Amajambere arakaza. Ariko none burya kuyabangikanya n’ubuhinga kama ntivyoshoboka ? Dufatire ku mwuga wo kubumba. Uwowambika akandi karangi, ntiwohava utanga agafaranga gusumba ako baronka ubu ? N’abo bahinga bawo ari bo batwa bagasirimuka ? Mbega none abo gushigikira ico gikorwa ni bande ? Ni muri iyi nkuru.
Harabaye igihe aho umutwa yari yihagazeko kubw’umwuga wiwe wo kubumba. Ico gihe inkono cari igikoresho cifashishwa muri vyinshi haba mu kuvoma, guteka, kugemura eka no mu gushingura ibinyantete. Mu gucirira inkono, yarihagararako kuko yirukirwa na benshi, amasafuriya n’ibikurutu (bidons) bitaraza. Umutwa yarabumba ikiyiko, igikombe akaguterekeraho, isahani (umubehe) bikozwe mw’ibumba akaguhereza.
Harabaye igihe aho umutwa atasegerereza kuko yikora ku buhinga bwiwe, akikubita mw’isoko canke mu mihana n’inkono ziwe maze uwo munsi akabukura mu cibo. Ubu inkono si yo abonamwo ubuzima. None ko isi yavamwo ibumba, agasenyi ko gucanga na ryo akagatiyura aho inzuzi zagasheshe, umuriro wo guturira inkono ziwe ntumuzimbe, wumva yarakenye iki ?
Kutarima iwe nticari ikibazo kuko uwo ahaye inkono yamuha ikivumvu c’ibijumbu, yahura n’uwundi akamuhereza inaga nawe akamuha ubwishaza, akicara akaramvya ati : « Jewe mutwa ku mwuga wanje sinzogira ico nkena ». Erega n’abakozano (abatari abatwa ariko babumba) bamaze kubona ko harimwo imari yinyegeje mw’ibumba basigaye baniganira kubumba.
Umuzo w’abazungu warasubije inyuma ibikorwa vy’amaboko y’umutwa …
Icatera umutwa kwishigikira mbere kikamutungisha ku nguvu, kwari uko we yatanga ibikoresho bimeneka ningoga, gutyo bakama bamwituye. Ngayo rero amasafuriya, amabido, amasahani ya kizungu araje. Ivyo vyose umutwa arashoboye kubikora, mugabo ivyiwe birirabura kandi hejuru y’ivyo, bimeneka vuba (ariko kandi ndaguye ndagarutse, hari n’amasahani ya kizungu akorotse udatora).
Nuko rero ijambo ry’ibikorwa vya « Mutwa » riranizwe, umurundi yirukiye ibiramba (kandi nkako). Umusangwabutaka ntumubaze ivy’itongo kuko yahura n’isuka agiye kugazura ibumba, kanatsinda inzu zabo wasanga ziteye ha mwonga (aho ashobora kuronka amazi, ibumba, umusenyi wo kuvanga na ryo, vyoroshe).
Nahimana Makurata, umukenyezi w’umutwakazi apanze inzu mu kanyosha agira ati : « Jewe naho nirirwa ndasega impuzu mu mpangu z’abantu, ndafise umwuga wo kubumba inkono, ariko mfise ikibazo co kubura aho nkura ibumba eka n’isoko nozishoramwo kuko iyisumbuye bahora bampa amafaranga 150 canke 200. Nanje rero nkabiraba hasi hejuru nkasanga sinoronka ico ngaburira abana. Ni yo mpamvu navuye i Gitega iwacu muri Bugendana nza gusegerereza. Iyo ndonse uduhuzu, tumwe ndadushira abana, utundi nkatudandaza kugira ndonke akarasiyo ».
Hari ikiriko kirakorwa kugira ngo uwo mwuga ugarukirwe ?
Honorable Nengo Salvator aserukira ishirahamwe ry’abatwa Uniproba, amenyesha ko uwo mwuga wabo azi inyungu zawo na cane cane ko abatwakazi bawuronkamwo ikirirenza. Hamwe n’ivyo akavuga ko amaze kubiyaga n’umushikiranganji ajejwe ibidukikije, uburimyi n’ubworozi kugira ngo itegeko rihari ryaje rihagarika ibikorwa vy’ukwimba ibumba riryinjiza mu mugwi w’ubutare, ryirwe gushasha.
Honorable Salvator we akabona ko naho atawoba akivoma mu nkono, ngo hoboneka abahinga bofasha abatwa mu kubaronsa inyigisho zo guhingura ibikoresho bigezweho bikorwa mw’ibumba ari nk’amasahani, ibikombe, inkono zo gushariza n’ibindi, ngo abatwakazi na bo botuburura.




