko ku barimyi bahora barima bakabura aho bashorera, kwiha akazi no kugaha urundi rwaruka, Kevin Camus Niyonkuru yaratanguje umugambi wo guhingura ifu mu bijumbu ikorwamwo ubuyi, imikate, ibitumbura, ivyapati, ama-gateaux, n’ibindi.

N’akamwemwe kenshi, amatu y’ifu y’ibijumbu mu minwe, Kevin Niyonkuru w’imyaka 25 y’amavuka arishimira igikorwa co guhingura ifu mu bijumbu yatanguje kandi akizera ko kizomushikana kure kuko avuga ko atarota agihagarika. Uwo musore ni imvukira yo mu Ntara ya Cibitoke komine Buganda ku mutumba wa Ruhagarika. Emwe, ngo inyigisho zitandukanye zijanye no kwihigira akazi yagiye arajamwo ni zo zatumye yiyumvira uwo mugambi.

Umubajije igituma yahisemwo guhingura ifu mu giterwa c’ibijumbu agira ati: «Nimba ata vyo mwari muzi ikijumbu kirafasha kugabanya risques za Cancer. Rero burya, naho abarimyi babirima, abantu bamwebamwe baranka kurya ibijumbu ngo bitera ikirungurira. Ivyo ni vyo vyatumye ngira iciyumviro co kubihingura kugira abo banka ikirungurira bashobore kurya ikijumbu biciye mu mukate, igitumbura, ubuyi, n’ibindi bidatera ikirungurira, na ya ma-risques de cancer agabanuke ndetse n’ibindi vyiza biri mu kijumbu abantu bibashikeko».

Erega uwo mugambi wahavuye uja mungiro

Akabuwe n’ukuntu yabona abarimyi barima ibijumbu bakabura isoko kandi azi akamaro kavyo, mu ntango z’ukwezi kwa nyakanga 2018, Kevin yahavuye arondera urundi rwaruka 16 bishira hamwe kugira bahe agaciro ikijumbu. Mu ntango z’ukwezi kwa ntwarante 2019, ifu y’ibijumbu bahinguye bari bamaze kuyishikana kw’isoko.

Intango yama igoye buri igihe. Kevin agira ati: « Tugitangura twabanje guhura n’ikibazo co kubura umutahe hamwe n’ubukene bw’imashini zidufasha gushira mungiro uwo mugambi. Ariko kubera ko twari twavyiyemeje twarawutanguye maze dutangura twanikira ibijumbu ku zuba tutabona aho tuzokura imashine zo kubisya. Ariko ku bw’amahirwe, twahavuye tubona koperative ifise ibikoresho babuze ico babikoresha, baza kuturondera ngo dukorane, maze na twe duca turemera. Ubu ivyo bikoresho ni vyo dukoresha mu kurindira ko turonka ivyacu».

Hari n’ivyo Kevin asaba…

Kubera ko umuntu agirwa n’uwundi, Kevin arasaba ko umuntu wese afise umutima wo gufasha ko yobaterera agacumu k’ubumwe kugira bashobore gushitsa neza ihangiro bihaye, kuko kugeza ubu bafise ubushobozi bwo guhingura ibiro 300 gusa ku kwezi. Akabona ko nk’abobafashisha ibikoresho vyo guhingura ibijumbu, kumenyekanisha ivyo bahingura,kubongerereza umutahe ndetse n’abobaha ibikoresho vyo mu biro ngo boba bafashije bikomeye.

Uwo musore asanzwe ari n’umunyeshure kuri ENS mu gisata ca Genie Electrique mu mwaka wa 3 aranasaba urundi rwaruka kutarera amaboko no kutagaya akazi bitwaza ko abandi bobatwenga. Mbere aranavunira akagohe urunganwe rwiwe ko rutorindira kubanza guheza kwiga kaminuza kugira rutanguze imigambi, ahubwo nyabuna ko botangura bagifise utuguvu kandi bakagira umutima wo gukorera hamwe n’abandi.

Mwomenya rero ko Kevin Camus Niyonkuru amenyesha ko ifu bahingura igurwa amafaranga 2500 ku kiro, na yo uwutwara kuva ku biro 10 akayimuha ku 2000.

Sabikanya kuri
1 Comment

1 Comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

To Top